1 Nabonye ikindi kibi musi y’izuba, kandi kiremereye abantu: 2 Imana iha umuntu ubutunzi bwinshi, n’icubahiro, kugira ngo ntagire ico akena mu vyo umutima wiwe wipfuza, ariko Imana ntimwemerere kubinezererwamwo, maze kavantara akaba ari we abinezererwamwo. Ivyo ni ubusa, ni ikibi giteye umubabaro.
3 Umuntu ashobora kugira abana ijana akaramba imyaka myinshi; ariko naho yoramba, adashobora kunezererwa ubutunzi bwiwe kandi ntahambwe neza, ndavuga nti arutwa n’ikivutse gihwereye. 4 Kivuka ari ubusa, kikazimirira mu mwiza, izina ryaco rikazimirira mu mwiza. 5 Naho kitigeze kibona izuba canke ngo kimenye ikintu na kimwe, kiraruhuka neza kurusha uwo muntu, 6 naho yoramba imyaka igihumbi incuro zibiri ariko ntanezererwe ubutunzi bwiwe. Mbega bose ntibaja hamwe?
7 Igituma umuntu atama ni ukugira ngo aronke ico arya,
ariko ntiyigera ahaga.
8 None umunyabwenge arusha iki igipfu?
Umukene yunguka iki
mu kumenya ingene yigenza imbere y’abandi?
9 Ivyo ijisho ribona biruta
ukwipfuza kw’akayabagu.
N’ivyo na vyo ni ubusa,
ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
10 Ikiriho cose caramaze kwitwa izina,
kandi ico umuntu ari camenywe kera;
nta muntu ashobora guharira
n’umuntu amurusha inkomezi.
11 Uko umuntu avuga menshi,
ni ko avuga ibitagira ikimazi,
none ivyo bimarira iki umuntu?
12 None ni nde yoshobora kumenya icoba ciza mu buzima bw’umuntu, mu misi yiwe y’ubusa imeze nk’igitutu? Ni nde yomubwira ikizobaho musi y’izuba amaze gupfa?