Publicidade

Eclesiastes 2

Ibihimbaro ni ubusa

1 Niyumviriye mu mutima wanje nti: "Hinge ndawugeragereshe ibihimbaro kugira ngo menye ivyiza ivyo ari vyo." Ariko na vyo nyene nasanze ari ubusa. 2 Naravuze nti: "Ugutwenga ni ubupfu. Kandi ibihimbaro bimara iki?" 3 Nagerageje kwinezeresha umuvinyu, ngo nifatanye n’ubupfu ariko ngume ndongorwa n’ubwenge muri jewe. Ivyo nakoze nshaka kumenya ikibereye abantu bokorera musi y’ijuru mu misi mike y’ukubaho kwabo.

4 Nagize imigambi ihambaye: Niyubakiye amazu ntera imizabibu. 5 Narimye imirima y’ivyamwa minini na mitoya ndayiteramwo ibiti vy’ubwoko bwose bw’ivyamwa. 6 Nimvye ibinogo vyo kubikamwo amazi yo kuvomera imivyaro y’ibiti. 7 Naguze abagurano n’abaguranokazi nongerako n’abandi bagurano abahungu n’abakobwa babo bavukiye mu nzu iwanje. Kandi nari ntunze amasho n’imikuku kurusha abantu bose b’i Yerusalemu banyitangiye imbere. 8 Nironkeye ifeza n’inzahabu, n’ubutunzi bw’abami n’abarongoye intara. Nironkeye abaririmvyi b’abagabo n’abagore, hamwe n’abahabara benshi, ngira ibihimbaro umutima w’umugabo wese wipfuza. 9 Nabaye agahambaye kuruta abanyitangiye imbere b’i Yerusalemu. Muri ivyo vyose ubwenge bwanje bwagumanye nanje.

10 Ikintu cose amaso yanje yipfuje sinakiyimye;

umutima wanje sinawimye igihimbaro na kimwe.

Umutima wanje wanezererewe igikorwa canje cose,

kandi iyo ni yo ngero y’ubutame bwanje bwose.

11 Ariko ndavye ivyo amaboko yanje yakoze

n’ivyo nacumukuriye,

nasanze vyose ari ubusa, ari ukwiruka inyuma y’umuyaga;

nta na kimwe umuntu yunguka musi y’izuba.

Ubwenge n’ubupfu vyose ni ubusa

12 Maze mpindukiza ivyiyumviro vyanje ngo ndabe ubwenge,

n’ubusazi mbere n’ubupfu.

None uwuzosubira ku ngoma y’umwami yokora iki kindi

atari icamaze gukorwa?

13 Nasanze ubwenge buruta ubupfu,

nk’uko umuco uruta umwijima.

14 Umunyabwenge afise amaso mu mutwe wiwe,

ariko igipfu kigendera mu mwiza;

ariko nasanze

bompi ikibarindiriye ari kimwe.

15 Hanyuma ndiyumvira mu mutima wanje nti:

"Iherezo ry’igipfu nanje nyene rirandindiriye.

None nunguka iki mu kuba umunyabwenge?"

Nibwiye mu mutima wanje nti:

"N’ibi na vyo ni ubusa."

16 Kuko umunyabwenge, mbere n’igipfu, ntazokwibukwa;

uko imisi ihera, bompi bazokwibagiranwa.

Nk’uko bigenda ku gipfu, umunyabwenge na we nyene azopfa!

Ubutame ni ubusa

17 Ni co catumye nanka ubuzima, kuko igikorwa gikorerwa musi y’izuba ari kibi ku bwanje. Vyose ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga. 18 Nanse ibintu vyose vyo mu butame bwanje musi y’izuba, kuko nzobisigarana uwuzoza mu nyuma zanje. 19 Kandi ni nde azi nimba azoba ari umunyabwenge? Ariko ni we azoganza ivyo nakoresheje inkomezi zanje n’ubwenge bwanje musi y’izuba. N’ivyo ni ubusa. 20 Nuko umutima wanje watanguye kwihebura ku bw’ibikorwa biruhije nakoreye musi y’izuba. 21 Kuko umuntu ashobora gukoresha igikorwa ubwenge, ubumenyi n’ubuhinga, maze agasigarana ivyiwe vyose uwutabiruhiye. N’ibi na vyo ni ubusa kandi ni ikibi gikomeye. 22 Umuntu yunguka iki mu butame n’umwitwarariko yagize musi y’izuba? 23 Imisi yose y’ubutame bwiwe ni umubabaro n’amaganya; no mw’ijoro umutima wiwe nturuhuka. N’ibi na vyo ni ubusa.

24 Nta co umuntu ashobora gukora kiruta kurya n’ukunywa no kunezerererwa igikorwa ciwe. N’iki na co, ndabona ko kiva mu kiganza c’Imana, 25 kuko itarimwo, ni nde yorya akanezerwa? 26 Ku wuyihimbaye, Imana itanga ubwenge, ukumenya n’umunezero, ariko iha umunyavyaha igikorwa co kwegeranya no kurundanya ubutunzi kugira ngo aze abihe uwuhimbara Imana. N’iki na co ni ubusa, ni ukwiruka inyuma y’umuyaga.

Veja também

Publicidade
Eclesiastes
Ver todos os capítulos de Eclesiastes
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-