1 Abari mu buja bamenye ko ba shebuja bakwiye icubahiro cose, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho zacu ntibitukwe. 2 Kandi abafise ba shebuja bizera Imana, nta mvo n’imwe yo kutabubaha kubera ko ari bene Data. Ahubwo bakwiye kurushirizaho kubakorera neza nka bene Data, kuko na bo bitaho ineza y’abo bari mu buja.
Ivyo bibe ari vyo uzohimiriza abantu. 3 Abigisha inyigisho zidahuye n’ivyo Umwami wacu Yesu Kristo yigishije ari vyo bizana ukugororoka, 4 baba buzuye ubwibone n’ukwishira hejuru n’ukubura ugutahura. Bafise impwemu yo kuvuga no guharira ku majambo. Ivyo nta kindi bizana atari ishari, ibihari, ibitutsi, ukwikekana, 5 hamwe n’uguterana amajambo bikunda kuba hagati y’abantu bazimiye mu bwenge, bataye ukuri, kandi bigira abagororotsi kugira ngo bashike ku nyungu zabo mbi.
6 Ariko ukugororoka n’uguhazwa n’ivyo umuntu afise bigira ikimazi kinini cane. 7 Kukaba nka ko, nta co twazanye kw’isi kandi nta co tuzojana tuyivuyeko. 8 Iyo turonse ivyo turya n’ivyo twambara, biba bidukwiye. 9 Abafise inyota nyinshi yo gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu kandi bibabaza, bibatwara mu kwononekara no guhona. 10 Kuko ugukunda amahera ni wo muzi w’ibibi vyose. Bamwe bagize umwitwarariko mwinshi wo kuyaronka, maze bazimirira kure y’ukwizera kw’ukuri, bita mu bibahagarika imitima.
11 Ariko wewe muntu w’Imana, hunga ivyo vyose, ukurikirane ukugororoka, ukwubaha Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubugwaneza. 12 Ugwane intambara y’ukwizera. Uzigame cane ubugingo budashira wahamagariwe, igihe wagira ukwatura kwiza imbere y’ivyabona vyinshi. 13 Kandi ndakwinginze imbere y’Imana, yo itanga ubuzima kuri bose, n’imbere ya Kristo Yesu yashinze intahe nziza imbere ya Pontiyo Pilato, 14 ngo ukurikize ivyo ndakugeze, utagira umugayo gushika aho Umwami wacu Yesu Kristo azohishurirwa. 15 Kuko igihe gikwiye kigeze, Kristo azohishurwa avuye mw’ijuru, ahishuwe n’Imana nyaguhezagirwa, Imana nyene inganji, Umwami w’abami kandi Uwuganza abatware. 16 Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kuwegera, iyo ata muntu n’umwe arayibona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.
17 Wigishe abafise ubutunzi bwo muri iyi si kutishira hejuru no kudashira ivyizigiro vyabo muri bwo, kuko butaramba. Ariko bizigire Imana yo iduha vyose nk’umusesekara kugira ngo bitunezereze. 18 Ubigishe gukoresha amahera yabo mu gukora ivyiza: bakwiye kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, no mu gufasha abakene no mu kugira imitima yiteguriye gusangira ivyabo n’abandi. 19 Nibakora uko, bazoba bariko bariziganiriza ubutunzi ngo bubabere urufatiro rwiza rwa kazoza aho bazogira ubuzima nyakuri.
20 Ewe Timoteyo, uzigame neza ico wahawe. Wirinde ibiyago birimwo kutubaha Imana, n’impari zirimwo ubupfu hagati yawe n’abakurwanya biyita abanyabwenge kuko bidahwanye n’ukwizera. 21 Bamwe barataye ukwizera bakurikira ubwo bupfu.
Ubuntu bubane namwe mwese.