Publicidade

2 Tessalonicenses 2

Kudahagarikwa imitima no kugaruka kwa Yesu

1 Bene Data, ku vyerekeye ukugaruka kw’Umwami wacu Yesu Kristo hamwe n’ingene tuzomusanganira tukabana na we, 2 turabinginze ngo ntimunyiganyige canke ngo muhagarike imitima kubera inyigisho womenga zivuye kuri twebwe, vyaba biciye mu buryo bwo kuvugishwa, canke amajambo canke ikete, bibabwira ko umusi w’Umwami wacu wamaze gushika. 3 Ntihagire uwubabesha mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoshika kugwanya Imana kutabanje kugaragara, kandi na wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, uwagenewe kuzoranduka. 4 Azokwishira hejuru yongere agwanye icitwa imana cose n’igisengwa cose. Mbere azokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyite Imana we nyene.

5 Mbega ntimwibuka ko nkiri kumwe namwe ibi nahora ndabibabwira? 6 Kandi murazi ko igitumye ataraza ubu, ari kugira ngo azohishurwe igihe gikwiye kigeze. 7 Kuko ubushobozi bw’umugararizo n’ubu buriko burakorera mw’ibanga, kandi buzoguma gutyo gushika ikimutangira kivuye mu nzira. 8 Aho ni ho wa muntu w’umugarariji azoca amenyekana, uwo Umwami Yesu azokwicisha impwemu zo mu kanwa kiwe, agasangangurwa n’ugukayangana kw’ukuza kwiwe. 9 Kuza kw’uwo mugarariji, kuzogaragazwa n’ibikorwa vya Satani, n’ubushobozi bwo gukora ibimyenyetso n’ibitangaza kugira ngo azimize abantu. 10 Azokoresha uruhendo rw’uburyo bwose kugira ngo azimize abariko baja mu mahonero, kuko banse gukunda no kwemera ukuri ari kwo kwari kubakiza. 11 Ni co gituma Imana ibarungikira ububasha bw’ubuzimire kugira ngo bemere ivyo binyoma, 12 hanyuma kubera yuko banse kwizera ukuri, ariko bakanezerererwa ikibi bazocirirwe urubanza.

Guhagarara dushikamye

13 Ariko birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, bene Data mukundwa n’Imana, kuko Imana yabatoranije ngo mube mu bantu ba mbere bakijijwe biciye mu gikorwa c’ukweza ca Mpwemu no mu kwizera ukuri. 14 Yabahamagariye agakiza biciye mu Butumwa Bwiza twababwiye, kugira ngo muzosangire ubwiza n’Umwami wacu Yesu Kristo.

15 None rero bene Data, mushikame, mwumire ku vyo twabigishije, haba mu majambo twababwiye canke mw’ikete twabandikiye.

16 Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, hamwe n’Imana Data wa twese batweretse urukundo ruhebuje, kandi ku bw’ubuntu baduha ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza. 17 Babaremeshe mu mitima yanyu bongere babahe inkomezi zo kwama mukora ivyiza mu bikorwa no mu majambo muvuga.

Veja também

Publicidade
2 Tessalonicenses
Ver todos os capítulos de 2 Tessalonicenses
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-