Publicidade

Eclesiastes 12

1 Uze wame wibuka umuremyi wawe

mu misi y’ubuto bwawe,

imisi mibi itaraza

n’imyaka itarashika aho uzovuga uti:

"Ntibikinezereza";

2 izuba n’umuco

n’ukwezi n’inyenyeri bitaracura umwijima,

n’ibicu bitaragaruka imvura ihise;

3 aho abarinzi b’inzu bajugumira,

abanyenkomezi bakunama,

abasyi bagahagarika gusya kuko babaye bake,

n’abarungurukira mu madirisha bagahuma;

4 aho inzugi ziraba kw’ibarabara zugarwa,

ijwi ry’urusyo rigahora;

aho abantu bavyuka inyoni zivuze,

ariko indirimbo zabo zose zikagenda zigabanuka;

5 aho abantu bazotinya imisozi

n’ibiteye ubwoba vyo mu nzira;

mu gihe igiti ca alumonde gishurika,

igihori kikikwega mu nzira,

n’ibirungo ntibibe bikiryoha.

Maze umuntu agataha iwabo h’ibihe vyose,

abamuririra bakaba benshi mu nzira.

6 Umwibuke, urunyuzi rw’ifeza ari bwo buzima rutaracika,

n’igikombe c’inzahabu kitarameneka;

n’umubindi utaramenekera kw’ivomo,

umugozi wo gukwega amazi utaracikira kw’iriba,

7 n’umukungugu ugasubira mw’ivu aho wavuye,

impwemu igasubira ku Mana yayitanze.

8 "Ni ubusa! Ni ubusa!" Ni ko umusiguzi avuga.

"Vyose ni ubusa!"

Indunduro ya vyose

9 Umusiguzi ntiyari umunyabwenge gusa, ariko kandi yigishije abantu ukumenya. Yaragerageje kurondera maze ashira ku rutonde imigani myinshi. 10 Umusiguzi yarondeye gushiraho amajambo atunganye, kandi ivyo yanditse vyari bigororotse kandi ari ivy’ukuri.

11 Amajambo y’abanyabwenge ameze nk’imambo, imigani yabo na yo ni nk’imisumari itewe neza, itangwa n’Umwungere umwe. 12 Mwana wanje, hanurwa wumve ku kintu cose ciyongera kuri yo.

Ukwandika ibitabu vyinshi ntibigira iherezo, kandi kwiga cane kuruhisha umubiri.

13 Vyose vyarumviswe;

iyi ni yo ndunduro ya vyose:

Wubahe Imana witondere amabwirizwa yayo,

kuko ari co kibereye ku muntu.

14 Kuko Imana izoshira mu rubanza igikorwa cose,

harimwo n’ibintu bihishijwe vyose,

ari bibi canke ari vyiza.

Veja também

Publicidade
Eclesiastes
Ver todos os capítulos de Eclesiastes
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-