1 Mu mwaka ugira cumi n’umunani Yehoshafati ari umwami w’i Buyuda, ni ho Yehoramu mwene Ahabu yaba umwami wa Isirayeli, amara imyaka cumi n’ibiri ari ku ngoma i Samariya. 2 Yakoze ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, ariko ntiyanganije ububi na se canke nyina. We yarakuyeho inkingi z’amabuye za Bayali se yari yarashinze. 3 Ariko yagendeye mu vyaha vya Yerobowamu mwene Nebati, ivyo yakwegeyemwo Abisirayeli. Ntiyigeze ava mu ngeso ziwe.
4 Kandi umwami Mesha w’i Mowabu yari umworozi w’intama, ku mwaka ku mwaka yategerezwa gushikanira umwami wa Isirayeli imyagazi y’intama ibihumbi ijana, hamwe n’ubwoya bw’impfizi z’intama ibihumbi ijana nyene. 5 Ariko Ahabu amaze gupfa, umwami wa Mowabu agarariza umwami wa Isirayeli. 6 Umwami Yehoramu ava i Samariya, aca akoranya abasoda ba Isirayeli bose. 7 Yongera arungikira ubutumwa Yehoshafati umwami w’i Buyuda ati: "Umwami w’i Mowabu yangararije. Mbega ubona woza kumfasha tugatera Mowabu?"
Aramwishura ati: "Nzogufasha, kuko urazi ko turi bamwe, abasoda banje ndabaguhaye, n’amafarasi yanje yose ndayaguhaye."
8 Yehoshafati na we aramubaza ati: "Ubona twojana inzira iyihe mu gutera?"
Yoramu amwishura ati: "Tuzoca mu bugaragwa bwa Edomu."
9 Umwami wa Isirayeli ajana n’umwami w’i Buyuda hamwe n’uwa Edomu, maze bose bafata inzira izunguruka ubugaragwa, bamara imisi indwi bagenda, amazi batekeye arabaherana, babura ayo banywa n’ayo baha ibitungwa biri kumwe na bo.
10 Umwami wa Isirayeli aravuga ati: "Karabaye! Uhoraho yadukoranije turi abami batatu kugira ngo aturekurire mu maboko y’umwami wa Mowabu!"
11 Ariko Yehoshafati arabaza ati: "Hano nta muvugishwa w’Uhoraho n’umwe ahari kugira ngo atubarize Uhoraho ico twokora?"
Umwe mu bakuru b’ingabo z’Umwami wa Isirayeli amwishura ati: "Elisa mwene Shafati ari ngaha. Yahora ari umukozi wa Eliya."
12 Yehoshafati aravuga ati: "Uwo rero arafise ijambo ry’Uhoraho." Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati n’umwami wa Edomu baca bamanuka kumurondera.
13 Elisa aca abaza umwami wa Isirayeli ati: "Mbega twe nawe hari ico duhuriyeko? Genda ubaze ba bavugishwa ba so n’aba nyoko."
Umwami wa Isirayeli aramwishura ati: "Oya, ni kubera ko Uhoraho yadukoranije turi abami batatu, ngo aturekurire mu maboko y’umwami wa Mowabu."
14 Elisa aramubwira ati: "Ndakurahiye Uhoraho Mushoboravyose, Imana nkorera, iyo ntasonera Yehoshafati umwami w’i Buyuda, sinari no kwirirwa ndakuraba canke ngo ndanakwiyumvire. 15 Ariko noneho nimuzanire umuvuzi w’inanga."
Uwo muvuzi w’inanga ariko arayivuza, ububasha bw’Uhoraho buza kuri Elisa, 16 aca ababwira ati: "Uhoraho avuze ati: ‘Iki kiyaya nzocuzuza ibidengeri vy’amazi.
17 Kuko Uhoraho avuze ati: Nta muyaga muzokwumva kandi nta mvura muzobona, ariko iki kiyaya kizokwuzura amazi, mwebwe ubwanyu, ibitungwa vyanyu vyose, muronke ico munywa.’ 18 Ariko ico ni ikintu gito cane Uhoraho azoba abakoreye, kuko n’Abanyamowabu azobarekurira mu maboko yanyu. 19 Muzosenyagura impome z’igisagara caho gikuru. Muzotemagura ibiti vyiza vyaho vyose, muzibire n’amariba yabo, indimiro nzizanziza zabo muzozisibanganisha amabuye."
20 Bukeye, nko mu gihe co gutanga ibimazi co mu gitondo, amazi yari yamaze gutemba ava muri Edomu, kandi igihugu cose cari cuzuye amazi.
21 Ico gihe Abanyamowabu bose baramenya ko abo bami baje kubatera, maze abantu bose bari bageze kuja ku rugamba, abakiri bato n’abakuze, barakorana, baja gutegerera ku mbibe. 22 Bukeye mu gatondo, izuba ryariko rirasira ku mazi, rigatuma asa n’amaraso mu maso y’Abanyamowabu. 23 Baravuga bati: "Ehe raba ariya maraso! Ba bami bategerezwa kuba bacanyemwo baricana. Yemwe Banyamowabu, haguruka tugende kwegeranya iminyago!"
24 Ariko bageze ahari ikambi y’Abisirayeli, Abisirayeli baca barahaguruka barabagwanya, Abanyamowabu na bo barahunga. Abisirayeli barabakurikira bagenda barabica ingenda. 25 Basambura ibisagara vyaho, umuntu wese aterera ibuye mu murima mwiza wose gushika wuzuye amabuye. Basivya amariba yose, batemagura n’igiti ciza cose. Igisagara ca Kiru-Hareseti conyene ni co casigaye gikomeye, ariko na co nyene abasoda bateresha amabuye imigozi baragitera.
26 Umwami wa Mowabu abonye ko agiye kuneshwa ku rugamba, aca ahitana abasoda amajana indwi bagwanisha inkota ngo arabe uko boca mu ngabo z’umwami wa Edomu, ariko birabananira. 27 Aca afata umuhungu wiwe yomusubiriye ku ngoma, amutangako ikimazi co guturira, amuherereza ku ruzitiro hejuru. Abisirayeli baca basesemwa n’ico kintu kibi gutyo bavayo basubira mu gihugu cabo.