Publicidade

Eclesiastes 11

Ibikorwa vy’umunyabwenge

1 Terera ivyokurya vyawe ku mazi,

inyuma y’imisi myinshi uzokwironkera inyungu.

2 Shira umutahe wawe ahantu indwi, mbere umunani,

kuko utazi igihe ivyago bishobora kuzozirako mu gihugu.

3 Iyo ibicu vyuzuye amazi,

bituma imvura igwa kw’isi.

Igiti gishobora kugwa cerekeye mu bumanuko canke mu buraruko,

kandi aho kiguye ni ho kizoguma kiryamye.

4 Uwuraba umuyaga ntazobiba;

kandi uwuraba ibicu ntazokwimbura.

5 Uko utazi inzira y’umuyaga,

canke uko umwana akurira mu nda ya nyina wiwe,

ni ko udashobora gutahura igikorwa c’Imana,

umuremyi w’ibintu vyose.

6 Biba imbuto zawe mu gitondo,

no ku mugoroba nturere amaboko,

kuko utazi izizokwera,

nimba ari izi canke ziriya,

canke ko zose zizomera neza.

Wibuke umuremyi wawe mu misi y’ubuto bwawe

7 Umuco ni mwiza,

kandi biranezera amaso kubona izuba.

8 Igihe abantu baramvye bakamara imyaka myinshi,

baze bayinezerererwe yose.

Ariko baze bame bibuka imisi y’umwijima,

kuko izoba myinshi,

kandi ivyitezwe vyose bikaba ari ubusa.

9 Ewe muntu ukiri muto, nezererwa ubwo buto bwawe,

kandi ukore ibinezereza umutima wawe mu misi y’ubuto bwawe.

Ukurikire inzira z’umutima wawe,

n’ibintu vyose amaso yawe akwereka,

ariko umenye ko muri ivyo vyose,

Imana izokurengutsa mu rubanza.

10 Nuko rero, irinde kugira amaganya mu mutima wawe

ushire kure y’umubiri wawe ikibi cose,

kuko ubuto no kugira inkomezi ari ubusa.

Veja também

Publicidade
Eclesiastes
Ver todos os capítulos de Eclesiastes
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-