1 Ni nde ameze nk’umunyabwenge?
Ni nde azi insiguro y’ibintu?
Ubwenge butuma mu maso h’umuntu haca,
bugatuma ukwijirirwa kuvaho.
2 Wubahe itegeko ry’umwami, kuko warahiye imbere y’Imana ko uzobikora. 3 Ntiwihute kuva imbere y’umwami, kandi ntuhaguruke ku bw’inyanduruko mbi, kuko ashobora gukora ikimuhimbaye cose. 4 Kubera ijambo ry’umwami riruta ayandi yose, ni nde yomubwira ngo: "Ivyo ukora ni ibiki?"
5 Uwumvira amabwirizwa yiwe wese ntazogira ingorane,
kandi umunyabwenge azomenya igihe gikwiye n’uburyo bwo kubikora.
6 Kuko hari igihe gikwiye n’uburyo bwo gukora ikintu cose,
naho ubworo bw’umuntu buremera cane.
7 Ko ata n’umwe azi ibizoba ejo,
none ni nde yobwira uwundi ibigira bibe?
8 Nta n’umwe ashobora kugumya impwemu yiwe ngo ntigende,
ni co gituma ata n’umwe afise ububasha bwo kwigizayo umusi wo gupfa kwiwe.
Muri iyo ntambara nta buryo bwo guhunga,
kandi n’ubukozi bw’ikibi ntibushobora gutabara ababukoresha.
9 Ivyo vyose narabibonye, mu gihe nariko ndiyumvira ku bikorerwa musi y’izuba vyose. Hari igihe umuntu aganza abandi bikamutera amagorwa. 10 Kandi nabonye abanyakibi bahambanwa icubahiro; abahora baja mu Ngoro y’Imana maze bagashimagizwa n’abantu bo mu gisagara bakoreyemwo ibibi. N’ibi na vyo ni ubusa.
11 Iyo urubanza rw’icaha rudaciwe vuba, imitima y’abantu yuzura imigabo yo gukora ibibi. 12 Naho umunyakibi yokora ibibi ijana kandi akaramba, ndazi neza ko abubaha Imana, bafise ugutinya Imana mu mitima, ivyabo bizogenda neza kurusha. 13 Ariko kuko ata kwubaha Imana kw’abanyakibi, nta mahoro kuri bo, kandi imisi yabo izoyonga nk’igitutu.
14 Hari n’ikindi kibera kw’isi na co nyene ari ubusa: ni abagororotsi baronka ibihano vyari bikwiye abanyakibi, abanyakibi na bo bakaronka impera yari ikwiye abagororotsi. Ivyo na vyo, ndabivuze, ko ari ubusa. 15 Nuko ico nzi ntakekeranya ni uko umuntu akwiye kunezerererwa ubuzima, kuko ata kindi ku muntu ari musi y’izuba kiruta kurya no kunywa no kunezerwa. Maze umunezero uzomuherekeza mu gikorwa ciwe imisi yiwe yose yo kubaho Imana yamuhaye musi y’izuba.
16 Igihe nashira umutima ku kumenya ubwenge no kuraba ubutame bw’umuntu kw’isi, amaso yiwe ntaronke agatiro ku murango no mw’ijoro, 17 nabonye ivyo Imana yakoze. Nta n’umwe ashobora gutahura ivyo Imana ikorera musi y’izuba. Naho agerageza kubirondera, umuntu ntashobora kumenya insiguro yavyo. Naho umunyabwenge avuga ko abizi, ntashobora kubitahura.