Publicidade

2 Reis 9

Yehu arobanurwa nk’umwami wa Isirayeli

1 Umusi umwe, Elisa ahamagara umwe mu bigishwa b’abavugishwa, amubarira ati: "Itegure utware aka gacupa k’amavuta ya Elayo i Ramoti Gileyadi. 2 Niwashikayo urondere Yehu mwene Yehoshafati, umwuzukuru wa Nimushi. Uce umukura mu mugwi wa bagenziwe, umwihereranye mu cumba c’imbere mu nzu. 3 Uce ufata aka gacupa, umusukeko aya mavuta ya elayo ku mutwe, umubwire uti: ‘Uhoraho avuze ati: Ndagutoranije ngo ube Umwami wa Isirayeli.’ Maze uheze uce wugurura umuryango wiruke, ukize amagara yawe!"

4 Maze uwo musore w’umuvugishwa aja i Ramoti Gileyadi. 5 Ashitseyo, yegera aho abakuru b’ingabo bari, avuga ati: "Nyakwubahwa, ndafise ico ndakubwira!"

Yehu aramubaza ati: "Ukeneye nde muri twebwe?"

Na we amwishura ati: "Wewe nyene, nyakwubahwa!"

6 Nuko Yehu arahaguruka yinjira mu nzu. Wa muvugishwa amusuka amavuta ku mutwe, avuga ati: "Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Ndakurobanuje amavuta kugira ngo ube umwami w’ubwoko bw’Uhoraho, ari bwo Isirayeli. 7 Uzotikize umuryango wa shobuja Ahabu, kugira ngo mpore amaraso y’abasavyi banje b’abavugishwa n’ay’abandi basavyi b’Uhoraho bose yasheshwe na Yezebeli. 8 Abo mu nzu ya Ahabu bose nzobatikiza. Icitwa umugabo cose muri Isirayeli, yaba umugurano canke uwidegemvya. 9 Umuryango wa Ahabu nzowugira nk’uwa Yerobowamu mwene Nebati, co kimwe n’umuryango wa Bayasha mwene Ahiya. 10 Nayo Yezebeli nta n’uwuzomuhamba, kuko imbwa zizomurira aho azogwa i Yezireyeli.’ " Wa muvugishwa aca yugurura umuryango ariruka.

11 Yehu asohotse agasubira muri bagenziwe, baramubaza bati: "Ni amahoro? Urya musazi yakuronderera iki?" Yehu arabishura ati: "Ntimuzi, bene barya ivyo bakunda kudebagura?"

12 Na bo bamubwira bati: "Reka kutubesha, tubwire ivyo akubwiye."

Maze abishura ati: "Ambariye ati: ‘Ndagusize amavuta ngo ndagutoranye ube umwami wa Isirayeli.’ "

13 Ubwo nyene baca bakura imitamana yabo barayimusasira aho yari ahagaze ku ngazi z’amabuye, bavuza inzamba, basemerera bati: "Umwami Yehu naganze!"

Yehu yica Yoramu na Ahaziya

14 Nuko Yehu mwene Yehoshafati akaba n’umwuzukuru wa Nimushi, ategura umugambi wo kwica Yoramu. Imbere y’aho, Yoramu yari amaze imisi ku rugamba i Ramoti Gileyadi agwanya Hazayeli umwami w’i Siriya. 15 Ariko yari yagarutse i Yezireyeli kwivuza ibikomere yakomerekejwe n’Abasiriya igihe yari ku rugamba. Yehu abwira abo bari kumwe ati: "Nimba mugomba ko mba umwami wanyu, nimucungere kino gisagara kugira ngo ntihagire n’umwe asohoka ngo aje kuvuga inkuru y’ivyabaye i Yezireyeli." 16 Maze aca yurira umukogote wiwe, aja i Yezireyeli, kuko Yoramu ari yo yari aruhukiye kandi na Ahaziya umwami w’i Buyuda na we yari yamanutseyo kumusuhuza.

17 Umuraririzi yari ku munara w’i Yezireyeli abonye Yehu n’abasoda biwe begereje, arasemerera ahamagara Yoramu, amubwira ati: "Ndabona abasoda baje hano."

Yoramu amubwira ati: "Rungika umusoda umwe afate ifarasi, agende abategere, ababaze ati: ‘Mugenzwa n’amahoro?’ "

18 Wa musoda agendera kw’ifarasi ahura na Yehu aramubaza ati: "Umwami antumye kubabaza ko mugenzwa n’amahoro." Yehu amwishura ati: "Ivyo vy’amahoro wewe ubishakako iki? Herera inyuma yanje, nta kindi."

Wa muraririzi abwira umwami ati: "Umuntu twatumye yabashikiriye ariko ntiyagarutse."

19 Yoramu atuma uwugira kabiri agendera kw’ifarasi. Na we abashikiriye ababwira ati: "Umwami antumye kubabaza ko mugenzwa n’amahoro."

Yehu amwishura ati: "Ivyo vy’amahoro wewe ubishakako iki? Herera inyuma yanje, nta kindi."

20 Wa muraririzi aravuga ati: "Yabashikiriye, ariko na we nyene ntiyagarutse. Mbona umuntu ategerezwa kuba ari Yehu mwuzukuru wa Nimushi, ni we atwara ifarasi nk’umusazi."

21 Yoramu aca avuga ati: "Nimuntegurire umukogote ningoga." Bamaze kuwutegura, Yoramu umwami wa Isirayeli na Ahaziya umwami w’i Buyuda baca baragenda, umwe wese mu mukogote wiwe, baja gutegera Yehu. Bahurira mw’itongo ryahora ari irya Naboti w’i Yezireyeli. 22 Yoramu ashikiriye Yehu, aramubaza ati: "Ugenzwa n’amahoro?"

Yehu aramwishura ati: "Nogenzwa n’amahoro gute kandi ugusenga ibigirwamana n’ubupfumu vya nyoko Yezebeli vyuzuye muri twebwe?"

23 Yoramu aca arahindukira ngo ahunge, agenda arasemerera ati: "Ahaziya we, ukampinduka!"

24 Yehu aca afata umuheto wiwe arasa Yoramu mu mugongo, umwampi umutobekeranya mu mutima, aca agwa mu mukogote aracikana. 25 Yehu aca abarira Bidikari uwatwara umukogote wiwe ati: "Mutore uje kumuterera mu murima wahoze ari uwa Naboti w’i Yezireyeli. Uribuka ko twe nawe twari mu mukogote umwe inyuma ya se wiwe Ahabu igihe Uhoraho yavuga ivyiwe 26 ati: ‘Ndarahiye icese ko nzohorera amaraso ya Naboti n’ay’abahungu biwe, ni ko jewe Uhoraho mvuze, kandi ko muri iri tongo nyene ari ho nzobahorera, ni ko jewe Uhoraho mvuze.’ None rero mutware umuterere muri iryo tongo nk’uko ijambo ry’Uhoraho ryavuze."

27 Ahaziya umwami w’i Buyuda abonye ibibaye, aca afata ibarabara rija i Beti-Hagani, arahunga. Yehu aramukurikira avuga ati: "Murase na we nyene!" Bamukomerekereza mu mukogote wiwe hafi ya Ibileyamu ariko araduga i Guri, ariko arabasiga aja i Megido, agwayo. 28 Abasavyi biwe baca bamushira mu mukogote bamutwara i Yerusalemu, bamuhamba hamwe na ba sekuruza, mu Gisagara ca Dawidi. 29 Ahaziya yari yabaye umwami w’i Buyuda mu mwaka ugira mirongo ibiri Yoramu mwene Ahabu ari ku ngoma muri Isirayeli.

Yezebeli yicwa

30 Hanyuma Yehu aja i Yezireyeli. Yezebeli avyumvise, yisiga agahama ku maso, arisokoza umushatsi, aca yicara araba mw’idirisha. 31 Abonye Yehu yinjiye mw’irembo aramubaza ati: "Uzanywe n’iki ga wa mwicanyi we? Umeze nka Zimuri yishe shebuja!"

32 Yehu yunamurira amaso kuri rya dirisha, avuga ati: "Ni nde ari ku ruhande rwanje? Ni nde?" Inkone zibiri canke zitatu zimurunguruka ziri mw’idirisha. 33 Yehu azibarira ati: "Mukororere hasi!" Na zo zica zimukororera hasi, arasaba, amaraso yiwe atarukira ku mpome, Yehu na we amuhonyangisha ifarasi.

34 Yehu yinjira mu nzu, ararya, aranywa. Aca avuga ati: "Nihagire uwufata uwo mugore w’ikivume amuhambe, kuko yari umukobwa w’umwami." 35 Ariko basohotse ngo baje kumuhamba, basanga hasigaye agahanga hamwe n’amaguru n’amaboko. 36 Baca basubira inyuma babibwira Yehu, na we avuga ati: "Iri ni ijambo ry’Uhoraho rishitse, iryavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Eliya w’i Tishubi, aho yavuga ati: ‘Mw’itongo ry’i Yezireyeli ni ho imbwa zizorira umuvyimba wa Yezebeli. 37 Umuvyimba wa Yezebeli uzosanzara nk’umwavu mw’itongo ry’i Yezireyeli, kugira ngo ntihazogire n’uwoshobora kuvuga ati: Uwu ni Yezebeli.’ "

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-