Abagenzi
1 Umukunzi wawe yagiye hehe,
yewe mugore urusha abandi bagore ubwiza?
Umukunzi wawe yajanye iyihe nzira,
kugira ngo tugufashe kumurondera?
Umugeni
2 Umukunzi wanje yamanutse mu murima wiwe,
ahari ibimota neza vyiwe,
kuragira mu mirima,
no kwamura amashurwe.
3 Ndi uw’umukunzi wanje n’umukunzi wanje ni uwanje;
aragira mu mashurwe.
Umukwe
4 Uri mwiza, mukunzi wanje, nk’igisagara c’i Tiriza,
uri uw’igikundiro nk’i Yerusalemu,
uteye ubwoba nk’ingabo zifise amabendera.
5 Hindukira ureke kundaba;
kuko amaso yawe andengeye.
Umushatsi wawe ni nk’umukuku w’impene
umanuka uva i Gileyadi.
6 Amenyo yawe yera nk’umukuku w’intama
zamowe ubwoya, ziduga zivuye kwoga.
Imwe yose yonsa amahasa,
nta n’imwe iri yonyene.
7 Amatama yawe ari mu mwitwikiro wawe
ameze nk’ibice vy’ikomamanga.
8 Abamikazi naho boba mirongo itandatu,
n’incoreke zikaba mirongo umunani,
n’inkumi zirenze igitigiri;
9 ariko inanuma wanje, uwutagira agatosi, arisa,
ni umukobwa umwe kuri nyina,
ni umukundwa cane ku wamuvyaye.
Abaguranokazi baramubonye bamwita umuhirwe;
abamikazi n’incoreke baramuhimbaza.
Abagenzi
10 Urya ni nde aserutse nk’umutwenzi,
mwiza nk’ukwezi, akayagana nk’izuba,
akayangana nk’inyenyeri?
Umukwe
11 Namanutse nja mu biti vy’imirinzi
ngo ndabe imivyaro yo mu kiyaya,
ngo ndabe ko uruzabibu rwatotahaye,
n’amakomamanga ko yashuritse.
12 Ariko ntarabimenya,
ivyipfuzo vyanje vyantwaye ku mikogote y’umwami w’abantu banje.
Abagenzi
13 Garuka, garuka, wa Munyashulamukazi we;
garuka, garuka, kugira ngo tukwihweze!
Umukwe
Ni igiki cotuma mwihweza Umunyashulamukazi
nko mu gihe co gutamba c’i Mahanayimu?