Publicidade

Gênesis 41

Indoto za Farawo

1 Haheze imyaka ibiri, Farawo ararota. Muri iyo ndoto yari ahagaze ku nkengera y’uruzi Nili, 2 maze inka indwi nziza kandi zivyibushe ziva mu ruzi, zica zitangura kurisha mu rufunzo rwari hafi y’uruzi. 3 Hanyuma abona izindi nka indwi zije zikurikira za zindi, zivuye mu ruzi Nili, ariko zo zari mbi kandi zonze. Nuko zihagarara ku nkengera y’uruzi hambavu ya za zindi zivyibushe. 4 Za nka mbi kandi zonze zimira zimwe indwi nziza kandi zivyibushe. Indoto igeze aho, Farawo aca arikangura.

5 Hanyuma asubiriye gusinzira, aca asubira kurota. Abona ingano indwi ziyangitse ziremvye kandi nziza, zakuriye ku mutumba umwe. 6 Hanyuma hamera izindi ngano indwi, ariko zo zari ntonto kandi mbi, zumishijwe n’umuyaga wo mu buseruko. 7 Maze za ngano ntonto kandi mbi zimira zimwe indwi ziremvye kandi nziza. Maze Farawo arikangura, asanga zari indoto.

8 Bukeye mu gitondo, Farawo avyuka ahagaritse umutima, aca atumako abanyamareba na ba kamenyi bose bo muri Egiputa. Ababwiye indoto yagize, ntihagira n’umwe ashobora kumuha insiguro yazo.

9 Maze wa mukuru yari ajejwe ivyo kunywa vy’umwami abwira Farawo ati: "Uno musi ni ho nibutse ikibi nakoze. 10 Haraheze igihe unshavuriye jewe umusavyi wawe n’uwujejwe imikate, maze udushira mw’ibohero ry’umukuru w’ingabo zirinda umwami. 11 Maze ijoro rimwe uko turi babiri turarota, kandi indoto yose yari ifise insiguro yayo. 12 Muri iryo bohero twari kumwe n’umuhungu w’Umuheburayo, yakorera umukuru w’ingabo zirinda umwami. Nuko tumubwira indoto twagize na we aca atubwira ico indoto yose isigura. 13 Kandi vyagenze nk’uko yari yabivuze. Jewe nasubijwe mu kibanza canje nk’uwujejwe ivyo kunywa vy’umwami, umwe yari ajejwe imikate y’umwami na we arabambwa."

14 Nuko Farawo aca atumako Yosefu, bamukura mw’ibohero bihuta. Ahejeje kwimosha no guhindura impuzu, aca arinjira ahagarara imbere ya Farawo.

15 Nuko Farawo aramubwira ati: "Narose, ariko nta n’umwe yashoboye kunsigurira indoto narose. Ariko numvise ko wewe iyo wumvise indoto, ushobora gutanga insiguro yayo."

16 Yosefu yishura Farawo ati: "Nyakwubahwa, si jewe ndavyishoboza; ariko Imana irashobora kuguha insiguro ibereye y’iyo ndoto warose."

17 Nuko Farawo abwira Yosefu ati: "Mu ndoto yanje, nabonye mpagaze ku nkengera y’uruzi Nili. 18 Maze inka indwi zivyibushe kandi nziza ziva mu ruzi zica zitangura kurisha mu rufunzo rwari hafi y’uruzi. 19 Hanyuma mbona inka indwi zisa n’izigwaye, zonze kandi mbi. Nta nka mbi nk’izo nari bwabone mu gihugu cose ca Egiputa. 20 Hanyuma mbona za nka ndwi zonze kandi mbi zimira zimwe zivyibushe. 21 Zihejeje kuzimira, nta wari kumenya ko zazimize, kuko zagumye ari mbi nk’uko zari zimeze ubwa mbere. Nuko nca ndikangura.

22 Nsubiye gusinzira gato, nongera ndarota, mbona ingano indwi ziyangitse nziza kandi ziremvye, zakuriye ku mutumba umwe. 23 Ariko haca hakura izindi ngano indwi mbi, ntonto kandi zumishijwe n’umuyaga wo mu buseruko. 24 Maze za ngano ntonto kandi mbi zimira zimwe indwi nziza kandi ziremvye. Izi ndoto narazibwiye abanyamareba, ariko nta n’umwe yashoboye kuzinsigurira."

25 Nuko Yosefu abwira umwami ati: "Izo ndoto umwami yagize zifise insiguro imwe. Imana imenyesheje Farawo ivyo igiye gukora. 26 Zirya nka indwi nziza na za ngano nziza ziremvye zisigura imyaka indwi y’umwimbu mwinshi. 27 Za nka mbi kandi zonze zaje mu nyuma na za ngano indwi mbi ntonto, zumishijwe n’umuyaga wo mu buseruko, zisigura imyaka indwi y’amapfa.

28 Ibi bizogenda nk’uko namaze kubivuga, kuko Imana yamenyesheje Farawo imbere y’igihe ivyo igiye gukora. 29 Hagiye kuza imyaka indwi y’umwimbu mwishi cane mu gihugu ca Egiputa cose. 30 Ariko inyuma yayo hazoza imyaka indwi y’amapfa akomeye ku buryo azokwibagiza abantu na ya myaka y’umwimbu mwinshi mu gihugu ca Egiputa. Ayo mapfa azosiga igihugu cipfumbereje. 31 Ayo mapfa azoba akomeye ku buryo na ya myaka myiza itazosubira kwibukwa. 32 Kandi ko mwabonye indoto zibiri zisa, bisigura ko ivyo ari Imana yabishinze, kandi ko vuba igiye kubishitsa.

33 Ubu rero mwami, wari ukwiye kurondera umuntu w’umunyabwenge kandi w’inkerebutsi, ukamuzeza igihugu cose ca Egiputa. 34 Kandi wari ukwiye gushiraho abagenduzi mu gihugu cose, bajejwe kwegeranya ica gatanu c’ivyimburwa vyo mu gihugu ca Egiputa muri iyo myaka indwi y’umwimbu usagutse. 35 Abo boba bajejwe kwegeranya ivyokurya muri iyo myaka indwi myiza igiye kuza babizane mu bubiko bwa Farawo mu bisagara bitandukanye, hanyuma babirinde. 36 Uko ni ko hazoboneka ivyokurya bikwiye mu gihe ca ya myaka indwi y’inzara igiye kuza mu gihugu ca Egiputa. Bitabaye uko, aya mapfa azohonya abantu muri kino gihugu."

37 Nuko Farawo n’abamukorera bakira neza amajambo ya Yosefu. 38 Farawo arababaza ati: "Twoshobora kuronka uwundi muntu ameze nk’uwu mugabo, umuntu arimwo impwemu y’Imana?"

39 Umwami abwira Yosefu ati: "Nimba Imana yaguhishuriye insiguro y’izi ndoto, biraboneka neza ko ata wundi muntu munganya ubwenge. 40 Ni wewe ngiye kuzeza ikirimba canje, kandi abantu banje bose bazokwumvira ivyo ubategetse. Ni jewe jenyene nzoba ndi hejuru yawe, kuko ndi umwami."

Yosefu aganza Egiputa

41 Nuko Farawo abwira Yosefu ati: "Raba nguhaye kuganza igihugu cose ca Egiputa." 42 Umwami akura impeta iriko ikidodo ciwe ku rutoke rwiwe, ayambika Yosefu ku rutoke. Yongera amwambika impuzu nziza zera cane, amwambika n’umugufu w’inzahabu mw’izosi. 43 Hanyuma amwuriza ku mukogote ugenewe icegera c’umwami. Maze ahantu hose Yosefu aciye, abantu bagasemerera bati: "Mubise arengane!" Uko ni ko Farawo yahaye Yosefu kuganza igihugu ca Egiputa cose.

44 Farawo abwira Yosefu ati: "Ni jewe mwami wa Egiputa, ariko udatanze uruhusha, nta muntu n’umwe azogira ico akora canke aho aja muri Egiputa yose." 45 Nuko Farawo aha Yosefu izina ry’Abanyegiputa, ari ryo Zafenati-Paneya. Yongera amuha n’umugore yitwa Asenati. Uwo yari umukobwa wa Potifera, umuherezi wo mu gisagara ca Oni. Hanyuma Yosefu ava ku kirimba, aca agendagenda igihugu cose ca Egiputa.

46 Igihe yatangura gukora ku kirimba kwa Farawo, umwami wa Egiputa, Yosefu yari amaze imyaka mirongo itatu. Nuko ava ku kirimba, aja kugenzura igihugu cose ca Egiputa. 47 Nk’uko vyari vyavuzwe, mu myaka indwi ya mbere, igihugu catanze umwimbu mwinshi cane. 48 Muri iyo myaka, Yosefu yegeranya ivyimbuwe vyose muri Egiputa hanyuma abika mu bisagara intete zimbuwe mu mirima ibikikije. 49 Nuko Yosefu yegeranya ingano nyinshi cane, zogereranywa n’umusenyi wo ku kiyaga. Maze bagera aho bahagarika guharura ivyinjiye, kuko bitari bigishoboka kubiharura.

50 Muri ico gihe, imbere y’uko ya myaka y’amapfa ishika, Yosefu yavyaye abahungu babiri kuri Asenati, umukobwa wa Potifera, umuherezi wo mu gisagara ca Oni. 51 Umwana w’imfura Yosefu amwita Manase, kuko yavuga ati: "Imana yanyibagije amakuba yanje yose n’umuryango wa data wose." 52 Yosefu yita umuhungu wiwe wa kabiri Efurayimu, kuko yavuga ati: "Imana yampaye kurondoka mu gihugu nagiriyemwo amakuba."

53 Hanyuma ya myaka y’umwimbu mwinshi mu gihugu cose ca Egiputa irarangira. 54 Haca hatangura ya myaka indwi y’amapfa, nk’uko Yosefu yari yarabivuze. Ayo mapfa yateye no mu bihugu bihakikuje, ariko muri Egiputa ho hari ivyokurya. 55 Ariko n’igihugu ca Egiputa na co gitangura gufatwa n’inzara. Abantu batanguye gutakambira Farawo ngo abahe ivyokurya, ababwira ati: "Nimuje kwa Yosefu, mukore ivyo ababwira vyose."

56 Amapfa arushirije gukomera, Yosefu yugurura bwa bubiko, aha Abanyegiputa ingano, kuko igihugu cose cari cishwe n’inzara. 57 Abantu bo mu bihugu vyegereye Egiputa baraza kugura ingano kwa Yosefu, kuko amapfa yari yugarije isi yose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-