1 Umusi umwe, umugore w’umwe mu bavugishwa n’Imana yaje aho Elisa ari, aramutakambira ati: "Umugabo wanje ari we musavyi wawe yarapfuye, kandi urazi ko yari umuntu yubaha Uhoraho. None umuntu dufitiye umwenda aje gutwara abahungu banje ngo abagire abagurano biwe."
2 Elisa aramubwira ati: "None nokora iki kugira ngo ndagufashe? Hari ico ufise mu nzu yawe?"
Na we amwishura ati: "Jewe umusavyikazi wawe nta co mfise uretse agacupa k’utuvuta twa elayo."
3 Elisa amubwira ati: "Genda mu babanyi bawe utire ibivomesho, kandi ntutire bike. 4 Hanyuma uheze uvyinjirane mu nzu, mwiyugarane n’abahungu bawe. Maze usuke ayo mavuta muri ivyo bivomesho, icuzuye cose mugishire ku ruhande."
5 Nuko uwo mugore amusiga aho aragenda, abigira nk’uko yabimubwiye. Abahungu biwe bamuzanira vya bivomesho, na we abisukamwo ya mavuta, kimwekimwe ku kindi. 6 Vya bivomesho vyose vyuzuye, wa mugore abwira umwe mu bahungu biwe ati: "Nzanira ikindi."
Na we amwishura ati: "Nta na kimwe gisigaye." Ubwo nyene ya mavuta ntiyasubira kwisuka.
7 Wa mugore aca aja kubwira wa muntu w’Imana uko vyagenze, na we amubarira ati: "Genda ugurishe ayo mavuta hanyuma wishure umwenda wawe; amahera asigaye azoheza agutunge wewe n’abahungu bawe."
8 Umusi umwe Elisa aja gutembera mu gisagara ca Shunemu. Hariho umugore w’umutunzi yabayo, maze atumira Elisa gufungura iwe. Kuva ico gihe, uko Elisa arenganye yama acaho, akamuzimana. 9 Uwo mugore abarira umugabo wiwe ati: "Sinkekeranya, uwu mugabo yama aca ngaha ni umuntu w’Imana. 10 Reka tumwubakire icumba hejuru ku nzu, tumushirireyo uburiri, imeza, intebe hamwe n’itara. Niyasubira kugaruka, azoze araronka aho arara."
11 Umusi umwe, Elisa asubiye i Shunemu, aduga muri ca cumba co hejuru araruhuka. 12 Abwira umukozi wiwe Gehazi ati: "Mpamagarira uwo Munyashunemukazi." Aramuhamagara, na we araza ahagarara imbere ya Elisa. 13 Elisa abwira Gehazi ati: "Mubwire uti: ‘Watwigoreye cane mu kudukorera ibi vyose. None natwe twogukorera iki? Tuje kukuvugira ku mwami canke ku mukuru w’ingabo?’ "
Ariko uwo mugore amubwira ati: "Jewe nibereyeho neza mu muryango wanje."
14 Elisa abaza Gehazi ati: "Ubona twomukorera iki?"
Na we ati: "Erega nta gahungu afise, kandi umugabo wiwe arashaje!"
15 Elisa abwira Gehazi ati: "Subira umumpamagarire." Wa mugore araza ahagarara mu muryango. 16 Elisa amubwira ati: "Mu mwaka uza, igihe nicagera nk’aha iki kigeze, uzoba ukikiye umwana w’umuhungu mu maboko yawe."
Ariko uwo mugore amwishura ati: "Oya mugenzi, ntaco ubesha umusavyikazi wawe, kandi uri umuntu w’Imana."
17 Ariko uwo mugore aca asama inda, mu mwaka ukurikira, mu gihe nk’ico nyene, avyara umwana w’umuhungu, nk’uko Elisa yari yabimubwiye.
18 Uwo mwana arakura, maze umusi umwe aja kuraba se mu mirima, aho yari kumwe n’abimbuzi. 19 Maze abwira se ati: "Ndamenetse umutwe! Ndamenetse umutwe!"
Se aca abwira umwe mu bakozi biwe ati: "Muterure umushire nyina." 20 Wa mukozi amaze kumutwara kwa nyina, uwo mwana aca yicara ku bibero vyiwe gushika nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, hanyuma arahwera. 21 Nyina aca aramudugana amuryamika ku buriri bwa wa muntu w’Imana, aca yugara umuryango arasohoka.
22 Aca atumako umugabo wiwe ati: "Ndungikira umukozi umwe n’indogoba, kugira ngo nkubitire kuraba wa mukozi w’Imana nca ngaruka."
23 Umugabo wiwe aramubaza ati: "Ni kubera iki ugiye kumuraba uwu musi kandi atari ku musi mukuru w’ukwezi canke kw’Isabato?"
Umugore na we ati: "Oya nta na kimwe, ni amahoro."
24 Aca arategura indogoba, abwira wa mukozi ati: "Hogi tugende twihuta, ntugende bukebuke, kiretse ndakubariye." 25 Nuko bafata inzira baragenda, bashikira wa muntu w’Imana ari ku musozi Karumeli.
Elisa ababonye bakiri kure, abwira Gehazi ati: "Ehe wa Munyashunemukazi! 26 Irukanga umutegere, umubaze uti: ‘Muri amahoro mwe n’umugabo wawe n’umwana wawe?’ "
Na we yishura ati: "Turi amahoro."
27 Ashikiriye wa muntu w’Imana ku musozi hejuru, yikubita hasi imbere yiwe, amufata ku birenge. Gehazi yegereye ngo amusunure amwigizeyo, Elisa amubwira ati: "Mureke, yuzuye umubabaro mu mutima, kandi Uhoraho yabimpishije, ampisha n’icabitumye."
28 Wa mugore abaza Elisa ati: "Mugenzi, mbega ni jewe nari nagusavye umwana? Sinari nakubujije kumpenda?"
29 Elisa aca abwira Gehazi ati: "Fata umukanda ukenyeze neza umutamana wawe, ufate iyi nkoni yanje hanyuma wiruke. Nihagira abo muhura mu nzira ntimuramukanye, kandi nihagira abakuramutsa ntubasubize. Iyo nkoni uce uyirambika kuri wa mwana."
30 Ariko nyina w’uwo mwana abarira Elisa ati: "Ndakurahiye Uhoraho, sindagusiga." Nuko Elisa ca ajana na we.
31 Gehazi arirukanga abagenda imbere, arambika ya nkoni kuri wa mwana, ariko umwana ntiyahema canke ngo yikakaze.
32 Elisa ashitse muri iyo nzu, asanga umuvyimba wa wa mwana uryamye ku buriri bwiwe. 33 Aca arinjira, ariyugarana, hanyuma asenga Uhoraho. 34 Aca yurira ku buriri, yubarara kuri wa mwana, umunwa wiwe uja ku munwa w’uwo mwana, amaso yiwe aja ku maso y’uwo mwana, ibiganza vyiwe na vyo bifatana n’ivy’uwo mwana. Akimwubarayeko, umubiri w’umwana utangura gususuruka. 35 Elisa aca arahaguruka, agendagenda muri ico cumba akanya gatoya, hanyuma asubira ku buriri yongera kumwubararako. Wa mwana aca yasamura incuro indwi, hanyuma aca arakanura.
36 Elisa aca ahamagara Gehazi, amubwira ati: "Hamagara wa Munyashunemukazi." Elisa aramuhamagara. Ashitse Elisa amubwira ati: "Akira umwana wawe." 37 Arinjira yikubita ku birenge vya Elisa, yubama hasi. Aca atora wa mwana arasohoka.
38 Igihe kimwe Elisa asubira i Gilugali, kandi ico gihe hari inzara nyinshi. Umusi umwe abiga ibijanye n’ivyo kuvugishwa bari bakoraniye aho Elisa ari, na we abwira umukozi wiwe ati: "Fata inkono nini ushire ku ziko, utekere imboga aba bantu."
39 Umwe muri bo aca yirukanga mu gahinga gusoroma imboga, ahasanga umutangatanga awamurako imitangatanga, ayitekera mu mutamana wiwe. Agarutse, ayitemagurira muri ya nkono y’imboga, kuko batari bazi ivyo ari vyo. 40 Bamaze kwarura izo mboga bagatangura kurya, bakomera induru rimwe bati: "Muntu w’Imana, izi mboga zirimwo ishano." Ntibashobora kuzirya.
41 Elisa aca avuga ati: "Nimunzanire agafu." Aca agasuka muri ya nkono, avuga ati: "Nimuhereze abantu barye." Nuko basanga nta shano rikiri muri iyo nkono.
42 Muri ico gihe haza umuntu azananye i Bayali-Shalisha, azaniye uwo muntu w’Imana imikate mirongo ibiri y’ingano zeze ubwa mbere, ayizanye mw’isaho yiwe, amuzanira n’udushishi tw’ingano nshasha. Elisa avuga ati: "Bigaburire abantu babirye."
43 Umukozi wiwe amubaza ati: "Nogaburira nte utuntu tungana ukwo abantu ijana?"
Ariko Elisa amubwira ati: "Bihereze abandi barye, kuko Uhoraho avuze ati: ‘Bararya bongere basigaze.’ " 44 Nuko arabibagaburira, bararya mbere haba n’ibisigara, nk’uko Uhoraho yari yabivuze.