1 Mpwemu Yera abivuga atomoye ko mu misi yo mw’iherezo ry’ibihe abantu bamwe bazova mu kwizera kwabo bakurikire impwemu zibesha n’inyigisho ziva ku badayimoni. 2 Izo nyigisho zizoba zitangwa n’ababeshi bakaba n’indyarya, agatimanama kabo kamaze gupfa. 3 Bazoba babuza abantu kurongora, no kutarya imfungurwa zimwezimwe, izo Imana yaremye kugira ngo abizeye bakamenya ukuri bazifungure bashima. 4 Kubera ko ivyo Imana yaremye vyose ari vyiza ata gikwiye gutabwa, ahubo dukwiye kuvyakira dushima, 5 kuko tuzi ko vyezwa n’ijambo ry’Imana n’amasengesho.
6 Ivyo niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera yakira n’inyigisho nziza. 7 Wirinde impari ziva ku kutubaha Imana hamwe n’imigani y’abakecuru. Ahubwo wimenyereze kwubaha Imana. 8 Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza. 9 Iri jambo ni iry’ukuri, kandi ni iryo kwizigirwa. 10 Igituma dukora tukaruha, ni uko twizera Imana nzima, yo Mukiza w’abantu bose, na canecane w’abizera.
11 Uze wame wigisha ivyo. 12 Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo, mu buryo ubayeho, mu rukundo, mu kwizera, no mu kwezwa. 13 Mu kurindira ko ndagushikira, witange mu gusomera abantu Ivyanditswe, kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha. 14 Ntufate minenegwe ingabire yawe, iyo wahawe biciye mu kuvugishwa, igihe warambikwako ibiganza n’abarongozi b’Ishengero.
15 Ugire umwete muri ivyo. Witangire igikorwa cawe n’umutima wawe wose, ni ho bose bazobona ugutera imbere kwawe. 16 Wame wiyubara ku buzima bwawe, no ku vyo wigisha. Ubigiremwo umwete, ni ho uzokiza ubuzima bwawe n’ubw’abakwumva.