1 Amajambo y’umusiguzi, mwene Dawidi, umwami w’i Yerusalemu:
2 "Ni ubusa! Ni ubusa!"
Ni ko umusiguzi avuga.
"Ni ubusa gusa!
Vyose ni ubusa."
3 Umuntu yunguka iki mu butame bwiwe bwose,
mu bikorwa vyose akorera musi y’izuba?
4 Urunganwe ruraza urundi rukagenda,
ariko isi igumaho ibihe vyose.
5 Izuba riraseruka bwije rikarenga,
hanyuma rikihutira gusubira iyo riserukira.
6 Umuyaga uhuha uja mu bumanuko,
hanyuma ugahindukirira mu buraruko,
ukagenda uzunguruka,
ukama usubiramwo inzira yawo.
7 Inzuzi zose zitemba zija mu kiyaga,
ariko ikiyaga nticigera cuzura.
Aho za nzuzi zatanguriye,
ni ho amazi asubira.
8 Ibintu vyose biraruhisha,
kurusha uko umuntu yobivuga.
Ijisho ntirihaga kuraba,
n’ugutwi ntiguhaga kwumva.
9 Icabayeho kizosubira kubaho,
icakozwe kizokwongera gukorwa;
nta gishasha musi y’izuba.
10 Hoba hariho na kimwe umuntu yovuga ati:
"Raba, iki ni gishasha"?
Carabayeho, kera muri kahise;
cariho imbere yacu.
11 Nta kwibuka ivyabaye kera,
kandi n’ibizoba muri kazoza
ntibizokwibukwa
n’abazoza inyuma yavyo.
12 Jewe, umusiguzi, nari umwami w’Abisirayeli i Yerusalemu. 13 Nafashe ingingo yo kwiyegurira kwiga no kurondera kumenya nkoresheje ubwenge mu bintu vyose biri musi y’izuba. Ni umutwaro uremereye Imana yaremetse abantu! 14 Nabonye ibintu vyose bikorerwa musi y’izuba ari ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.
15 Icagoramitswe ntigishobora kugororwa;
ikibuze ntigishobora guharurwa.
16 Nariyumviriye muri jewe nti: "Raba, nararonse kandi naragwije ubwenge kurusha abatwaye i Yerusalemu imbere yanje; kandi nagize ubwenge bwinshi no gutahura kwinshi." 17 Maze nca mfata ingingo yo kwiga ngo menye ivy’ubwenge, ivy’ubusazi n’ivy’ubupfu, ariko natahuye ko n’ivyo na vyo nyene ari ukwiruka inyuma y’umuyaga.
18 Kuko kugira ubwenge bwinshi bizanana n’umubabaro mwinshi;
kandi uko umuntu yongereza ubumenyi ni ko yongereza imibabaro.