1 Ntugakankamire umutama, ariko umuhanure umwubashe nk’aho ari so. Abakiri bato ubafate nk’abo muvukana, 2 abatamakazi ubafate nk’abavyeyi bawe, abagore bakiri bato ubafate nka bashiki bawe, kandi ubikore mu kwera kwose.
3 Witeho abapfakazi batagira uwubaraba. 4 Ariko umupfakazi afise abana n’abuzukuru, bakwiye kubanza kwitwararika uwo muvyeyi, ni ho bazoba bamwishuye ivyo yabakoreye, kandi ivyo birahimbara Imana. 5 Umupfakazi atagira umuntu n’umwe amufasha, asigaye ari wenyene, ashira ivyizigiro vyiwe ku Mana, akama ayisenga ijoro n’umurango kugira ngo imufashe. 6 Ariko umupfakazi abayeho yinezereza gusa aba yarapfuye mu mpwemu n’aho yoba ari muzima mu mubiri. 7 Ivyo uzokwame uvyibutsa abantu, kugira ngo babeho batagira umugayo. 8 Umuntu n’atafasha umuryango wiwe na canecane abo mu nzu yiwe, aba yihakanye ukwizera kw’ukuri, kandi uwo aba ari inyuma y’uwutizera.
9 Umupfakazi akwiye kuja ku rutonde rw’abafashwa akwiye kuba arenza imyaka mirongo itandatu, akaba yarabaye umwizigirwa ku mugabo wiwe, 10 kandi akaba ashingirwa intahe ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza nko kurera neza abana, kwakira neza ingenzi i muhira iwe, kwoza ibirenge vy’abera, gufasha abari mu ngorane, ndetse akaba yariyeguriye gukora ibikorwa vyiza vy’ubwoko bwose.
11 Na yo abapfakaye bakiri bato, ntuzobashire kuri urwo rutonde. Kuko ukwipfuza kw’imibiri yabo kwohava kubarengera bakava mu kwiyegurira Kristo bakagomba kwongera kurongorwa. 12 Gutyo bakaba bikwegeye gutsindwa n’urubanza kuko baba barenze kw’isezerano ryabo rya mbere. 13 Ikindi ni uko bashobora kuba ibinebwe, bakama bayerera inzu ku nzu bavuga urusaku, bita mu bitabaraba bongera bavuga ivyo badakwiye kuvuga. 14 Nico gituma nipfuza ko abapfakazi bakiri bato basubira kurongorwa, bakavyara abana, bagatunganya ingo zabo. Ni ho umwansi wacu atazoronka ico abarega. 15 Mbere n’ubu bamwe muri bo baza baramaze guta umurongo bakurikira Satani.
16 Nimba hari umugore yizera atunze abapfakazi mu nzu iwe, nabe ari we abafasha ntibaremere Ishengero, ribone ingene rifasha abatagira uwubafasha n’umwe.
17 Abakuru b’Ishengero barirongoye neza bakwiye kwubahwa no guhabwa ibibatunga na canecane abakora igikorwa co kuvuga ubutumwa no kwigisha. 18 Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: "Ntimuze muzibire umunwa w’inka iriko irasekura ingano," kandi ngo: "Umukozi aberwa n’impembo." 19 Ntuze wumvirize ibirego bivugwa ku mukuru wo mw’Ishengero, kiretse bizanywe n’abantu babiri canke batatu. 20 Ariko abakuru baguma mu vyaha, uzobihanize ku mugaragaro imbere y’Ishengero kugira ngo abandi na bo babone gutinya. 21 Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana na Kristo Yesu n’imbere y’abamarayika batoranijwe ngo ukurikize ivyo ndakubwiye vyose udasize na kimwe, kandi ntuze wigere urobanura abantu ku butoni.
22 Ntuze wihutire na rimwe kurambika ibiganza ku bantu, ngo usange wifatanije n’abantu mu vyaha vyabo. Wame wejejwe.
23 Ntusubire kwama unywa amazi yonyene, uje uranywa umuvinyu mukeya ku bw’ingorane ufise mu nda, ukama ugwaragurika.
24 Ivyaha vya bamwebamwe biribonekeza n’imbere y’uko bajanwa mu rubanza. Ariko hari n’abandi ivyaha vyabo bimenyekana vyaratevye. 25 Muri ubwo buryo nyene, n’ibikorwa vyiza ni gutyo. Ibikorwa vyiza vya bamwebamwe biragaragara, ariko n’ibikorerwa mw’ibanga umusi umwe bizoja ahabona.