Publicidade

Sofonias 1

1 Iri ni ijambo ry’Uhoraho ryatumwe kuri Zefaniya, mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya, ku ngoma ya Yosiya mwene Amoni, umwami w’i Buyuda.

Urubanza rw’Imana

2 "Nzorandura ibintu

vyose biri kw’isi,"

ni ko Uhoraho avuze.

3 "Nzorandura abantu n’ibikoko;

nkureho inyoni mu kirere

n’amafi mu biyaga,

hamwe n’ibigirwamana bituma umunyakibi atsitara.

Igihe nzorandura abantu bose

nkabakura kw’isi,"

ni ko Uhoraho avuze,

4 "nzoramvurira ukuboko kwanje kugwanya Abayuda,

no kugwanya abantu bose baba i Yerusalemu.

Nzorandura abasenga Bayali bose bazoba bagisigaye muri kino kibanza,

n’amazina y’abaherezi basenga ibigirwamana,

5 bapfukama hejuru ku mazu,

bagasenga inyenyeri zo kw’ijuru,

bakongera bakunama bakarahira mw’izina ry’Uhoraho,

kandi bagasubira bakarahira mw’izina rya Moleki.

6 Nzorandura n’abo bose basubiye inyuma batakinsenga,

hamwe n’abo batakirondera Uhoraho canke ngo bagire ico bamusiguza."

7 Nimuhwekere imbere y’Uhoraho Nyeninganji,

kuko umusi w’urubanza rwiwe uri hafi.

Uhoraho yarateguye ikimazi;

yaramaze gutegura abo kugitanga.

8 Kandi kuri uwo musi w’ikimazi c’Uhoraho,

nzohana abatware

n’abaganwa ari bo bahungu b’umwami,

hamwe n’abo bose

basenga imana z’abanyamahanga.

9 Kuri uwo musi nzohana

abaja mu misi mikuru yo gusenga ibigirwamana,

bakuzuza inzu z’ibigirwamana vyabo

umuryano n’uruhendo.

10 "Kuri uwo musi,"

ni ko Uhoraho avuze,

"induru izokwumvikanira kw’Irembo ry’Amafi,

abantu baboroge bava mu gisagara gishasha,

kandi ijwi rirenga rizumvikanira ku misozi.

11 Nimuboroge, yemwe ababa hafi y’utuguriro,

kuko abadandaza banyu bose bakuweho,

abashora ifeza bose na bo bakaba bahonye.

12 Ico gihe nzorondeza Yerusalemu urumuri,

mpane abantu bose bidibamiye mu vyaha vyabo,

bameze nk’umuvinyu ureremba hejuru ku mvuzo,

bibwira ko Uhoraho ata na kimwe azokora,

kiba kibi canke ciza.

13 Ubutunzi bwabo buzosahurwa,

amazu yabo azosenyurwa.

Naho bubaka amazu,

ntibazoyabamwo.

Naho barima imizabibu,

ntibazonywa imitobe yazo.

14 Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi,

uri hafi kandi uje wihuta.

Amarira yo ku musi w’Uhoraho azoba ateye agahinda,

aho n’umuhizi mu ntambara azoboroga.

15 Uwo musi uzoba ari umusi w’uburake,

umusi w’amarira n’imibabaro,

umusi w’ivyago no guhona,

umusi w’umwijima w’umuzitanya,

umusi w’igipfungu n’ukwiraburanirwa,

16 umusi w’inzamba n’akaruru k’intambara,

yo kugwanya ibisagara bizitiriwe

n’iminara yo mu mfuruka zavyo.

17 Nzoteza ivyago amahanga,

agende arajuragirika kurya kw’impumyi,

kuko bacumuye k’Uhoraho.

Amaraso yabo azoseswa hasi nk’amazi,

n’imibiri yabo ibore nk’umwavu.

18 Ifeza zabo canke inzahabu zabo

nta na kimwe kizoshobora kubakiza,

ku musi w’uburake bw’Uhoraho."

Mu kururumba kw’ishari ryiwe

isi yose iyo iva ikagera, izotongorwa n’umuriro,

kuko azoshiraho iherezo mu buryo bwihuta

ry’abantu bose bari kw’isi.

Veja também

Publicidade
Sofonias
Ver todos os capítulos de Sofonias
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-