1 Sarayi muka Aburamu, ntiyari bwashobore kuvyarana na we umwana. Ariko yari afise incoreke y’Umunyegiputakazi yitwa Hagari. 2 Nuko Sarayi abwira Aburamu ati: "Uhoraho ntiyashatse ko ndonka umwana. None genda uryamane n’umuguranokazi wanje. Hari n’aho vyokunda nkaronka abana biciye kuri we."
Nuko Aburamu yumvira Sarayi umugore wiwe. 3 Sarayi umugore wa Aburamu afata Hagari ya ncoreke y’Umunyegiputakazi, umuha Aburamu umugabo wiwe nk’umugore. Ivyo vyabaye Aburamu amaze imyaka icumi aba mu gihugu c’i Kanani. 4 Nuko Aburamu aryamana na Hagari, na we aca asama inda.
Hagari amaze kumenya ko yibungenze, atangura gusuzugura inabuja Sarayi. 5 Sarayi abwira Aburamu ati: "Nimba ndiko ndasuzugurwa ni ikosa ryawe! Naguhaye incoreke yanje nk’umugore, none amaze kubona ko yibungenze, aratanguye kunsuzugura. Uhoraho ni we akwiye guca urubanza hagati yanje nawe!"
6 Aburamu aramwishura ati: "None ko ari incoreke yawe, mugirire ico ushaka." Nuko Sarayi aca atangura gufata Hagari nabi cane ku buryo ahava akiyomora.
7 Umumarayika w’Uhoraho araza asanga Hagari hafi y’iriba mu bugaragwa; iryo riba ryari hafi y’inzira ija i Shuri. 8 Aramubaza ati: "Hagari, ncoreke ya Sarayi, uva he, ukaja he?"
Aramwishura ati: "Ndiko ndahunga mabuja Sarayi."
9 Wa mumarayika w’Uhoraho aramubwira ati: "Subira kwa nyokobuja, uce bugufi imbere yiwe." 10 Yongerako ati: "Nzogwiza uruvyaro rwawe ku buryo rutazoharurika."
11 Wa mumarayika w’Uhoraho yongera aramubwira ati:
"Uribungenze,
kandi uzovyara umuhungu.
Uze umwite Ishimayeli,
kuko Uhoraho yumvise ijwi ry’umubabaro wawe.
12 Uwo mwana azomera nk’indogoba y’inyeshamba;
azohangana n’abantu bose
kandi abantu bose bazohangana na we,
kandi azokwankana
n’abavukanyi biwe bose."
13 Hanyuma y’ivyo, Hagari yita izina Uhoraho yari ahejeje kuvugana na we. Aravuga ati: "Uri Eli Royi, Imana imbona," kuko yavuga ati: "Ni ivy’ukuri ndabonye Imana y’indavyi." 14 Ni co gituma iryo riba baryise Beyeri-Lahayi-Royi bisigura "Iriba ry’Imana nzima imbona". Iryo riba riri hagati ya Kadeshi na Beredi.
15 Nuko Hagari avyarana na Aburamu umuhungu, Aburahamu aca amwita Ishimayeli. 16 Ico gihe Hagari yavyara Ishimayeli, Aburamu yari afise imyaka mirongo umunani n’itandatu.