Pular para o conteúdo
Publicidade

Pais

Por Bíblia Online

Deus é nosso Pai celestial — amoroso, provedor, disciplinador e fiel. As Escrituras também honram os pais terrenos e os chamam a criar os filhos na instrução do Senhor.

O Pai celestial

Deus é Pai de misericórdias. Ele nos adotou como filhos, nos ama incondicionalmente e cuida de cada detalhe da nossa vida.

Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.

Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.

kuko Mpwemu mwahawe atari uwo kubagira abagurano ngo mwongere gutinya; ahubwo mwakiriye Mpwemu abagira abana b’Imana. Uwo ni we atuma dusemerera, tukabwira Imana tuti: "Aba, Data." Kuko Mpwemu ubwiwe avugana n’impwemu yacu akatwemeza ko turi abana b’Imana.

Ariko abamwakiriye bose, bakizera izina ryiwe, yabahaye uburenganzira bwo guhinduka abana b’Imana.

Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.

Nk’uko se agirira abana ikigongwe,

ni ko Uhoraho agirira ikigongwe abamwubaha;

Nk’uko se agirira abana ikigongwe,

ni ko Uhoraho agirira ikigongwe abamwubaha;

kuko azi iremwa ryacu,

yibuka ko turi umukungugu.

Ni we se w’impfuvyi, uwutabara abapfakazi,

ni Imana iba ahera hayo.

Ariko Uhoraho, ni wewe Data wa twese.

Turi ibumba, nawe uri umubumvyi;

twese turi igikorwa c’amaboko yawe.

Ariko uri Data wa twese,

naho Aburahamu atatuzi,

canke ngo Isirayeli atwemere.

Yewe Uhoraho, uri Data,

Umucunguzi wacu ryamye ari ryo zina ryawe.

Kuko umwana avutse ku neza yacu,

duhawe umwana w’umuhungu,

ubutware bwose buzoba ku bitugu vyiwe.

Azokwitwa Umujenama w’igitangaza,

Imana ikomeye,

Data ahoraho, Umwami w’amahoro.

Kuko umwana avutse ku neza yacu,

duhawe umwana w’umuhungu,

ubutware bwose buzoba ku bitugu vyiwe.

Azokwitwa Umujenama w’igitangaza,

Imana ikomeye,

Data ahoraho, Umwami w’amahoro.

O cuidado paterno de Deus

O Pai celestial sabe do que precisamos antes de pedirmos. Ele dá boas dádivas aos filhos que pedem e cuida até dos passarinhos.

Nimwitegereze inyoni zo mu kirere: ntizibiba, ntizimbura kandi nta co zegeraniriza mu bigega; ariko So wo mw’ijuru arazigaburira! None mwebwe ntimuziruta cane?

Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So wo mw’ijuru atavyemeye. Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. None rero, mweho ntimugire ubwoba; kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.

Ariko, wewe ugomvye gusenga, winjire mu cumba cawe, wugare umuryango, hanyuma usenge. So wo mw’ijuru, we abona ivyo mw’ibanga, azobiguhembera.

Ariko wewe, iyo wisonzesheje, woge mu maso hanyuma wisige amavuta mu mutwe, kugira ngo ntiwereke abantu ko wisonzesheje; ahubwo uvyereke So ari ahihishije; maze So, we abona ibikorerwa mw’ibanga, azobiguhembera.

Ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana yosaba ifi akamuha inzoka? Canke amusavye igi akamuha sikoropiyo? Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?"

Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami.

Ingabire yose nziza kandi itunganye iva ku Mana Data, yaremye umuco wose wo mw’ijuru, kandi muri we ntihigera habaho guhindagurika kurya kw’igitutu.

Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?

Conhecer o Pai

Jesus é o caminho para o Pai. Ninguém conhece o Pai senão o Filho e aquele a quem o Filho quiser revelar.

Yesu aramwishura ati: "Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.

Mu rugo kwa Data hari amazu menshi, kandi ngiye kubategurira aho kuba. Iyo bitaba biri uko, nari kubibabwira.

Ico muzosaba cose mw’izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ahabwe icubahiro biciye mu Mwana.

Umuntu wese yakira amabwirizwa yanje akayashira mu ngiro, ni we ankunda. Kandi uwunkunda Data azomukunda. Nanje nzomukunda ndanamwiyereke."

Yesu aramwishura ati: "Uwunkunda azoshira mu ngiro inyigisho zanje. Data azomukunda, kandi twe na Data tuzoza tubane na we.

Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.

Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa rubi. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko. Data yazimpaye aruta bose; nta muntu n’umwe ashobora kuzikura mu kuboko kwa Data. Kandi twe na Data turi umwe."

Data, ndashaka ko abo wampaye babana nanje aho ndi, kugira ngo babone ubwiza bwanje, bumwe wampa, kuko wankunze isi itararemwa.

Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.

Nuko rero nimube intungane, nk’uko So wo mw’ijuru na we ari intungane!

Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana. Ntihakagire umuntu n’umwe kw’isi mwita datakuko mufise Data umwe, ari we So wo mw’ijuru.

Wibaza ko ntari gushobora gusaba Data ubwo nyene akandungikira ingabo zirenga legiyono cumi na zibiri z’abamarayika bo kungwanira?

Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyempuhwe.

Icubahiro kibe ic’Imana Data wa twese ibihe vyose, Amen.

Disciplina e amor paterno

O Pai disciplina os filhos que ama. A correção divina produz fruto de justiça e paz para aqueles que foram exercitados por ela.

Mwihanganire uku guhabwa indero n’Imana, muzi ko ivyo ibikorera abana bayo bwite. Mwoba mumaze kubona umwana se adahana? Nimba Imana itabahana, nk’uko ibikorera abana bayo bose, ivyo bisigura ko muri ibivyarwa, mutari abana bayo vy’ukuri. Nimba ba data bo kw’isi baraduhana tukabubaha, dukwiye kurushiriza kugamburukira Data w’impwemu, kugira ngo tubeho. Ba data baduhanye igihe gito, nk’uko biyumvira ko bikenewe. Ariko Imana ibikora ku neza yacu, kugira ngo dusangire na yo ukwera.

Mwana wanje, ntukagaye uguhana kwUhoraho,

kandi ntukanke ukugabisha kwiwe;

kuko Uhoraho agabisha abo akunda,

kurya umuvyeyi abikorera umwana akunda.

Mwana wanje, ntukagaye uguhana kwUhoraho,

kandi ntukanke ukugabisha kwiwe;

kuko Uhoraho agabisha abo akunda,

kurya umuvyeyi abikorera umwana akunda.

Pais terrenos

A Bíblia honra os pais que criam os filhos nos caminhos de Deus. Honrar pai e mãe é mandamento com promessa de vida longa.

Bana, mwumvire abavyeyi banyu kuko muri ab’Umwami, kandi akaba ari vyo bibereye. "Wubahe so na nyoko." Ni co cagezwe ca mbere gifise isezerano: "Niwubahe so na nyoko kugira ngo ivyawe bize bigende neza kandi kugira ngo uze urambire kw’isi."

Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.

Ba se, ntimuratse abana banyu; ahubwo mubarerere mu ngeso nziza zo kwubaha Umwami.

Wubahe so na nyoko kugira ngo uzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yawe iguhaye.

Wirinde uguhamagara kw’umunyavyaha

Mwana wanje, wumvire ico so akubwira,

kandi ntukanke ico nyoko akwigisha.

Bizokubera urugori rw’ubuntu ku mutwe,

n’umugufu ushariza izosi.

Se w’intungane agira umunezero mwinshi,

kandi uwufise umwana w’umunyabwenge aramuhimbarirwa.

Igipfu gikengera impanuro z’umuvyeyi,

ariko uwemera guhanurwa ni umunyabwenge.

Abuzukuru ni urugori rw’umusaza,

kandi abavyeyi ni vyo vyirato vy’abana.

Uwuvuma se na nyina

itara ryiwe rizozimirizwa mu mwijima w’umuzitanya.

Bana, mwubahe abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara Umwami wacu.

Ba se, ntimukabere abana banyu umururazi, vyotuma bacika intege.

Abana ni umugabane uva kUhoraho,

uruvyaro ni impera atanga.

Nk’uko imyampi imera mu kuboko kw’umuhizi

ni ko n’abana bo mu buto bamera.

Hahiriwe umuntu

yujuje umutana wiwe imyampi nk’iyo.

Ntibazomaramara

nibahangana n’abababuranya mu bucamanza.

Abazima bonyene ni bo bashobora kugutazira

nk’uko ndiko ndabikora uwu musi.

Abavyeyi biganira abana babo

ivy’ubwizigirwa bwawe.

Ntihaze hagire umuvyeyi yicwa azira abana biwe, canke abana ngo bicwe bazira abavyeyi babo, umwe wese azozire ivyaha vyiwe.

kandi ivyaremwe vyose birindiranye igishika igihe Imana izohishura abana bayo.

Ndabandikiye, mwebwe bavyeyi,

kuko muzi Kristo, yamyeho kuva mu ntango.

Ndabandikiye mwebwe rwaruka,

kuko mwanesheje wa mubi.

Ndabandikiye mwebwe bana bato,

kuko muzi Data.

Ndabandikiye mwebwe bavyeyi,

kuko muzi Kristo yamyeho kuva mu ntango.

Ndabandikiye mwebwe rwaruka,

kuko mufise inkomezi,

kandi ijambo ry’Imana rikaba mu mitima yanyu,

ndetse mwaranesheje wa mubi.

Ntimugakunde isi

Ntimugakunde isi canke ikintu cose kiri mw’isi. Iyo umuntu akunze isi, ugukunda Data ntikuba kuri muri we.

Seja o primeiro