1 Yosiya yari afise imyaka umunani igihe yaba umwami, aca aganza imyaka mirongo itatu n’umwe ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Yedida, umukobwa wa Adaya, w’i Bozikati. 2 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari vyiza mu nyonga ziwe, agendera mu nzira zose za sekuruza Dawidi, ntiyahengamira i buryo canke i bubamfu.
3 Mu mwaka ugira cumi n’umunani ari ku ngoma, umwami Yosiya ahamagara umunyamabanga wiwe yitwa Shafani mwene Azaliya, Azaliya mwene Meshulamu, amutuma mu Ngoro y’Uhoraho. 4 Amubwira ati: "Genda ubwire Hilukiya umuherezi mukuru, yegeranye amahera yatanzwe mu Ngoro y’Uhoraho, ayo abakozi bo ku miryango y’ingoro bari begeranije ava mu bantu. 5 Maze ayahe abantu b’abizigirwa, bagenewe gukurikirana neza ibikorwa vyo mu Ngoro. Abo bantu na bo bazohembe abazokora ibikorwa vyo gusanura Ingoro y’Uhoraho; 6 ababaji n’abubatsi, maze bongere bagure imbaho, babazishe n’amabuye yo gusanura Ingoro. 7 Ariko ntibazokwirirwa barabazwa uko bazoba bakoresheje amahera bahawe, kuko ari abizigirwa."
8 Hilukiya umuherezi mukuru abwira Shafani umwanditsi ati: "Ndatoye Igitabu c’Ivyagezwe mu Ngoro y’Uhoraho." Aca agiha Shafani, na we aragisoma. 9 Maze Shafani asubira inyuma abarira umwami ati: "Abatware bawe batanze amahera yari mu Ngoro y’Uhoraho, bayahaye abo bizeye ko bokurikirana ibikorwa vyo mu Ngoro." 10 Yongera abwira umwami ati: "Hilukiya umuherezi mukuru yampaye iki gitabu." Hanyuma Shafani agisomera imbere y’umwami.
11 Maze umwami yumvise amajambo yo muri ico Gitabu c’Ivyagezwe, aca yitaburirako impuzu. 12 Aca ategeka Hilukiya umuherezi, Ahikamu mwene Shafani, Akibori mwene Mikaya, Shafani umunyamabanga w’umwami na Asaya umukozi w’umwami ati: 13 "Nimugende munsigurize Uhoraho jewe n’abantu n’ab’i Buyuda bose ku vyerekeye ivyanditswe muri iki gitabu catowe. Uburake bw’Uhoraho bwasutswe kuri twebwe burateye ubwoba kuko ba sogokuruza batumviye amajambo ari muri iki gitabu, ngo bakore ibihwanye n’ivyanditswemwo."
14 Umuherezi Hilukiya hamwe na Ahikamu, Akibori, Shafani na Asaya baca baja kuvugana na Hulida umuvugishwa, yari umugore wa Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Haruhasi uwari ajejwe imyambaro yo mu Ngoro. Uwo Hulida yaba i Yerusalemu mu gice gishasha c’igisagara.
15 Na we ababwira ati: "Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze: ‘Nimugende mubwire uwabantumyeko muti 16 Uku ni ko Uhoraho avuze: Ngiye guteza icago aha hantu n’abantu baho, nk’uko vyanditswe mu gitabu umwami w’i Buyuda yasomye. 17 Kuko bantaye, bagaturirira ibimota neza izindi mana, bakandakisha ibigirwamana amaboko yabo yakoze, uburake bwanje buzoziriringira aha hantu, kandi nta kizobuhwamika. 18 Nimugende mubwire umwami w’i Buyuda yabatumye kumusiguriza Uhoraho, muti: Uku ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze ku vyerekeye amajambo wumvise: 19 Ko umutima wawe wakozweko, ukicisha bugufi imbere y’Uhoraho ucumva amajambo navuze kuri aha hantu no ku bantu baho ko bagiye guherengetera no gucika umuvumo, kandi ko witaburiyeko impuzu ukaririra imbere yanje; nanje nakwumvise, ni ko Uhoraho avuze. 20 None rero nzoguha kwitahira amahoro uhamvye ba sogokuruza bawe. Amaso yawe ntazobona ivyago vyose ngiye guteza aha hantu.’ "
Nuko bashira umwami iyo nyishu abahaye.