1 Haheze igihe, uwari ajejwe guha umwami wa Egiputa ivyo kunywa, n’uwari ajejwe imikate y’umwami, bamucumurako. 2 Nuko Farawo ashavurira cane abo bakuru uko ari babiri: uwujejwe ivyo kunywa n’uwujejwe imikate. 3 Aca abashira mw’ibohero Yosefu yari arimwo, mu kigo c’umukuru w’ingabo zirinda umwami. 4 Maze umukuru w’imbohe abazeza Yosefu, kugira ngo abarabe.
Bamaze igihe kitari gito mw’ibohero, 5 umwe yari ajejwe ivyo kunywa vy’umwami n’uwari ajejwe imikate y’umwami wa Egiputa, uko ari babiri, bagira indoto ijoro rimwe, kandi indoto yose yari ifise insiguro yayo.
6 Mu gitondo Yosefu aje kubaraba asanga ntibamerewe neza. 7 Arababaza ati: "Ni kuki mubabaye uno musi?"
8 Baramwishura bati: "Twese twarose iri joro, ariko nta n’umwe ashobora kutubwira ico izo ndoto zisigura."
Yosefu arababwira ati: "Imana ni yo itanga ubwenge bwo gusigura indoto. Nimumbwire ivyo mwarose."
9 Wa mukuru yari ajejwe guha umwami ivyo kunywa abwira Yosefu indoto yiwe ati: "Mu ndoto nabonye igiti c’umuzabibu imbere yanje. 10 Ico giti cari gifise amashami atatu. Kigitangura kuzana amababi, gica kirashurika, cama amahando y’inzabibu zihiye. 11 Nari mfise igikombe c’umwami mu minwe, nuko nca mfata ya mahando y’inzabibu ndayakanyira muri ca gikombe, nca nshira ca gikombe mu minwe ya Farawo."
12 Yosefu aramubwira ati: "Insiguro y’indoto yawe ni iyi: Ayo mashami atatu asigura imisi itatu. 13 Mu misi itatu, Farawo azokurekura, akubabarire, maze agusubize mu gikorwa cawe. Uzosubira umuhereze igikombe nk’uko wamye ubikora ukimukorera. 14 Uze unyibuke niyo vyose vyakungendera neza, umvugire ku mwami, kugira ngo ankure muri iri bohero. 15 Jewe baranyuruje, bankura mu gihugu c’Abaheburayo, none raba ndapfunzwe, ariko nta kibi nakoze cotuma mba ndi muri iri bohero."
16 Wa mukuru yari ajejwe imikate y’umwami abonye ko insiguro y’indoto ya mugenziwe ari nziza, abwira Yosefu ati: "Nanje narose mbona nikoreye ibiseke bitatu vy’imikate. 17 Mu giseke co hejuru, harimwo imikate y’ubwoko butandukanye ya Farawo. Hanyuma mbona inyoni ziza kunobagura ya mikate muri ca giseke cari ku mutwe wanje."
18 Yosefu aramubwira ati: "Ibiseke bitatu bisigura imisi itatu. 19 Mu misi itatu, Farawo azoguca umutwe, akubambe ku giti. Maze inyoni zizoza zikunobagure."
20 Haheze imisi itatu, ku musi wo kwibuka ivuka ryiwe, umwami ategura umusi mukuru, atumira abategetsi bakorana n’abakora ku kirimba. Nuko ahamagaza umwe yari ajejwe ivyo kunywa vyiwe n’uwari ajejwe imikate ngo baze mu bandi bategetsi. 21 Asubiza wa mukuru yari ajejwe ivyo kunywa mu gikorwa ciwe, na we aca ashira igikombe mu minwe y’umwami. 22 Wa mukuru yari ajejwe imikate we aramubambisha, nk’uko Yosefu yari yabimusiguriye.
23 Ariko wa mukuru ajejwe ivyo kunywa vy’umwami ntiyasubira kwibuka Yosefu; aramwibagira rwose.