Publicidade

Cânticos 1

1 Indirimbo iruta izindi ya Salomo.

Umugeni

2 Nunsomeshe iminwa yawe,

kuko urukundo rwawe ruryoshe kuruta umuvinyu.

3 Ugutamirana kw’ibimota vyawe ni kwiza;

izina ryawe ni nk’ibimota neza bisutswe.

Ni co gituma abigeme bagukunda.

4 Nkwega ukuboko, twiruke!

Umwami nantware mu cumba ciwe.

Abakobwa b’i Yerusalemu

Turakunezererwa kandi uraduhimbara; mwami.

Tuzohimbaza urukundo rwawe kuruta umuvinyu.

Umugeni

Ni vyo birababereye ko bagukunda!

5 Ndirabura, ariko ndi mwiza,

yemwe bakobwa b’i Yerusalemu,

nirabura nk’amahema y’i Kedari,

nsa n’impuzu nziza zigize amahema ya Salomo.

6 Ntimunkengere kuko nirabura,

kuko nirabujwe n’izuba.

Basazanje barandakiye

bandungika kurinda imizabibu yabo;

maze siniraba jewe ubwanje,

kandi sinitaho uruzabibu rwanje.

7 Mbwira, yewe mukunzi wanje,

mbega uragira hehe umukuku wawe uno musi?

Mu mashoka uzivyagiza hehe?

Ni kubera iki norinda kuba nk’umugore yazimiye,

i ruhande y’imikuku ya bagenzawe?

Abagenzi

8 Niwaba utahazi, yewe mugore mwiza kuruta abandi bagore,

kurikirana amakanda y’intama zanje

kandi uturukirize imyagazi y’impene zawe

i ruhande y’amahema y’abungere.

Umukwe

9 Mukunzi wanje, ndakugereranya n’ifarasi

ikwega umwe mu mikogote ya Farawo.

10 Mbega ukuntu nkunda amatama yawe, ni meza hagati y’impeta zo ku matwi yawe,

n’izosi ryawe ni ryiza hagati mu migufu.

11 Tuzogucurira amahereni yo ku matwi y’inzahabu,

zisharijwe n’ifeza.

Umugeni

12 Umwami akiri ku kigwa ciwe,

amavuta yanje yaratamiranye.

13 Umukunzi wanje, kuri jewe ameze nk’umukama w’ibimota neza

uryamye hagati y’amabere yanje.

14 Umukunzi wanje, kuri jewe ameze nk’ishurwe ryitwa ikirungu

iyo gishuritse mu mizabibu y’i Eni-Gedi.

Umukwe

15 Ese ingene uri mwiza, mukunzi wanje!

Ese ingene uri mwiza!

Amaso yawe asa n’ay’akanuma kitwa kolombe.

Umugeni

16 Ese ukuntu uri mwiza, mukunzi wanje!

Ese ukuntu unezera!

Kandi uburiri bwacu busa n’umurima utotahaye.

Umukwe

17 Inkingi z’inzu yacu ni amasederi;

kandi igisenge c’inzu yacu ni utujwari.

Veja também

Publicidade
Cânticos
Ver todos os capítulos de Cânticos
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-