Publicidade

Cânticos 5

Umukwe

1 Ninjiye mu murima wanje, mushikanje, mugeni wanje;

negeranije isenga ryanje n’ibimota neza vyanje.

Nariye n’ikigigu c’ubuki canje n’ubuki bwanje;

nanyoye umuvinyu wanje n’amata yanje.

Abagenzi

Nimurye, yemwe bagenzi, kandi munywe;

nimunywe muhage, ivy’urukundo.

Umugeni

2 Nari nsinziriye ariko umutima wanje uri maso.

Nca numva umukunzi wanje ariko aradodora:

"Nyugururira, mushikanje, mukunzi wanje

kanuma kanje, utagira agatosi.

Kuko umutwe wanje watonzeko urume,

umushatsi wanje ukaba watonzweko n’amatonyanga yo mw’ijoro."

3 Ko namaze kwambura umwambaro wanje,

noshobora gusubira kuwambara?

Ko namaze kwoga ibirenge,

nosubira kuvyanduza?

4 Umukunzi wanje acisha ukuboko mu rugi;

umutima wanje utangura gusimba ku bwiwe.

5 Ndavyuka ngo nugururire umukunzi wanje,

kandi ibiganza vyanje vyajobetswe mu bimota neza,

intoke zanje zajejeta isenga,

aho nugurura urugi.

6 Maze nugururira umukunzi wanje,

ariko umukunzi wanje si ho yari; yari yagiye.

Umutima wanje unshongeramwo kuko yagiye.

Ndamurondera ariko sinamuronka.

Ndamuhamagara ariko ntiyishura.

7 Abarinzi baramfata

aho bariko baragenzura igisagara.

Barankubita, barankomeretsa;

bantwara ikoti yanje,

abo barinzi b’inzitiro!

8 Yemwe bakobwa b’i Yerusalemu, ndabihanikirije,

mbega nimwambonera umukunzi wanje,

muza kumubwira iki?

Mumubwire ko urukundo rundembeje.

Abagenzi

9 Umukunzi wawe arusha iki abandi,

yewe wewe urusha abandi ubwiza?

Umukunzi wawe aruta abandi gute,

kugeza aho utwihanikiriza bigeze iyo?

Umukwe

10 Umukunzi wanje ni mwiza kandi arakomeye,

arisa wenyene mu bantu ibihumbi cumi.

11 Umutwe wiwe ni inzahabu yamazwe inkamba;

umushatsi wiwe uratsivye

kandi urirabura nk’igikona.

12 Amaso yiwe ni nk’ay’intunguru

iyo turi ku migezi y’amazi,

tumeze nk’utwogejwe mu mata,

duhagaze nk’intete z’ibidede.

13 Amatama yiwe ni nk’uburiri buriko ibimota neza

bugatamirana ibimotesha.

Iminwa yiwe ni amashurwe

atemba isenga.

14 Amaboko yiwe ni inkoni z’inzahabu

zisharijwe n’utubuye twitwa kirisolito.

Umubiri wiwe umeze nk’ihembe ry’inzovu

risharijwe n’ibuye ry’agaciro ryitwa lapisi lazuli.

15 Amaguru yiwe ni nk’inkingi za marubule

zashinzwe ku matanguriro y’inzahabu nziza.

Mu maso hiwe hasa n’i Libani,

hatoranijwe kubera amasederi yaho.

16 Akanwa kiwe karasosa gusa;

eka ni umukundwa hose.

Uyu ni umukunzi wanje, umugenzi wanje,

yemwe bakobwa b’i Yerusalemu.

Veja também

Publicidade
Cânticos
Ver todos os capítulos de Cânticos
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-