1 Uri ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Esawu, ari we Edomu:
2 Esawu yarongoye abakobwa bo mu gihugu c’i Kanani: Ada umukobwa wa Eloni, Umuheti na Oholibama, umukobwa wa Ana, akaba n’umwuzukuru wa Zibeyoni Umuhiwi, 3 hamwe na Basemati, umukobwa wa Ishimayeli, mushiki wa Nebayoti.
4 Ada yavyaranye na Esawu Elifazi, Basemati bavyarana Reyuweli, 5 Oholibama na we bavyarana Yewushi, Yalamu na Kora. Abo ni bo bahungu Esawu yavyariye i Kanani.
6 Nuko Esawu afata abagore biwe, abahungu n’abakobwa biwe hamwe n’abo yari atunze mu rugo rwiwe, n’imikuku yiwe n’ibindi bikoko yari atunze; n’ivyo yari yararonkeye i Kanani; aragenda aja mu gihugu ca Seyiri, kure ya mwene nyina Yakobo. 7 Ivyo bari batunze vyari vyinshi cane ku buryo bitakunda ko bagumana; igihugu bari bagerereyemwo nticari kubakwira kuko bari bafise umikuku n’amasho vyinshi. 8 Nuko Esawu, ari we Edomu, aja kuba mu misozi ya Seyiri.
9 Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Esawu, sekuruza w’Abanyedomu mu misozi ya Seyiri.
10 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Esawu:
Elifazi uwo Esawu yavyaranye na Ada, na Reyuweli uwo yavyaranye na Basemati.
11 Abakomotse kuri Elifazi ni
Temani, Omari, Zefo, Gatamu na Kenazi. 12 Elifazi umuhungu wa Esawu yari afise uwundi mugore wa kabiri yitwa Timuna, uwo na we bavyaranye Amaleki. Abo ni bo bakomotse kuri Ada, umugore wa Esawu.
13 Bene Reyuweli, ni
Nahati, Zera, Shama na Miza. Abo ni bo buzukuru ba Esawu ku mugore wiwe Basemati.
14 Abahungu Esawu yavyaranye na Oholibama, umukobwa wa Ana, akaba n’umwuzukuru wa Zibeyoni, ni
Yewushi, Yalamu na Kora.
15 Aba ni bo bakuru b’imiryango mu ruvyaro rwa Esawu:
Mu bavyawe na Elifazi imfura ya Esawu, abakuru b’imiryango bari:
Temani, Omari, Zefo, Kenazi, 16 Kora, Gatamu na Amaleki. Abo ni bo bakuru b’imiryango bakomotse kuri Elifazi muri Edomu, bakaba bari abuzukuru ba Ada.
17 Mu bavyawe na Reyuweli umuhungu wa Esawu, abakuru b’imiryango bari:
Nahati, Zera, Shama na Miza. Abo ni bo bakuru b’imiryango bakomotse kuri Reyuweli muri Edomu; bakaba bari abuzukuru ba Basemati, umugore wa Esawu.
18 Mu bahungu Esawu yavyaranye na Oholibama, abakuru b’imiryango bari:
Yewushi, Yalamu na Kora. Abo ni bo bakuru b’imiryango bakomotse ku mugore wa Esawu Oholibama, akaba n’umukobwa wa Ana.
19 Urwo ni rwo ruvyaro rwa Esawu, ari we Edomu, kandi abo ni bo bakuru b’imiryango yabo.
20 Aba ni bo bene Seyiri Umuhori, baba muri ico gihugu:
Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana, 21 Dishoni, Ezeri na Dishani. Abo ni abahungu ba Seyiri muri Edomu babaye abakuru b’imiryango y’Abahori.
22 Bene Lotani bari
Hori na Homamu. Lotani yari afise mushikiwe yitwa Timuna.
23 Bene Shobali, ni
Alivani, Manahati, Ebali, Shefo na Onamu.
24 Bene Zibeyoni, ni
Ayiya na Ana. Uwu Ana ni we yatoye isoko ry’amazi ashushe mu bugaragwa igihe yari aragiye indogoba za se Zibeyoni.
25 Bene Ana, ni
Dishoni na Oholibama, umukobwa wiwe.
26 Abahungu ba Dishani, ni
Hemudani, Eshibani, Itirani na Kerani.
27 Bene Ezeri, ni
Bilihani, Zayavani na Akani.
28 Bene Dishani, ni
Uzi na Arani.
29 Abakuru b’imiryango y’Abahori bari aba bakurikira:
Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana, 30 Dishoni, Ezeri na Dishani.
Abo ni bo bakuru b’imiryango y’Abahori, ukurikije imiryango yabo, mu gihugu ca Seyiri.
31 Uru ni rwo rukurikirane rw’abami batwaye mu gihugu ca Edomu, imbere y’uko Isirayeli yimika umwami n’umwe:
32 Bela mwene Beyori yabaye umwami wa Edomu, igisagara ciwe citwa Dinihaba.
33 Bela apfuye, asubirirwa ku ngoma na Yobabu mwene Zera yava i Bozira.
34 Yobabu apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hushamu yava mu gihugu c’Abatemani.
35 Hushamu apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hadadi mwene Bedadi, ari we yanesheje Abamidiyani mu gihugu ca Mowabu. Igisagara ciwe citwa Aviti.
36 Hadadi apfuye, asubirirwa ku ngoma na Samula yava i Masireka.
37 Samula apfuye, asubirirwa ku ngoma na Shawuli yava i Rehoboti hafi y’uruzi.
38 Shawuli apfuye, asubirirwa ku ngoma na Bayali-Hanani mwene Akibori.
39 Bayali-Hanani mwene Akibori apfuye, asubirirwa ku ngoma na Hadadi. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe yitwa Mehetabeli, umukobwa wa Materedi, akaba n’umwuzukuru wa Mezahabu.
40 Aya ni yo mazina y’abakuru b’imiryango yakomotse kuri Esawu, ufatiye ku turere babayemwo tukanabitirirwa:
Timuna, Aluva, Yeteti,
41 Oholibama, Ela, Pinoni,
42 Kenazi, Temani, Mibuzari,
43 Magidiyeli na Iramu.
Abo ni bo bari abakuru b’imiryango ya Edomu, ufatiye ku turere babayemwo muri ico gihugu.
Urwo ni rwo ruvyaro rwa Esawu, sekuruza w’Abanyedomu.