1 Hariho umugabo yitwa Namani, yari umukuru ahambaye w’ingabo z’umwami w’i Siriya. Yari afise icubahiro cinshi imbere y’umwami, Uhoraho ni we yacishako intsinzi ya Siriya. Yari umusoda akomeye cane, ariko yari agwaye imibembe.
2 Abasoda ba Siriya bari barigeze gutera Isirayeli, hanyuma mu bantu bagize inyagano harimwo umukobwa w’Umwisirayelikazi, aca aba incoreke ya muka Namani. 3 Uwo mukobwa abwira inabuja ati: "Hamwe databuja yoja kuraba umuvugishwa n’Imana aba i Samariya, yomukiza irya mibembe."
4 Namani aja kuraba shebuja amubwira ivyo uwo mukobwa w’Umwisirayelikazi yamubwiye. 5 Umwami w’i Siriya amwishura ati: "Ni vyiza itegure, nanje nzorungikira ikete umwami wa Isirayeli." Nuko agenda ajanye italanto icumi z’ifeza, shekeli ibihumbi bitandatu z’inzahabu, n’imyambaro cumi y’impuzu. 6 Ikete yashiriye umwami wa Isirayeli ryarimwo ubu butumwa: "Umusavyi wanje Namani ndamurungikanye iri kete kugira ngo umuvure umukize imibembe."
7 Umwami wa Isirayeli akirisoma, aca yitabagurirako impuzu, avuga ati: "Mbega jewe nabaye Imana, ko ari yo ifise ububasha bwo kwica no gukiza abantu? Ni kubera iki amundungikiye ngo ndamuvure imibembe? Aha ntashaka aho ankura gusa kugira ngo asubire kudutera?"
8 Wa muntu w’Imana Elisa yumvise ko umwami yitaburiyeko impuzu, aca arungika intumwa kumubaza iti: "Ni kubera iki witaburiyeko impuzu? Ndungikira uwo muntu, azomenya ko muri Isirayeli hari umuvugishwa w’ukuri." 9 Maze Namani afata ifarasi yiwe n’umukogote wayo aragenda, ahagarara imbere y’umuryango w’inzu ya Elisa. 10 Elisa aca arungika intumwa, imubwira iti: "Genda woge muri Yorodani incuro indwi, umubiri wawe uraheza usubire uko wahora, ukire imibembe."
11 Maze Namani aca arashavura, arivumbura, avuga ati: "Namye niyumvira ko aza gusohoka akaza aho ndi, agahamagara izina ry’Uhoraho Imana yiwe, akazungagiza ikiganza hejuru y’aho ngwaye, hanyuma akankiza imibembe. 12 Mbega inzuzi Abana na Farupara z’i Damasiko, si zo nziza kuruta inzuzi zose zo muri Isirayeli? Sinari kuja kuzogamwo ngakira?" Namani aca asubira inyuma ashavuye cane.
13 Abagendanyi biwe baramukurikira, bamubwira bati: "Databuja, iyo uwo muvugishwa akubwira gukora ibikomeye kurusha ivyo ntiwari kubikora? None akubwiye ati: ‘Genda woge urakira,’ ntakubwiye ivyoroshe cane?" 14 Nuko aramanuka, yibira muri Yorodani incuro indwi, nk’uko wa muntu w’Imana yari yamubwiye, umubiri wiwe uca usubira kuba muzima, umera nk’uw’umwana mutoya.
15 Namani n’abari bamuherekeje baca basubira kwa wa muntu w’Imana. Ahagarara imbere yiwe aramubwira ati: "Noneho menye neza ko mw’isi yose ata yindi Mana ibaho atari muri Isirayeli. None rero ndakwinginze wakire ishikanwa ry’umusavyi wawe."
16 Wa muvugishwa aramubwira ati: "Ndakurahiye Uhoraho, Imana nkorera, ko ntashobora kwakira ikintu na kimwe." Namani agerageza kumwinginga ngo abimwakirire, ariko aranka.
17 Namani amubwira ati: "Ko unyankiye, reka mpfume ntwara ivu rya hano ryotwarwa n’indogoba zibiri, kuko jewe umusavyi wawe ntazosubira gushikanira ikimazi gituriwe canke ngo nshikanire ishikanwa iyindi mana atari Uhoraho. 18 Ariko Uhoraho ambabarire kuri iki kimwe. Databuja niyinjira mu ngoro y’ikigirwamana Rimoni kucunamira, hanyuma akishimikiza ukuboko kwanje, Uhoraho azombabarire ninunama."
19 Elisa amubwira ati: "Niwigire amahoro."
20 Namani amaze kugenda urugendo rutari ruto, Gehazi umukozi wa Elisa umuntu w’Imana yibwira ati: "Databuja yorohereje cane uwu Musiriya, ntiyari akwiye kwanka kwakira ivyo yamuzaniye. Ndarahiye Uhoraho, singenda ntamukurikiye ngo ngire ico ndamukuyeko."
21 Nuko Gehazi aca yoma inyuma Namani. Namani abonye ko ariko araza amukurikira, aca yururuka umukogote, aja guhura na we, aramubaza ati: "Ni amahoro?"
22 Gehazi aramwishura ati: "Ni amahoro. Databuja antumye kukubwira ko hari babiri bo mu biga ibijanye no kuvugishwa bavuye mu mitumba yo mu ntara ya Efurayimu bamugendeye. None ngo bahe italanto imwe y’ifeza n’imyambaro ibiri y’impuzu."
23 Namani amubwira amwinginga ati: "Ahubwo nutware italanto zibiri." Aca afata italanto zibiri azihambirira hamwe azishira mu mufuko, amuhana n’imyambaro ibiri y’impuzu, aca abiha abakozi biwe babiri ngo babitware bitangire imbere Gehazi. 24 Bageze ku mpinga y’umusozi, Gehazi aca asaba ba bakozi za ngabire bari bazanye azinyegeza i muhira iwe, aca arabarungika basubira inyuma.
25 Asubiye kwa shebuja, aramubaza ati: "Uvuye he ga Gehazi?"
Gehazi yishura ati: "Umusavyi wawe nta na hamwe yari yaroye."
26 Ariko Elisa aramubaza ati: "Mbe ntuzi ko impwemu yanje yari harya igihe Namani yururuka umukogote wiwe aza guhura nawe? Mbega iki ni igihe co kwakira amahera, impuzu, imirima y’imyelayo n’iy’imizabibu, ibitungwa, n’abagurano? 27 Ko wakoze ivyo, imibembe ya Namani izokwomako wewe n’uruvyaro rwawe ibihe vyose." Ako kanya nyene Gehazi aca ava imbere ya Elisa ajejeta imibembe, yera derere.