1 Mu kurangiza, bene Data, mudusengere kugira ngo Ubutumwa Bwiza bw’Umwami bwamamare ningoga kandi ijambo ryiwe ryubahwe nk’uko ryubashwe muri mwebwe. 2 Mudusengere kandi kugira ngo Imana idukize abanyakibi, kuko abantu bose si abizera. 3 Ariko Umwami ni umwizigirwa, azobakomeza yongere abarinde wa mubi. 4 Dufise ukwizera mu Mwami ko mukora kandi ko muzoshishikara mukora ivyo tubahanura. 5 Umwami arongorere imitima yanyu mu rukundo rw’Imana no mu kwihangana kuva kuri Kristo.
6 Bene Data, turabageze mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo mwirinde uwitwa mwene Data wese mugabo w’ikinebwe, atagendera mu nyigisho twabahaye. 7 Kuko mwebwe nyene murazi ingene mubwirizwa gukurikira akarorero twabahaye. Ntitwigeze tuba ibinebwe igihe twari kumwe namwe, 8 kandi nta we twigeze turira ivyokurya tutabimuguriye. Ahubwo twakora ijoro n’umurango, tukaruha, tukabira icuya kugira ngo ntihagire uwo turemera muri mwebwe. 9 Twari dufise uburenganzira bwo gufashwa namwe, ariko ntitwabikoze kuko twashaka kubabera akarorero mwokurikiza. 10 N’igihe twari kumwe namwe twamye tubaha icagezwe kivuga ngo: "Uwudashaka gukora no kurya ntakarye."
11 Twarumvise ko bamwe muri mwebwe ari ibinebwe. Bareka gukora ariko bakita mu bitabaraba. 12 Abo bantu turabategetse tubinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo ngo bame bakora kugira ngo babone kwibeshaho. 13 Namwe bene Data, ntimukadendebukirwe gukora ineza.
14 Mwitegereze neza uwo wese atumvira ivyo tubabwiye muri rino kete. Mwen’abo mubigire kure kugira ngo bitume bamaramara. 15 Ntimuze mubafate nk’abansi banyu, ariko mubaburire nk’abavukanyi.
16 Umwami w’amahoro we ubwiwe abahe amahoro ibihe vyose no mu buryo bwose. Umwami abane namwe.
17 Jewe Pawulo, ndabandikiye ndabatasha n’ukuboko kwanje, ni co kimenyetso cerekana ko amakete ari ayanje. Uku ni ko nandika.
18 Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.