1 Iri jambo ni iryo kwizerwa: "Umuntu niyagomba kuba umurongozi w’Ishengero, azoba yipfuje igikorwa ciza." 2 Umurongozi akwiye kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, atekereje, aganza ingeso ziwe, yubahwa, yakira abantu, kandi ashoboye kwigisha, 3 atari imborerwa kandi adasinda, ariko afise ubugwaneza, adatera ibihari, kandi adakunda amahera. 4 Ategerezwa kuba uwushobora gutunganya urugo rwiwe, abana biwe bakamugamburukira kandi bakamusonera. 5 (Kuko uwudashoboye gutunganya urugo rwiwe, mbega yoshobora gutunganya Ishengero ry’Imana gute?) 6 Ategerezwa kuba atari umwana mu kwizera, ahandi ho yohava agwa mu caha c’ukwishira hejuru, akazocirirwa urubanza rumwe na Satani. 7 Ategerezwa kandi kuba avugwa neza n’abo hanze, kugira ngo ntagwe mu mugayo no mu mutego wa Satani.
8 N’abadiyakoni na bo ni uko nyene, bategerezwa kuba ari abantu bubashwe, b’imvugakuri, batavuga bongera bivuguruza, bataborerwa, kandi batirukira inyungu mbi. 9 Bategerezwa kandi kuba bazigamye neza ukuri kw’ukwizera, badafise ijwi ribagiriza mu mitima. 10 Bategerezwa kandi kubanza gusuzumwa, basanzwe ata mugayo, baheze bashirwe muri ico gikorwa c’ubudiyakoni.
11 Abagore na bo nyene bategerezwa kuba ari abagore bubashwe, batavuga nabi abandi. Bategerezwa kuganza ingeso zabo kandi bakaba abizigirwa muri vyose.
12 Umudiyakoni ategerezwa kuba umugabo afise umugore umwe, kandi ashoboye gutunganya abana biwe n’urugo rwiwe. 13 Abadiyakoni bazoba bakoze neza ibikorwa vyabo bazohabwa icubahiro, bazogira ugushira amanga mu kwizera bafise muri Kristo Yesu.
14 Naho nizeye ko ndi mukuza kukuraba vuba, ivyo ndabikwandikiye kugira ngo, 15 bishitse ngateba, abantu babe baramenya uko bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, aho Ishengero ry’Imana nzima rikoranira. Ni ryo nkingi n’urufatiro bishigikiye ukuri. 16 Ikirengeye ibintu vyose, umuntu yokwibaza, n’uko ibanga ry’ukwizera kwacu rihambaye cane:
Kristo yabonetse afise umubiri w’umuntu,
yemezwa na Mpwemu Yera kw’ari intungane,
abonwa n’abamarayika,
amenyekanishwa mu mahanga yose,
yizerwa n’abo mw’isi,
maze aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.