Publicidade

2 Tessalonicenses 1

1 Twebwe Pawulo, Silasi na Timoteyo,

Turabandikiye mwebwe ishengero ry’i Tesalonike riri mu Mana Data no mu Mwami Yesu Kristo:

2 Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data no ku Mwami Yesu Kristo bibane namwe.

Ishimwe no gusenga

3 Bene Data, birabereye ko dushima Imana ku bwanyu, kuko ukwizera kwanyu kubandanya gukomera, kandi n’urukundo mugiriranira hagati yanyu na rwo rukaba ruguma rugwira. 4 Ni co gituma mu yandi mashengero y’Imana yose twama turiko twirata mwebwe, tubabwira ingene mwihangana, mugakomeza kwizera kandi muri mw’ihamwa n’ibindi bigeragezo muriko muracamwo.

5 Ivyo vyose ni ivyerekana ukuntu urubanza Imana ica ruba rubereye, kandi ingaruka nziza y’ivyo ni uko muzoharurwa nk’ababereye Ubwami bw’Imana, ubwo muriko murababarizwa. 6 Imana iragororotse: imibabaro abo bantu bose bariko barabateza, izoyibasubizako 7 yongere ihe akaruhuko mwebwe ubu muri muri iyo mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi. 8 Azohana abatazi Imana hamwe n’abanka kwumvira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu. 9 Bazohanishwa ugutabwa mu muriro udashira no gutandukanywa n’Umwami hamwe n’ubwiza n’ububasha vyiwe. 10 Kuri uwo musi, azoba aje guhimbazwa n’abera biwe, gutazirwa n’abazoba baramwizeye bose. Muri bo namwe murimwo, kuko mwizeye intahe twabashingiye.

11 Ni co gituma twama tubasengera, dusaba Imana ngo ibafashe kugira ubuzima buhwanye n’umuhamagaro wayo, kandi kugira ngo mu bubasha bwayo, ishitse intumbero nziza n’ibikorwa vyiza vyanyu vyose biva mu kwizera. 12 Dusenga gutyo kugira ngo izina ry’Umwami wacu rishirwe hejuru muri mwebwe, kandi namwe mushirwe hejuru muri we, ku bw’ubuntu bw’Imana yacu n’Umwami wacu Yesu Kristo.

Veja também

Publicidade
2 Tessalonicenses
Ver todos os capítulos de 2 Tessalonicenses
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-