Publicidade

Gênesis 1

Ukuremwa kw’ibintu vyose

1 Mu ntango, Imana yaremye amajuru n’isi. 2 Ico gihe isi ntiyagira imero kandi nta kintu cari kuri yo. Umwijima wari utwikiriye ikidengeri c’amazi menshi kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’ayo mazi.

3 Imana iravuga iti: "Nihabeho umuco," maze umuco ubaho. 4 Imana ibona ko umuco ari mwiza, hanyuma iwutandukanya n’umwijima. 5 Imana yita umuco "umurango", umwijima na wo iwita "ijoro". Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa mbere.

6 Imana iravuga iti: "Nihabeho ikirere hagati y’amazi n’ayandi, kugira ngo gitandukanye amazi yo hejuru n’ayo kw’isi." 7 Nuko Imana ishiraho ikirere co gutandukanya amazi yo kw’isi n’ayo hejuru. 8 Imana yita ico kirere "ijuru". Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa kabiri.

9 Imana iravuga iti: "Amazi yo musi y’ijuru niyegeranire mu kibanza kimwe, hanyuma haboneke ahantu humutse." Nuko bigenda uko nyene. 10 Imana yita ahantu humutse "isi", amazi yegeraniye hamwe na yo iyita "ikiyaga". Imana ibona ko vyose ari vyiza.

11 Imana iravuga iti: "Isi nimereko ivyatsi n’ibiterwa vy’ubwoko bwose: ibiterwa bifise imbuto n’ibiti vyama ivyamwa bifise imbuto muri vyo, nk’uko amoko yavyo angana." Nuko bigenda uko nyene. 12 Isi izana ibimera: ibiterwa bifise imbuto nk’uko amoko yavyo ari hamwe n’ibiti vyama ivyamwa bifise imbuto muri vyo nk’uko amoko yavyo ari. Imana ibona ko ari vyiza. 13 Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa gatatu.

14 Imana iravuga iti: "Nihabeho ivyaka kw’ijuru kugira ngo bitandukanye umurango n’ijoro; maze bibe ibimenyetso bitandukanya ibihe, imisi n’imyaka. 15 Ivyo vyaka biri kw’ijuru nivyakire isi." Nuko bigenda uko. 16 Imana irema ivyaka bibiri binini: icaka cane co kuganza umurango n’icaka bukebuke co kuganza ijoro. Yongera irema n’inyenyeri. 17 Nuko Imana ibishira kw’ijuru kugira ngo biboneshereze isi, 18 biganze umurango n’ijoro, vyongere bitandukanye umuco n’umwijima. Kandi Imana ibona ko ari vyiza. 19 Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa kane.

20 Imana iravuga iti: "Ibifise ubuzima nivyuzure mu mazi, inyoni na zo niziguruke hejuru y’isi mu kirere."

21 Nuko Imana irema ibifise ubuzima binini vyo mu kiyaga n’ikintu cose gihema kandi kiba mu mazi nk’uko amoko yavyo ari, hamwe n’inyoni zose nk’uko amoko yazo ari. Kandi Imana ibona ko ari vyiza. 22 Nuko Imana irabihezagira, ivuga iti: "Nimurondoke, mugwire mwuzure amazi yo mu biyaga; inyoni na zo nizigwire zuzure isi." 23 Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa gatanu.

24 Imana iravuga iti: "Isi niyuzure ibifise ubuzima nk’uko amoko yavyo ari: ibikoko vy’ibitungwa, ibikoko vyikwega hasi n’ibikoko vyo mw’ishamba." Nuko biba uko nyene. 25 Imana irema ibikoko vyo mw’ishamba, ibikoko vy’ibitungwa n’ibikoko vyikwega hasi, vyose nk’uko amoko yavyo ari. Kandi Imana ibona ko ari vyiza.

26 Nuko Imana iravuga iti: "Tureme abantu mw’ishusho yacu, base natwe, baheze baganze amafi yo mu mazi, inyoni zo mu kirere, ibikoko vyose vy’ibitungano, ivyo mw’ishamba hamwe n’ibikoko bigenda vyikwega hasi vyose."

27 Nuko Imana irema abantu mw’ishusho yayo.

Mw’ishusho yayo ni ho yabaremye;

ibarema ari umugabo n’umugore.

28 Nuko Imana irabahezagira, ivuga iti: "Nimurondoke mugwire; mwuzure isi kandi muyiganze. Muganze amafi yo mu biyaga, inyoni zo mu kirere hamwe n’ibindi biremwa vyose bigendagenda kw’isi."

29 Maze Imana iravuga iti: "Ndabahaye ibiterwa vyose bifise imbuto hamwe n’ibiti vyama ivyamwa bifise imbuto muri vyo biri kw’isi yose. Bizobabera ivyokurya. 30 Ibikoko vyose vyo kw’isi n’inyoni zose zo mu kirere, ibikoko vyose bigenda vyikwega hasi; ni ukuvuga ibifise ubuzima vyose; ndabihaye ivyatsi ngo bibibere ivyokurya." Nuko bigenda uko nyene.

31 Maze Imana yihweza ivyo yaremye vyose, ibona ko ari vyiza cane. Nuko haza umugoroba hanyuma igitondo; uwo uba umusi wa gatandatu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-