Publicidade

Gênesis 38

Yuda na Tamari

1 Muri ico gihe, Yuda avana na bene se, aja kubana n’umugabo yitwa Hira i Adulamu. 2 Yuda ahashitse abona umukobwa wa Shuwa, Umunyakanani, aramurongora. Aryamanye na we, 3 uwo mugore asama inda, avyara umuhungu, Yuda amwita Eri. 4 Yongera asama inda, avyara uwundi muhungu, amwita Onani. 5 Avyaye umuhungu agira gatatu, amwita Shela. Igihe Shela yavuka baba i Kezibu.

6 Haheze igihe, Yuda aronderera umuhungu wiwe Eri umugore yitwa Tamari. 7 Ariko Eri, imfura ya Yuda, yakora ibibi imbere y’Uhoraho, maze Uhoraho aramwica.

8 Yuda abwira umuhungu wiwe Onani ati: "Rongora Tamari, umupfakazi wa mukuru wawe; nk’uko ubisabwa n’umugenzo nka muramuwe, uronderere uruvyaro mukuru wawe." 9 Ariko Onani yari azi ko urwo ruvyaro rutazoba urwiwe. Ni co gituma igihe cose yaryamana na muramuwe, yasesa imbuto ziwe hasi, kugira ngo ntavyarire mukuruwe. 10 Ariko ivyo yakoze bibabaza Uhoraho, na we aca aramwica.

11 Maze Yuda abwira umukazana wiwe ati: "Subira mu nzu kwa so, ugumeyo nk’umupfakazi urindire ko umuhungu wanje Shela akura." Ivyo yabivuze kuko yatinya ko Shela na we ashobora gupfa nka bakuruwe. Nuko Tamari asubira i muhira kwa se.

12 Haheze imisi, umugore wa Yuda, ari we mukobwa wa Shuwa, arapfa. Igihe co kugandara giheze, Yuda na mugenziwe Hira w’i Adulamu bajana i Timuna kuraba abakozi bariko barakemura intama ziwe.

13 Maze umuntu umwe abwira Tamari ati: "Sobukwe ariko araja i Timuna gukemura intama ziwe." 14 Tamari yari azi ko Shela yakuze, ariko nta cari cakozwe kugira ngo amurongore. Nuko akura impuzu ziwe z’ubupfakazi, aritwikira kugira ngo ahishe mu maso hiwe. Maze yicara kw’irembo ry’igisagara c’i Enayimu, cari ku nzira ija i Timuna.

15 Yuda ahashitse aramubona, yibaza ko ari umumaraya, kuko yari yihishije mu maso. 16 Nuko aramwegera aho yari ari i ruhande y’inzira aramubwira ati: "Ndashaka ko turyamana." Ariko ntiyari yamenye ko ari umukazana wiwe.

Na we aramubaza ati: "Umpa iki nitwaryamana?"

17 Aramwishura ati: "Nzokurungikira umwagazi w’impene yo mu mukuku wanje."

Na we aramubaza ati: "Ni igiki umpa nk’ingwati kinyemeza ko uzondungikira iyo mpene?"

18 Yuda aramubaza ati: "Ushaka ingwati imeze gute?"

Na we aramwishura ati: "Nsigarana iyo mpeta yawe n’umugozi wayo, hamwe n’iyo nkoni ufise mu minwe." Nuko Yuda arabimuha, barasambana, maze Tamari asama inda. 19 Hanyuma aca aravyuka aragenda, akura wa mwitwikiro yambara impuzu z’ubupfakazi.

20 Mu nyuma Yuda atuma wa mugenzi wiwe Hira w’i Adulamu ngo amujanire wa mwagazi w’impene, kugira ngo wa mugore amusubize ivyo yari yarasigaranye nk’ingwati. Ariko Hira ntiyashobora kumutora. 21 Nuko abaza abantu baba i Enayimu ati: "Wa mumaraya yari ahagaze i ruhande y’inzira kw’irembo ry’i Enayimu ari he?"

Baramwishura bati: "Nta mumaraya yigeze aba hano."

22 Nuko Hira asubira iyo Yuda ari aramubwira ati: "Sinashoboye kumutora. Kandi n’abantu baho bambwiye ko hatigeze haba umumaraya."

23 Yuda aramubwira ati: "Mureke abigumane nk’ivyiwe, abantu ntibahave badutwenga. Jewe narungitse umwagazi w’impene nk’uko twasezeranye, ariko ntiwashoboye kumutora."

24 Haheze nk’amezi atatu, babwira Yuda bati: "Wa mukazana wawe Tamari yigenjeje nk’imaraya. Ubu afise inda."

Yuda aravuga ati: "Nibamusohore, bamuturire gushika apfe!"

25 Ariko bariko baramusohora bamujana kumwica, arungikira ubutumwa sebukwe ati: "Uwanteye iyi nda ni nyene ibi bintu. Raba iyi mpeta n’umugozi wayo hamwe n’iyi nkoni, ugerageze kumenya nyenevyo."

26 Yuda abibonye aravuga ati: "Arandushije kugororoka, kuko sinamuhaye umuhungu wanje Shela ngo amurongore." Nuko Yuda ntiyasubira kuryamana na Tamari kandi.

27 Hageze ko yibaruka, basanga atwaye inda y’amahasa. 28 Ariko aravyara, umwe mu bana agorora ukuboko; umwakirizi aragufata abohera agatambara gatukura ku gikonjo, aravuga ati: "Uwu ni we yavutse ubwa mbere." 29 Ariko wa mwana aca asubiza ukuboko inyuma, maze uwundi amutanga kuvuka. Wa mwakirizi aratangara ati: "Vyagenze gute ngo uze ubwa mbere?" Nuko amwita Peresi. 30 Hanyuma wa mwana wundi afise agatambara gatukura aravuka, na we amwita Zera.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-