Namoro e sexo
Namoro e sexo são temas que a Bíblia trata com clareza e sem tabus. Deus criou o sexo como bênção dentro do casamento e nos chama à pureza fora dele.
Pureza sexual
A vontade de Deus é a santificação. Cada um saiba controlar seu próprio corpo em santidade e honra, não na paixão do desejo.
Ico Imana igomba ni uko mubaho mwejejwe, muri kure y’ivyaha vy’ubusambanyi. Kandi ni uko umwe wese muri mwebwe abaho aganza umubiri wiwe, yejejwe kandi yihesha agateka, mudatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri nk’abapagani batazi Imana.
Uwundi avuga ati: "Ivyokurya ni ivy’inda, n’inda ni iy’ivyokurya kandi Imana izobirandura vyompi." Yamara umubiri ntiwaremewe kuganzwa n’ubusambanyi, ariko waremewe kuba uw’Umwami Imana, kandi ni we awitaho.
Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.
Arrependimento e restauração
Bem-aventurado aquele cujo pecado é perdoado. Deus restaura os que se arrependem e cria neles um coração limpo e renovado.
Hahiriwe umuntu
Imana yababariye ibikorwa vyiwe bibi;
ivyaha vyiwe bigaharirwa.
Hahiriwe umuntu
Uhoraho adaharurako ivyaha vyiwe
kandi mu impwemu yiwe ntihabemwo ubugunge.
Ncereje,
amagufa yanje aruma
kubera kuboroga bukarinda bwira.
Kuko ku murango no mw’ijoro
ukuboko kwawe kwandemera;
inkomezi zanje zaragurutse
nk’ukwuma kwo mu ci.
Ni kuko nakwemereye icaha canje
sinanyegeza ukugabitanya kwanje.
Naravuze nti: "Ndaturira Uhoraho
ukugabitanya kwanje."
Nawe wampariye
ugucumura kwanje.
Ni co gituma abakwizigira bose bakwiye kugusenga
mu mwanya ushobora kubonerwamwo;
ni ukuri amazi menshi asuriranya
ntazobashikira.
Nyoza ukugabitanya kwanje kwose
unyoze icaha canje.
Kuko ndazi ibigabitanyo vyanje,
kandi icaha canje cama imbere yanje
Nacumuye kuri wewe, wewe wenyene,
nakoze ibibi mu nyonga hawe;
ari na co gituma uvuga ukuri mu manza uca
kandi ata co ugawa iyo uciye urubanza.
Unyogeshe ezobu, nanje ndahumanuka;
unyoze, nanje ndera derere kurusha shelegi.
Umpe kwumva umunezero n’agahimbare;
amagufa wavunaguye anezerwe.
Hisha inyonga zawe ivyaha vyanje
uhanagure ukugabitanya kwanje.
Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,
umpe umutima ushikamye.
Ntunyirukane mu nyonga hawe
canke ngo unkureko Mpwemu Yera wawe.
Nsubiza umunezero w’agakiza kawe
umpe umutima ufise ishaka ryo kukwumvira.