1 Umwami akoranya abakuru bose b’i Buyuda n’i Yerusalemu. 2 Adugana ku Ngoro y’Uhoraho n’abantu bose b’i Buyuda, ababa i Yerusalemu, abaherezi hamwe n’abavugishwa, n’abantu bose uhereye ku muto ugashitsa ku mukuru. Abasomera amajambo yo muri ca Gitabu c’Isezerano cari catowe mu Ngoro y’Uhoraho. 3 Ahejeje ahagarara i ruhande y’inkingi, asubizaho isezerano imbere y’Uhoraho ko agiye kwubaha Uhoraho, no gukurikiza amabwirizwa, amategeko hamwe n’ivyagezwe vyiwe, akabikora n’umutima wiwe wose n’umushaha wiwe wose, mu gushitsa ivyanditswe muri ico gitabu. Maze abantu bose bemera gusubira muri iryo sezerano.
4 Umwami aca ategeka umuherezi mukuru n’abakorana na we bose, n’abarinzi b’urwinjiriro rw’Ingoro y’Uhoraho bose gukura ikintu cose cari cakorewe Bayali na Ashera hamwe n’ivy’ibinyenyeri vyo kw’ijuru. Babituririra inyuma y’igisagara ca Yerusalemu mu mwonga wa Kidironi, iminyota yavyo bayitwara i Beteli. 5 Yirukana abaherezi b’abanyamahanga bari bashizweho n’abami b’i Buyuda kugira ngo baze baraturirira ibimota neza ku misozi miremire yo mu bisagara vy’i Buyuda no mu yikikuje Yerusalemu. Bashikanira ibimota neza Bayali, izuba, ukwezi, inyenyeri hamwe n’ibindi vyose vyo kw’ijuru. 6 Asohora mu Ngoro y’Uhoraho inkingi ya Ashera bayitwara mu mwonga wa Kidironi inyuma y’igisagara ca Yerusalemu, bayituririrayo. Baca bafata umunyota wayo, baja kuwuta mw’itongo ry’abapfuye. 7 Yosiya yongera asambura inzu z’abamaraya b’abagabo n’abagore zari mu Ngoro y’Uhoraho, ari na ho abagore bajishira ibitambara bapfukisha inkingi ya Ashera.
8 Yongera ahamagaza abaherezi bose, kuva i Geba gushika i Berisheba, bakora igikorwa c’ubuherezi mu Buyuda bwose, ahumanya ibibanza vyose vyo gusengeramwo vyo ku misozi batangiramwo ibimazi. I Yerusalemu, amenagura ibicaniro vyose vyari hafi y’Irembo rya Yosuwa umukuru w’igisagara, vyari i bubamfu bw’urwinjiriro. 9 Naho abaherezi bo mu bibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi batari bemerewe kugira ico bokora ku gicaniro c’Uhoraho i Yerusalemu, barasangira n’abandi baherezi bagenzi babo imikate itarimwo umwambiro.
10 Umwami yongera akuraho igicaniro ca Tofeti mu kiyaya ca Beni-Hinomu, ntihagira abasubira kuhashikanira abana babo nk’ibimazi vyo guturira babishikanira Moleki. 11 Akuraho amafarasi yari ku rwinjiriro rw’Ingoro y’Uhoraho abami b’Abayuda bari barashikanye mu gusenga izuba. Ayo mafarasi yari mu kigo imbere, hafi y’inzu ya Natani-Meleki inkone, akaba n’umutware. Yosiya aca aturira imikogote yayo yari yarashikaniwe izuba.
12 Amenagura ibicaniro vyose abami b’i Buyuda bari bubatse hejuru ku bisenge vy’inzu ya Ahazi, asenyura n’ibicaniro vyose Manase yari yarubakishije mu mabaraza y’Ingoro y’Uhoraho, arabimenagura bicika ubunywenywe, hanyuma baravyegeranya baja kubita mu mwonga wa Kidironi. 13 Umwami akuraho n’ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi vyari mu buseruko bwa Yerusalemu hepfo y’ivyo umwami Salomo yari yarubakiye ikigirwamanakazi Ashitaroti y’Abanyesidoni, Kemoshi imana y’Abanyamowabu, na Moleki imana y’Abamoni 14 Yowashi amenagura amabuye y’ibiterekerwa, atemagura inkingi za Ashera, aho vyari aharenzako amagufa y’abantu.
15 N’ibicaniro vy’i Beteli hamwe n’ibibanza vyo gusengeramwo ku misozi vyubatswe na Yerobowamu mwene Nebati, yari yakwegeye Abisirayeli mu vyaha, vyose arabimenagura. Aturira ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi, bicika iminyota, aturira n’inkingi ya Ashera. 16 Yosiya aravye hirya no hino abona imva nyinshi ku musozi. Aca ategeka ko bazikuramwo amagufa yose, hanyuma ayaturirira kuri ico gicaniro c’i Beteli kugira ngo agihumanye. Ivyo vyabaye nk’uko Uhoraho yari yarabivugishije umuntu wayo igihe Yerobowamu yari ahagaze i ruhande y’igicaniro mu misi mikuru. Maze Yosiya ahindukiye akaraba ku ruhande, ni ho yabona imva y’umuntu w’Imana yabivugishijwe.
17 Aca arabaza ati: "Kiriya cibutso mbona hariya ni ic’iki?"
Abantu bo muri ico gisagara baramwishura bati: "Ni imva y’umuntu w’Imana w’i Buyuda yavugishijwe ibi vyose uhejeje gukorera iki gicaniro c’i Beteli."
18 Na we arababwira ati: "Nimuyireke, ntihagire uwukomakoma amagufa yiwe." Nuko amagufa yiwe barayarengana, co kimwe n’ay’abandi bavugishwa bari bavuye i Samariya.
19 Yosiya asambura n’ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi mu bisagara vya Samariya vyari vyubatswe n’abami ba Isirayeli bigatera Uhoraho gushangashirwa, yongera arabihumanya nk’uko yabigenjeje i Beteli. 20 Yosiya yongera yica abaherezi bose bo ku bicaniro vyo muri ivyo bibanza vyo gusengeramwo yongera ahumanya ivyo bicaniro mu kubituririrako amagufa y’abantu, maze asubira i Yerusalemu.
21 Umwami aca atanga itegeko ku bantu bose ati: "Muzokwame muhimbaza Pasika y’Uhoraho nk’uko vyanditswe muri iki gitabu c’Isezerano." 22 Ntihari bwigere hahimbazwa umusi mukuru wa Pasika nk’uwo, uhereye mu gihe abacamanza batwara igihugu ca Isirayeli ugashitsa ku bami b’Abisirayeli n’Abayuda. 23 Iyo Pasika y’Uhoraho yahimbajwe mu mwaka ugira cumi n’umunani Yosiya ari ku ngoma i Yerusalemu.
24 Mu gukurikiza ivyo muri ico Gitabu c’Ivyagezwe cari catowe mu Ngoro y’Uhoraho na Hilukiya umuherezi mukuru, Yosiya yirukana abavugana n’imizimu, imana z’imiryango, hamwe n’ibindi bigirwamana vyose vyasengwa, haba i Yerusalemu canke i Buyuda hose. 25 Nta mwami yigeze abaho ameze nka Yosiya, haba mu batwaye imbere yiwe canke abatwaye inyuma yiwe; yagarutse k’Uhoraho n’umutima wiwe wose n’umushaha wiwe wose, n’inkomezi ziwe zose, nk’uko Ivyagezwe vya Mose vyabivuga.
26 Ariko ubushangashirwe Uhoraho yari yaratewe n’Ubuyuda ntibwigeze buhwama kubera ivyo Manase yari yarakoze vyose vyatumye Uhoraho aterwa n’ishavu ryinshi. 27 Maze Uhoraho aravuga ati: "Nzirukana Abayuda mu maso yanje nk’uko nirukanye Abisirayeli, kandi nzokwihakana Yerusalemu, igisagara natoranije, hamwe n’Ingoro navugiyeko nti: ‘Izina ryanje rizoba muri yo.’ "
28 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yosiya hamwe n’ivyo yakoze vyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’i Buyuda.
29 Yosiya akiri ku ngoma, umwami wa Egiputa yitwa Farawo Neko aduga ku ruzi Efurate gufasha umwami w’i Ashuri. Umwami Yosiya aja kumutegera ngo amugwanye, ariko Neko amwicira i Megido aho bagwaniye. 30 Abantu biwe bashira ikiziga ciwe mu mukogote, bagikura i Megido, bagitwara i Yerusalemu, bamuhamba mu mva yiwe ubwiwe. Abantu bo muri ico gihugu bafata Yehowahazi mwene Yosiya bamurobanuza amavuta, ngo abe umwami mu gishingo ca se.
31 Yehowahazi yari afise imyaka mirongo ibiri n’itatu igihe yimikwa ngo abe umwami, aca aganza amezi atatu ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Hamutali, umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna. 32 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, nk’uko ba sekuruza bakoze. 33 Farawo Neko amushira mw’ibohero i Ribula mu ntara y’i Hamati kugira ngo ntabandanye aganza i Yerusalemu; aca ategeka Abayuda gutanga amashikanwa yo kwisaba angana n’italanto ijana z’ifeza n’imwe y’inzahabu. 34 Farawo Neko aca yimika Eliyakimu uwundi muhungu wa Yosiya mu kibanza ca se, amuhindura izina, amwita Yehoyakimu. Nuko Yehowahazi ajanwa muri Egiputa, apfirayo. 35 Yehoyakimu aha Farawo Neko ayo mashikanwa y’ifeza n’inzahabu yaciriye Ubuyuda. Kugira ngo ayegeranye, yatangishije amakori abanyagihugu bose b’i Buyuda, akurikije uko batunze.
36 Yehoyakimu yari afise imyaka mirongo ibiri n’itanu igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’umwe ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Zebidahi, umukobwa wa Pedaya w’i Ruma. 37 Akora ivyo Uhoraho Imana yiwe abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, nk’uko ba sekuruza bakoze.