Publicidade

1 Timóteo 1

1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,

2 Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera:

Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.

Ukwirinda inyigisho z’ibinyoma

3 Igihe naja i Makedoniya nagusavye ko woguma muri Efeso kugira ngo uteshe abigisha inyigisho z’ibinyoma ntibasubire kuzigisha, 4 canke ngo bateshe umwanya abantu mu vy’imigani myinshi n’urukurikirane rudahera rwa ba sekuruza. Ivyo bizana impari, aho gufasha mu gikorwa c’Imana co gukiza, twamenye biciye mu kwizera. 5 Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera kuzima. 6 Ivyo bamwe barabihushije, baja mu mpari zitagira ikimazi. 7 Bagomba kwigira abigisha bubashwe b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga naho babikora bashize amanga rwose.

8 Turazi ko ivyagezwe ari vyiza iyo umuntu abikoresheje neza. 9 Kandi turazi ko ivyagezwe bitashiriweho abagororotsi, ariko vyashiriweho abarenga amategeko, abagarariji, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abiyanduza n’abadasonera ivy’Imana canke ivyejejwe, abica ba se canke ba nyina, abicanyi muri rusangi, 10 abasambanyi b’uburyo bwose, abasambana n’abafise ibitsina bisa n’ivyabo, abadandaza abagurano, ababeshi, abarahira nabi, canke abakora ibindi vyose bidahwanye n’inyigisho z’ukuri 11 ziri mu Butumwa Bwiza buvuga ubwiza bw’Imana ibereye guhezagirwa, ubwo najejwe.

Ubuntu Pawulo yagiriwe

12 Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi zo gukora igikorwa ciwe, kandi ko yabonye ko ndi uwo kwizigirwa, akanzeza ibikorwa vyiwe. 13 Naho nabanje kumutuka, ngahama Ishengero ryiwe, nkaba inkozi y’ikibi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, kubwo kutizera. 14 Ubuntu bw’Umwami wacu bwansutsweko bugwiriye, nuzura ukwizera n’urukundo biri muri Kristo Yesu.

15 Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, kandi muri abo mboneka ndi mubi kurusha bose. 16 Ariko Imana yangiriye ubuntu kugira ngo kuri jewe, umunyavyaha arusha abandi bose ububi, Kristo Yesu anyerekanireko ukwihangana kwiwe kutagira iherezo, kugira ngo bibere akarorero abandi bose ko bashobora kumwizera bakaronka ubuzima budahera. 17 Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Imana ihoraho, Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.

Timoteyo asubira kuzezwa igikorwa

18 Timoteyo, mwana wanje, izi ni zo mpanuro ndaguhaye, mfatiye ku majambo yigeze kukuvugishwako, kugira ngo niwazikurikiza uze ugwane intambara nziza, 19 uzigamye neza ukwizera, ata jwi rikwagiriza mu mutima. Kuko bamwe baritaye n’ibigirankana, ukwizera kwabo kuba imburakimazi kumera nk’ubwato busavye. 20 Bamwe muri abo ni Humenayo na Alegizandere, abo nahaye Satani kugira ngo bibigishe kutongera gutuka Imana.

Veja também

Publicidade
1 Timóteo
Ver todos os capítulos de 1 Timóteo
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-