1 Elisa yari yarabwiye wa mugore w’i Shunemu, nyina wa wa mwana yasubiza ubuzima, ati: "Raba iyo uja n’umuryango wawe muve ngaha mumareyo igihe, kuko Uhoraho agira ateze inzara izomara imyaka indwi muri Isirayeli." 2 Uwo mugore aca abikora nk’uko uwo muntu w’Imana yari yabimubwiye. Ahitana umuryango wiwe aja kuba mu guhugu c’Abafilisitiya, amarayo imyaka indwi.
3 Iyo myaka indwi iheze, aragaruka ava mu gihugu c’Abafilisitiya, aja gusaba umwami inzu n’itongo. 4 Ashitse asanga umwami ariko aganira na Gehazi amubaza ati: "Mbwira ibintu bihambaye vyose Elisa yakoze." 5 Gehazi akiriko arabwira umwami ingene Elisa yasengeye umwana yapfuye akongera akaba muzima, uwo mugore nyina w’uwo mwana arashika, asaba umwami inzu hamwe n’itongo.
Gehazi aca avuga ati: "Mwami wanje, uwo ni wa mugore nakubwira Elisa yasubiriza umwana ubuzima kandi na nya mwana ni uwu."
6 Umwami aca amubaza ingene vyagenze na we arabimwiganira. Umwami aca ategeka umutware kumukurikiranira ibintu vyiwe no kubimusubiza, harimwo n’igiciro c’ivyo bimbuye vyose muri iryo tongo igihe atari ho ari.
7 Umusi umwe, Elisa aja i Damasiko, kandi ico gihe Beni-Hadadi, umwami w’i Siriya, yari agwaye. Haza umuntu amubwira ati: "Wa muntu w’Imana yashitse ino." 8 Umwami avyumvise, abarira Hazayeli ati: "Tora amashikanwa uje kumusanganira, umubwire ambarize Uhoraho ko nzokira iyi ngwara."
9 Hazayeli aja gusanganira Elisa atwaye amashikanwa agizwe n’ibintu vy’agaciro vy’i Damasiko, vyikorewe n’ingamiya mirongo ine. Aragenda ahagarara imbere yiwe amubwira ati: "Umusavyi wawe Beni-Hadadi, umwami w’i Siriya, andungitse kukubaza ko azokira ingwara agwaye."
10 Elisa amwishura ati: "Genda umubwire uti: ‘Uzokira.’ Ariko Uhoraho yampishuriye ko azopfa." 11 Aca ahagarara imbere ya Hazayeli amuraba mu maso gushika aho yumva isoni. Uwo muntu w’Imana aca atangura kurira.
12 Hazayeli aramubaza ati: "Mbega nyakwubahwa ni iki gitumye urira?"
Na we amwishura ati: "Ni kubera nzi ivyago uzoteza Abisirayeli. Uzoturira ibisagara vyabo bizitiye, umarishe inkota imikangara yabo, ufyonyagure inzoya zabo, ufomoze n’inda abagore babo bibungenze."
13 Hazayeli aramubaza ati: "Mbega umusavyi wawe nkanje ata co amaze, nokora ibintu bihambaye gutyo nte?"
Elisa amwishura ati: "Uhoraho yanyeretse ko uzoba umwami w’i Siriya."
14 Hazayeli aca asiga Elisa aho, asubira kwa shebuja. Beni-Hadadi amubajije ati: "Elisa yakubwiye ngw’iki?" Na we amwishura ati: "Yambwiye ko ata nkeka, uzokira." 15 Ariko bukeye, Hazayeli afata uburengeti abuzinga incuro nyinshi, abwinika mu mazi, hanyuma abutsindagira mu maso h’umwami gushika acikanye. Hazayeli aca aba ari we amusubirira ku ngoma.
16 Mu mwaka ugira gatanu Yoramu mwene Ahabu ari umwami wa Isirayeli, ni ho Yehoramu mwene Yehoshafati umwami w’Abayuda, na we yaba umwami w’i Buyuda. 17 Ico gihe yari afise imyaka mirongo itatu n’ibiri, amara imyaka umunani aganza ari i Yerusalemu. 18 Agendera mu ngeso z’abami b’Abisirayeli, nk’uko ab’inzu ya Ahabu bakora, kuko yarongoye umukobwa wa Ahabu. Akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho. 19 Ariko kubera isezerano Uhoraho yari yaragiraniye na Dawidi umusavyi wiwe, Uhoraho ntiyashaka guherengeteza Ubuyuda. Yari yarasezeranye kugumizaho itara ryiwe n’uruvyaro rwiwe ibihe vyose.
20 Mu gihe Yehoramu yari ku ngoma, Abanyedomu bagarariza Abayuda biyimikira umwami wabo. 21 Maze Yoramu aca aja gutera i Zayiri ajanye n’imikogote yiwe yose. Abanyedomu baramukikuza, ariko mw’ijoro aravyuka arasohoka, yicira inzira muri bo aragenda, ingabo ziwe na zo zirahunga zisubira i muhira. 22 Kuva ico gihe Abanyedomu baca barikukira, bikura ku Buyuda gushika n’ubu. N’igisagara c’i Libuna na co nyene gica kiragarariza.
23 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yoramu hamwe n’ivyo yakoze vyanditse mu gitabu c’ivyabaye ku bami b’i Buyuda. 24 Hanyuma Yoramu ahamvya ba sekuruza, ahambwa mu Gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Ahaziya amusubirira ku ngoma.
25 Mu mwaka ugira mirongo ibiri Yoramu mwene Ahabu umwami wa Isirayeli ari ku ngoma, Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda ni ho yima nk’umwami. 26 Ahaziya yari afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri igihe yaba umwami, aganza umwaka umwe ari i Yerusalemu. Nyina yitwa Ataliya umwuzukuru wa Omuri umwami w’Abisirayeli. 27 Agendera mu ngeso z’ab’inzu ya Ahabu, akora ibibi mu nyonga z’Uhoraho, kuko yari afitaniye ubucuti n’umuryango wa Ahabu.
28 Ahaziya ajana na Yoramu mwene Ahabu kugwanya Hazayeli umwami w’i Siriya i Ramoti Gileyadi, maze Abasiriya bakomeretsa Yoramu. 29 Nuko umwami Yoramu aca asubira i Yezireyeli kugira ngo akirireyo ibikomere Abasiriya bamukomerekereje i Ramoti igihe yariko aragwana na Hazayeli umwami w’i Siriya.
Maze Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’i Buyuda aramanuka aja i Yezireyeli gusuhuza Yoramu mwene Ahabu kuko yari yarakomeretse.