Publicidade

2 Reis 2

Eliya aduganwa mw’ijuru

1 Igihe Uhoraho yagomba gutwara Eliya mw’ijuru akoresheje agashururu, Eliya yari kumwe na Elisa bari mu rugendo bava i Gilugali. 2 Eliya abarira Elisa ati: "Wewe sigara ngaha; kuko Uhoraho antumye i Beteli."

Ariko Elisa amubwira ati: "Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho no kubaho kwawe, ko ntakuva i ruhande." Nuko baca baramanukana i Beteli.

3 Umugwi w’abavugishwa bari i Beteli babarira Elisa bati: "Mbega wamenye ko Uhoraho aza kugutwara shobuja uwu musi?"

Elisa arabishura ati: "Egome nabimenye, ariko ntimubivuge!"

4 Eliya abwira Elisa ati: "Wewe sigara aha, kuko Uhoraho antumye i Yeriko."

Elisa amwishura ati: "Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho no kubaho kwawe, ko ntakuva i ruhande." Nuko bajana i Yeriko.

5 Umugwi w’abavugishwa baba i Yeriko babwira Elisa bati: "Mbega wamenye ko Uhoraho aza kugutwara Shobuja uwu musi?"

Elisa yishura ati: "Egome nabimenye, ariko ntimubivuge!"

6 Eliya abwira Elisa ati: "Wewe sigara ngaha, kuko Uhoraho antumye kuri Yorodani."

Elisa yishura ati: "Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho no kubaho kwawe, ko ntakuva i ruhande." Nuko barajana.

7 Mirongo itanu bo muri wa mugwi w’abavugishwa barabakurikira, bihweza Eliya na Elisa bahagaze kure, babaraba aho bari bahagaze i ruhande y’uruzi Yorodani. 8 Eliya yambura umutamana wiwe, arawuzingazinga, awukubita amazi y’urwo ruzi. Ubwo nyene ruca rwicamwo kabiri, amazi amwe ahagarara i buryo ayandi i bubamfu, abo bagabo baca bajabuka nk’abagendera kw’isi yumutse.

9 Bamaze kujabuka, Eliya abarira Elisa ati: "Mbwira ico wipfuza ko ndagukorera imbere y’uko ntandukanywa nawe."

Elisa na we ati: "Mpa incuro zibiri umugabane w’impwemu yawe."

10 Eliya amwishura ati: "Unsavye ikintu kigoye, ariko niwabona ingene ntandukanywa nawe, uwo mugabane uraza kuwuronka. Ariko nutambona, nta wo uronka."

11 Bakiriko baragenda baganira, haza umukogote w’umuriro ukwegwa n’amafarasi y’umuriro, urabatandukanya, Eliya aduzwa mw’ijuru mu gashururu. 12 Elisa abonye ivyo, arasemerera ati: "Ewe data we, ewe data we! Wewe wabereye Isirayeli nk’imikogote n’abayigenderako!" Elisa ntiyaba akimubona, aca yitaburirako impuzu ayicamwo kubiri.

13 Aca atora umutamana wakorotse uva ku bitugu vya Eliya, hanyuma asubira inyuma, ahagarara ku nkengera y’uruzi Yorodani. 14 Afata wa mutamana wakoroka uva kuri Eliya, awukubita amazi y’urwo ruzi. Abaza ati: "Uhoraho Mana ya Eliya, uri hehe?" Akubise urwo ruzi ruca rucikamwo kubiri, amazi amwe ahagarara i buryo, ayandi i bubamfu, hanyuma arajabuka.

15 Maze bamwe bo muri wa mugwi w’abavugishwa b’i Yeriko bariko bararaba ivyariko biraba, baca bavuga bati: "Ya mpwemu ya Eliya isigaye kuri Elisa." Baca baja kumusanganira, bikubita hasi imbere yiwe baramupfukamira. 16 Baramubwira bati: "Mugenzi, twebwe abasavyi bawe, turafise abantu mirongo itanu bakomeye twoshobora gutuma. Hamwe uvyemeye boca bagenda kurondera shobuja, kumbure Mpwemu w’Uhoraho yoba yamusize ku mataba y’imisozi canke mu biyaya." Elisa abishura ati: "Oya, ntimubatume."

17 Ariko babandanya bamwinginga bakobeje, gushika aho vyamugoye ingene abankira. Arateba ababwira ati: "Nimugende." Haca hagenda abantu mirongo itanu, bamara imisi itatu bamurondera ariko ntibashobora kumutora. 18 Bagarutse aho Elisa yari ari i Yeriko, arababwira ati: "Sinari nababujije kugenda?"

Elisa avura amazi

19 Umusi umwe, abantu b’i Yeriko babwira Elisa bati: "Databuja, iki gisagara cacu kiri ahantu heza nk’uko nawe uvyibonera, ariko amazi yaco ni mabi, kandi isi yaho na yo ntimera."

20 Elisa arababwira ati: "Nimunzanire agakono gashasha, karimwo umunyu." Nuko barakamuzanira.

21 Nuko aca aja aho ayo mazi yiburuka ava, atererayo wa munyu, avuga ati: "Uhoraho avuze ati: ‘Aya mazi ndayavuye. Ntazosubira na rimwe kuzana urupfu, canke ngo atere isi ukutamera.’ " 22 Ayo mazi aca aba meza kuva uwo mwanya nk’uko Elisa yabivuze.

Elisa ashinyagurirwa

23 Elisa aca ava aho aja i Beteli. Akiri ku nzira agenda, haza abasore bakiri bato bavuye mu gisagara, baramushinyaguriza bamubwira bati: "Va ngaha, busa bw’ubuhanza! Va ngaha busa bw’ubuhanza!" 24 Aca arahindukira, arabaraba abavuma mw’izina ry’Uhoraho. Haca haza amadubu abiri y’ingore avuye mw’ishamba, atabagura mirongo ine na babiri muri abo bahungu. 25 Aca aja ku musozi Karumeli, avaho aja i Samariya.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-