1 Ndakugira inama rero, imbere ya vyose, gusabira abantu bose, kubasengera, kubigingira wongera ushimira Imana ku bwa bo. 2 Usengere abami n’abari mu bibanza vyo gutegeka bose kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose. 3 Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana umukiza wacu, 4 kuko ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri. 5 Kuko hari Imana imwe, hakaba n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, uwo na we ni umuntu, Kristo Yesu. 6 Yatanze ubuzima bwiwe nk’incungu ku bantu bose. Ubu ni bwo butumwa Imana yatanze igihe cayo kigeze. 7 Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.
8 Abantu hose, nshaka ko abagabo baho basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, kandi batagira ibihari. 9 N’abagore na bo ndashaka ko bambara mu buryo bubereye. Bambare bikwize kandi baberwe, ariko ntibarondere kwiyerekana bafatiye ku kugene bakora imishatsi, kwambara inzahabu, amabuye y’agaciro canke impuzu z’igiciro kinini. 10 Ariko bashazishe ibikorwa vyiza, kuko ni vyo bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.
11 Abagore baze bige banumye, kandi berekana ukwubaha gukwiye. 12 Singomba ko abagore bigisha abagabo canke ngo babagirako ububasha. Nibumvirize banumye. 13 Kuko Adamu ari we yaremwe ubwa mbere, hanyuma haremwa Eva. 14 Kandi Adamu si we yahenzwe, umugore ni we yahenzwe, aca agwa mu caha. 15 Ariko abagore bazokirizwa mu kuvyara kwabo, nibaguma mu kwizera, mu rukundo, mu kwubaha Imana no mu kwicisha bugufi.