Publicidade

Cânticos 3

1 Mw’ijoro ndi ku buriri bwanje

narondeye uwo umutima wanje ukunda;

naramurondeye sinamuronka.

2 Ngira mvyuke ubu nyene nzunguruke mu gisagara,

mu mabarabara yaco no mu bibuga vyaco;

ndondere uwo umutima wanje ukunda.

Maze ndamurondera ariko ndamubura.

3 Abarinzi barinda igisagara barambona

aho bariko barazunguruka igisagara.

"Mwamboneye uwo umutima wanje ukunda?"

4 Nkibarengana

ni ho nabona uwo umutima wanje ukunda.

Ndamufata kandi nanka kumurekura

gushika aho namushikanye mu nzu ya mama,

mu cumba c’uwanyibungenze.

5 Bakobwa b’i Yerusalemu ndabihanikirije,

ingeregere n’impongokazi vyo mw’ishamba vyumva:

Ntimukome urukundo canke ngo murukangure,

gushika rwishakiye kuvyuka.

6 Ni nde aje avuye mu bugaragwa

ameze nk’inkingi y’umwotsi,

yisize ibimota neza

vyakozwe mu bimota vyose vy’abadandaza?

7 Raba! Ni umukogote wa Salomo,

ukikijwe n’abagwanyi mirongo itandatu,

b’intore zo mu Bisirayeli,

8 bose bambaye inkota,

kandi bamenyereye kugwana,

umwe wese yambaye inkota yiwe kw’itako,

biteguye kugwanya ibiteye ubwoba vyo mw’ijoro.

9 Umwami Salomo yikoreye umukogote;

yawukoze mu biti vy’i Libani.

10 Ufise inkingi z’ifeza,

umushinge wawo ni uw’inzahabu.

Intebe yawo yasa n’agahama,

imbere muri wo hashazishijwe urukundo n’abakobwa b’i Yerusalemu.

11 Nimusohoke, yemwe bakobwa b’i Siyoni,

murabe umwami Salomo yambaye urugori,

urwo nyina yamwambitse

ku musi w’ubukwe bwiwe,

ku musi umutima wiwe wanezerwa.

Veja também

Publicidade
Cânticos
Ver todos os capítulos de Cânticos
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-