Páscoa
A Páscoa é a celebração suprema da redenção. Do cordeiro pascal no Egito ao Cordeiro de Deus que tira o pecado do mundo, ela aponta para o sacrifício e a vitória de Cristo.
A caminhada para a cruz
Jesus entrou em Jerusalém como Rei humilde, e a multidão o aclamou. Ele sabia do sofrimento que viria, mas caminhou em obediência até o fim.
Maze abantu bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati:
"Hozana Mwana wa Dawidi!"
"Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!"
"Hozana hejuru mw’ijuru!"
Uhoraho we, dukize!
Uhoraho we, duhe intsinzi!
Harahezagiwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho.
Turabahezagiye turi mu Ngoro y’Uhoraho.
Nezerwa cane Mukobwa w’i Siyoni!
Ushire ijwi ryawe hejuru, Mukobwa w’i Yerusalemu!
Raba, umwami wawe arakugendeye,
ni umugororotsi kandi afise intsinzi,
yicishije bugufi kandi agendera ku ndogoba,
mbere aje ku nyana yayo.
"Ehe, turaduze i Yerusalemu, kandi Umwana w’Umuntu azotangwa ku baherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa, hanyuma bamushikirize abanyamahanga kugira ngo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!"
A paixão de Cristo
Jesus foi zombado, açoitado e crucificado. Ele orou no Getsêmani e entregou sua vida voluntariamente, dizendo: 'Está consumado!'
Bamwambura impuzu ziwe, bamwambika ikanzu itukura, hanyuma bajisha urugori rw’amahwa, barumwambika mu mutwe. Bamufatisha mu kuboko kw’i buryo inkoni y’irenga. Maze, bapfukama imbere yiwe bamushinyagurira bati: "Turagize bwakeye, mwami w’Abayuda!"
Hejuru y’umutwe wiwe, bashiraho icandiko c’ibirego vyatumye abambwa cavuga ngo:
Uwu ni Yesu umwami w’Abayuda.
Aravuga ati: "Aba, Data, wewe vyose biragushobokera. Ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba."
Yesu aca arasemerera n’ijwi rirenga ati: "Data, mu biganza vyawe ni ho nshize impwemu yanje." Ahejeje kuvuga ivyo, aracikana.
Yesu amaze kwumviriza kuri ya nkarisha, aravuga ati: "Birarangiye." Nuko ajondamika umutwe aracikana.
A ressurreição gloriosa
Ele não está aqui — ressuscitou! O túmulo vazio é a prova de que a morte foi derrotada e Cristo vive para sempre.
Umumarayika abwira abo bagore ati: "Mweho ntimutinye, kuko ndazi ko murondera Yesu yabambwe. Ntari hano, yazutse, nk’uko yari yarabivuze. Nimuze murabe aho umubiri wiwe wari uryamye.
Na we arabaremesha ati: "Ntimugire ubwoba! Ndazi ko murondera Yesu w’i Nazareti, umwe babamba. Ntari hano kuko yazutse! Nimuze murabe aho bari baryamitse ikiziga ciwe!
Ntari hano, yazutse. Nimwibuke ivyo yababwiye akiri kumwe namwe i Galilaya, ati: ‘Umwana w’Umuntu azotabwa mu maboko y’abanyavyaha, bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu azozuka mu bapfuye.’ "
Mu nyuma, wa mwigishwa yashika ku mva ubwa mbere na we yinjira mu mva, aravyibonera kandi arizera. (Gushika ico gihe abigishwa ntibari bwatahure Ivyanditswe bivuga ko Yesu yategerezwa kuzuka mu bapfuye.)