Publicidade

2 Reis 24

1 Ku ngoma ya Yehoyakimu, umwami Nebukadineza w’i Babiloni atera igihugu c’i Buyuda, Yehoyakimu amubera umusavyi kumara imyaka itatu. Ariko inyuma yaho agarariza Nebukadineza. 2 Uhoraho aca arungika Abanyababiloni, Abaramu, Abanyamowabu, Abamoni n’Abasiriya, batera Ubuyuda. Barabusambura nk’uko Ijambo ry’Uhoraho ryari ryabivuze riciye ku basavyi biwe ari bo bavugishwa. 3 Koko ivyo vyashikiye Ubuyuda nk’uko Uhoraho yari yabitegetse, kugira ngo abirukane mu maso hiwe, ku bw’ivyaha vyose Manase yakoze, 4 harimwo gusesa amaraso y’abantu ata co bazira, ayo yatembesheje nk’inzuzi i Yerusalemu, bituma Uhoraho yanka kuvyihanganira.

5 Ibindi vyabaye ku ngoma ya Yehoyakimu hamwe n’ivyo yakoze vyose, mbega ntivyanditswe mu gitabu c’ivyabaye ku ngoma z’abami b’Abayuda? 6 Nuko Yehoyakimu ahamvya ba sekuruza, maze Yehoyakini umuhungu wiwe aba ari we amusubirira ku ngoma.

7 Umwami wa Egiputa ntiyabaye agisubira kuva mu gihugu ciwe, kuko umwami wa Babiloni yari yafashe igihugu cose ahereye ku kagezi ka Egiputa ugashisa ku ruzi Efurate.

Ivya Yehiyakini umwami w’i Buyuda

8 Yehoyakini yari afise imyaka cumi n’umunani igihe yimikwa ngo abe umwami, aganza amezi atatu ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Nehushita mwene Elunatani w’i Yerusalemu. 9 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, nk’uko se yakoze.

10 Ku ngoma ya Yehoyakini, abakuru n’ingabo za Nebukadineza umwami w’i Babiloni baraza bugariza igisagara ca Yerusalemu, 11 na Nebukadineza umwami w’i Babiloni ubwiwe arishikira mu gisagara mu gihe bari bacugarije. 12 Yehoyakini umwami w’i Buyuda, nyina wiwe, abasavyi biwe, abatware hamwe n’abubahwa biwe bose barishikana kuri Nebukadineza.

Mu mwaka ugira umunani umwami w’i Babiloni ari ku ngoma, atwara Yehoyakini nk’imbohe. 13 Nk’uko Uhoraho yari yarabivuze, Nebukadineza atwara ubutunzi bwose bwari mu Ngoro y’Uhoraho no mu kirimba c’umwami, atwara ibikoresho vyari bicuzwe mu nzahabu Salomo umwami wa Isirayeli yari yarakoresheje akabishira mu Ngoro. 14 Atwara mu buja ababa i Yerusalemu bose: abatware, abasoda, abacuzi, abanyamyuga, bose hamwe bari ibihumbi cumi. Abakene bo muri ico gihugu ni bo bonyene basigaye.

15 Nebukadineza afata Yehoyakini, amutwara nk’imbohe i Babiloni, atwara na nyina w’umwami, abagore b’umwami, abatware biwe hamwe n’abakuru bo muri ico gihugu bose, abakuye i Yerusalemu. 16 Umwami wa Babiloni yongera atwara abasoda ibihumbi indwi, bakomeye cane, bamenyereye intambara, hamwe n’abacuzi n’abanyamyuga igihumbi b’abahinga. 17 Yimika Mataniya sewabo wa Yehoyakini nk’umwami, ahindura izina ryiwe amwita Zedekiya.

Ivya Zedekiya umwami w’i Buyuda

18 Zedekiya yari afise imyaka mirongo ibiri n’umwe igihe yaba umwami, aganza imyaka cumi n’umwe ari i Yerusalemu. Nyina wiwe yitwa Hamutali mwene Yeremiya w’i Libuna. 19 Akora ivyo Uhoraho abona ko ari bibi mu nyonga ziwe, nk’uko Yehoyakimu yakoze. 20 Ivyo vyose vyashikiye Yerusalemu n’Ubuyuda kubera uburake bw’Uhoraho bwari bwaziririnze, akirukana abantu biwe mu maso hiwe.

Yerusalemu hasamburwa

Maze Zedekiya agarariza umwami w’i Babiloni.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-