Publicidade

2 Reis 7

1 Elisa aca avuga ati: "Nimwumve ijambo ry’Uhoraho. Uhoraho avuze ati: ‘Ejo nk’aya mango, kw’irembo ry’i Samariya, ingero seya imwe y’ifu inoze neza izogurwa shekeli imwe n’ingero seya zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe.’ "

2 Umukuru w’ingabo umwami yagenda yishimikije yishura uwo muntu w’Imana ati: "Naho Uhoraho yokwugurura ingomero zo mw’ijuru, ivyo ntivyoshoboka."

Elisa aca amubwira ati: "Uzobibona ariko ntuzobiryako!"

Ivyabaye kw’irembo ry’i Samariya

3 Kw’irembo ry’igisagara hariho abantu bane babaho bagwaye imibembe. Barabazanya bati: "Mbega ni kubera iki tuguma twicaye ngaha gushika aho twicwa n’inzara? 4 Nitwaja mu gisagara, hariyo inzara, izotwicirayo. Kandi nitwaguma ngaha, na ho nyene izotwica. Ehe rero nimuze tuje hariya kw’ikambi y’Abasiriya, twishikane. Nibatugirira imbabazi tuzobaho. Nayo nibatwica, n’ubu turapfuye."

5 Uwo mugoroba nyene bafata inzira baja kw’ikambi y’Abasiriya, basanga nta muntu n’umwe ahari. 6 Imana yari yatumye Abasiriya bumva urwamo rw’imikogote n’amafarasi hamwe n’abasoda benshi cane, bituma babwirana bati: "Erega noneho umwami wa Isirayeli yakoranije umwami w’Abaheti n’uwa Egiputa baza kudutera!" 7 Maze uwo mugoroba nyene bakura hasi barahunga, bata amahema yabo n’amafarasi n’indogoba zabo. Basiga ibintu vyabo vyose uko vyari biri, banyaga amagara.

8 Ba bantu bagwaye imibembe bashitse aho ayo mahema yabo atangurira, binjira mw’ihema rimwe. Bararya, baranywa, bongera batora inzahabu, ifeza n’impuzu, baja kubinyegeza. Baragaruka binjira mu rindi hema, batorayo ibindi, na vyo nyene baja kubinyegeza.

9 Hanyuma barabwirana bati: "Ariko ivyo turiko turakora si vyiza. Uwu ni umusi w’inkuru nziza, none turiko turawigungana. Nitwarindira bugaca, igihano kizotugwako. Reka tugende ubu nyene kubivuga i bwami."

10 Nuko baragenda bahamagara abarinzi b’irembo ry’igisagara, bababwira bati: "Twinjiye mw’ikambi y’Abasiriya, nta muntu n’umwe twasanzeyo, nta n’agakacira, atari indogoba n’amafarasi biziritse, amahema na yo bayataye uko yakabaye." 11 Ba barinzi b’irembo ry’igisagara baca barasemerera bavuga iyo nkuru nziza, maze na yo ishikira abo ku kirimba c’umwami.

12 Umwami aca arahaguruka iryo joro nyene, abarira abatware biwe ati: "Reka ndababwire ico Abasiriya bagomba kudukorera. Barazi ko inzara itwishe, none bavuye mw’ikambi baja kwinyegeza mu gahinga, biteze ko tuva mu gisagara kugira ngo bace badufata hamwe n’igisagara."

13 Umwe mu bakuru b’ingabo avuga ati: "Reka turungike abantu bafata amafarasi atanu asigaye mu gisagara baje kuraba ivyo bintu. Nihagira ico baba, ni co kimwe n’aho boguma ngaha bagapfana n’Abisirayeli bose."

14 Nuko baca bafata imikogote ibiri n’indogoba zayo, umwami arabarungika ngo bakurikire abasoda b’Abasiriya. Abwira abagendera kuri ayo mafarasi ati: "Genda murabe ivyabaye." 15 Nuko barabakurikirana gushika kuri Yorodani, basanga ibarabara ryuzuyemwo impuzu n’ibindi bikoresho Abasiriya bagiye barata mu nzira bahunga. Za ntumwa ziragaruka zibibwira umwami. 16 Maze abantu barasohoka, baja gusahura ivyo muri ya kambi y’Abasiriya. Ni ho ingero seya y’ifu inoze neza yagurwa shekeli imwe, n’ingero seya zibiri za sayiri zigurwa shekeli imwe, nk’uko Uhoraho yari yabivuze.

17 Wa mukuru mu ngabo umwami yagenda yishimikije ashingwa igikorwa co gucungera uruja n’uruza kw’irembo, ariko aratemba kubera umusunikano w’abantu, na bo baramuhonyanga gushika apfuye, nk’uko wa muntu w’Imana yari yabivuze igihe umwami yari aje i muhira iwe. 18 Vyagenze nk’uko uwo muntu w’Imana yari yabibwiye umwami ati: "Ejo nk’aya mango, kw’irembo ry’i Samariya, ingero seya imwe y’ifu inoze neza izogurwa shekeli imwe n’ingero seya zibiri za sayiri zizogurwa shekeli imwe."

19 Iyo ntwazangabo yari yabwiye uwo muntu w’Imana iti: "Naho Uhoraho yokwugurura ingomero zo mw’ijuru, ivyo ntivyoshoboka." Uwo muntu w’Imana arababwira ati: "Uzobirabisha amaso yawe, ariko ntuzobiryako." 20 Kandi vyagenze uko nyene, kuko abantu bamuhonyangiye kw’irembo ry’igisagara aca arapfa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-