1 Urinde intambuko zawe niwaja mu nzu y’Imana. Utege amatwi wumvirize kuko ivyo ari vyiza kuruta ugutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko ntibimenya ko bikora nabi.
2 Ntiwihute kuvuga usezerana,
ntiwihute mu mutima wawe,
ngo wihutire gusezerana imbere y’Imana.
Kuko Imana iri mw’ijuru
nawe uri kw’isi,
nuko rero amajambo yawe abe make.
3 Nk’uko inzozi ziza ku muntu yiganyira cane,
ni ko bigenda kw’ijambo ry’igipfu kivuga menshi.
4 Niwasezerana isezerano imbere y’Imana, ntutebe kurishitsa. Ntinezerwa n’ibipfu; uze ushitse indahiro yawe. 5 Ni vyiza kutagira ico usezerana hako usezerana ntushitse ico wasezeranye. 6 Akanwa kawe ntikakujane mu caha. Kandi ntuze wivuguruze imbere y’intumwa yo mu Ngoro ngo: "Narihenze." Ni kubera iki Imana yokurakira ku vyo wavuze igasambura igikorwa c’intoke zawe? 7 Inzozi nyinshi n’amajambo menshi ni ubusa. Nuko rero tinya Imana.
8 Niwabona umukene acinyizwa mu ntara, kandi uguca imanza zibereye n’agateka k’abantu bikibagirwa, ntibize bigutangaze; kuko umutware ashinzwe ijisho n’uwumutwara na we, kandi hejuru yabo bompi hari abandi babatwara, ubutungane bukanyikira hagati y’abafata ingingo. 9 Inyungu zo mu vyimburwa zitwarwa na bose; n’umwami ubwiwe aronka ku bivuye mu mirima.
10 Inkunzi y’amahera ntiyigera iyahaga;
n’uwukunda ubutunzi ntiyigera ahazwa n’ivyo aronka.
N’iki na co ni ubusa.
11 Ubutunzi nibwagwira,
ni ko n’ababurya bazogwira.
Kandi nyenebwo yunguka iki muri bwo
atari ukunezereza amaso yiwe aburaba?
12 Agatiro k’umukozi kararyoshe,
arya bike canke vyinshi,
ariko ibihinda vy’umutunzi
ntibimwemerera gusinzira.
13 Nabonye ikibi gikomeye musi y’izuba:
Ni umuntu yazigamye itunga, na ryo rikamutera amagorwa,
14 canke agatakaza ubwo butunzi mu rudandazwa rubi,
maze umuhungu wiwe
ntagire ico asigarana.
15 Umuntu ava mu nda ya nyina yambaye ubusa,
kandi uko yaje ni ko agenda.
Nta co ajana mu vyo yaruhiye
nta co atwara mu ntoke.
16 N’iki na co ni ikibi kirenze urugero:
uko umuntu aza, ni ko agenda,
none yunguka iki,
kuko acumukurira umuyaga?
17 Arira imisi yiwe yose mu mwiza,
no mu mubabaro mwinshi, amarushwa n’uburake.
18 Maze nsanga ari vyiza kandi bibereye ko umuntu arya akanywa, akinezereza mu butame bwiwe bwose agirira musi y’izuba mu misi mike y’ubuzima bwiwe Imana yamuhaye, kuko ari wo mugabane wiwe. 19 Vyongeye, mu gihe Imana ihaye umuntu itunga n’ibintu vyinshi, ikamwemerera kubinezererwamwo, ngo yakire umugabane wiwe yongere anezererwe igikorwa ciwe, iyo ni ingabire y’Imana. 20 Ni gake umuntu yiyumvira ku misi y’ubuzima bwiwe ingene ari mike, igihe Imana yujuje umutima wiwe umunezero.