Publicidade

Eclesiastes 10

1 Nk’uko isazi zipfiriye mu mavuta zituma anuka,

ni ko n’ubupfu bukeya buhindura ubusa ubwenge n’icubahiro.

2 Umutima w’umunyabwenge uhengamira i buryo,

ariko umutima w’igipfu uhengamira i bubamfu.

3 No mu gihe igipfu kigendagenda mu nzira,

kigenda ata bwenge

kandi abantu bose barabona ubupfu bwaco.

4 Uburake bw’uwukuganza nibwaba bwinshi,

ntuze uve ku kirindiro cawe;

ukwitonda kwawe gushobora gutuma uharirwa ibibi vyinshi.

5 Hari ikibi nabonye musi y’izuba,

ni akarenganyo gatewe n’uwuganza:

6 Ibipfu bishirwa mu bibanza vyo hejuru,

ariko abatunzi bagashirwa hasi.

7 Nabonye abagurano bagendera ku mafarasi,

ariko abaganwa bagenda n’amaguru nk’abagurano.

8 Uwimba ikinogo azokigwamwo;

kandi uwumena uruhome ashobora gukomorwa n’inzoka.

9 Uwutembagaza amabuye azomukomeretsa;

kandi uwicira ibiti incabiti ishobora kumutera ingorane.

10 Incabiti niyapfuha

ubugi bwayo ntibukarishwe,

umuntu azoba akwiye gukoresha inkomezi nyinshi

ariko ubuhinga butuma umuntu ashika ku vyo yateguye.

11 Inzoka igukomoye imbere y’uko igotwa,

uwuyigota nta co aba akimaze.

12 Amajambo yo mu kanwa k’umunyabwenge yuzuye ubuntu,

ariko iminwa y’igipfu izogihitana.

13 Mu ntango amajambo yaco ni ubupfu;

ariko kw’iherezo ni ubusazi bubi,

14 kandi igipfu kigwiza amajambo.

Nta n’umwe azi ibigira bibe,

ni nde yomubwira ibizoba inyuma yiwe?

15 Igikorwa c’igipfu kizomuremera;

kuko atazi inzira ija mu gisagara.

16 Uragowe, wa gihugu we, umwami wawe yari umushumba,

abaganwa bawe bakinezereza kuva mu gitondo.

17 Urahiriwe, wa gihugu we, umwami wawe yavutse ari umuganwa,

abaganwa bawe bakinezereza igihe gikwiye kigeze,

kugira ngo bagire inkomezi atari ukugira ngo baborerwe.

18 Umuntu niyaba umunebwe, inzu yiwe izosambuka;

kandi niyarera amaboko, inzu yiwe izova.

19 Umusi mukuru utera kunezerwa,

kandi umuvinyu utuma unezereza ubuzima,

ariko amahera ni inyishu ku bintu vyose.

20 Ntuvuge umwami nabi naho hoba mu vyiyumviro,

canke ngo uvume umutunzi uri mu buriri bwawe,

kuko inyoni yohava itwara amajambo yawe,

kandi inyoni yo mu kirere yohava imenyesha ivyo wavuze.

Veja também

Publicidade
Eclesiastes
Ver todos os capítulos de Eclesiastes
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-