Publicidade

Gênesis 7

1 Uhoraho abwira Nowa ati: "Injira mu bwato, wewe n’umuryango wawe wose, kuko nasanze ari wewe wenyene ugororotse mu bantu b’iki gihe. 2 Injirana ibikoko indwi vyo mu bwoko bwose bidahumanye, ikigabo n’ikigore; na bibiribibiri mu bikoko bihumanye, ikigabo n’ikigore, 3 wongere winjirane inyoni indwi zo mu bwoko bwose, ingabo n’ingore. Uko ni ko ubwoko bwavyo buzobandanya bubaho kw’isi inyuma y’umwuzure. 4 Mu misi indwi ngiye kurungika imvura kw’isi imare imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine igwa, kugeza ndanduye ikintu cose kizima naremye."

5 Nuko Nowa akora ivyo Uhoraho yamutegetse vyose.

6 Nowa yari amaze imyaka amajana atandatu igihe umwuzure warengera isi. 7 Nuko Nowa, abahungu biwe, umugore wiwe n’abakazana biwe binjira mu bwato kugira ngo bahunge umwuzure. 8 Ubwoko bwose bw’ibikoko bidahumanye n’ibihumanye, n’ubw’inyoni hamwe n’ubw’ibikoko bitobito vyikwega hasi 9 vyinjirana na Nowa mu bwato ari bibiribibiri, ikigabo n’ikigore, nk’uko Imana yari yabitegetse Nowa. 10 Imisi indwi iheze ni ho umwuzure waza kw’isi.

11 Nowa amaze imyaka amajana atandatu, ku musi ugira indwi w’ukwezi kwa kabiri, amazi yose y’i kuzimu arazikuruka, n’ingomero zo mw’ijuru ziragomoroka. 12 Nuko imvura igwa kw’isi imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine.

13 Uwo musi nyene ni ho Nowa yinjirana mu bwato n’umugore wiwe, n’abahungu biwe: Shemu, Hamu na Yafeti hamwe n’abagore babo. 14 Bari kumwe n’ibikoko vy’ubwoko bwose: ibitungano n’ibinyeshamba, ivyikwega hasi, hamwe n’ubwoko bwose bw’inyoni n’ibiguruka. 15 Bibiribibiri mu vyaremwe vyose bifise ubuzima vyaje aho Nowa ari vyinjira mu bwato. 16 Ivyinjiye vyari ikigore n’ikigabo vyo mu bwoko bwose, nk’uko Imana yari yabitegetse Nowa. Hanyuma Uhoraho aca avyugaranira mu bwato na Nowa.

17 Nuko umwuzure ubandanya kwongerekana kumara imisi mirongo ine; amazi aba menshi, maze bwa bwato buca butangura kureremba hejuru y’isi. 18 Amazi amaze kuduga akagwira rwose kw’isi, ubwato buca bureremba hejuru yayo. 19 Nuko amazi aragwira cane kw’isi arengera n’imisozi miremire yo musi y’ijuru, 20 araduga arengera amasonga y’imisozi iruta iyindi gushika nko ku ngero z’igice c’ukuboko cumi na zitanu. 21 Ibifise ubuzima vyose biri kw’isi birapfa: inyoni, ibikoko vy’ibitungwa, ibenyeshamba n’ibindi bikoko bitobito vyikwega hasi, n’abantu bose. 22 Ikintu cose kizima caba kw’isi kirapfa. 23 Uko ni ko Imana yaranduye ikintu cose gifise ubuzima: abantu, ibikoko, ivyikwega hasi hamwe n’inyoni zo mu kirere; vyose vyararanduwe. Nowa n’abari kumwe na we mu bwato ni bo bonyene barokotse.

24 Kandi umwuzure wamaze imisi mirongo itanu urengeye isi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-