1 Hanyuma Aburahamu arongora uwundi mugore yitwa Ketura, 2 bavyarana Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani, Ishibaki na Shuwa. 3 Yokishani na we avyara Sheba na Dedani. Abakomotse kuri Dedani ni Abashuri, Abaletushi n’Abaleyuli. 4 Bene Midiyani ni Efa, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya. Urwo ni rwo ruvyaro Aburahamu yavyaranye na Ketura.
5 Nuko Aburahamu araga Isaka ivyo yari afise vyose. 6 Ariko imbere y’uko apfa, agabira abahungu yavyaye ku ncoreke ziwe, aca abarungika mu gihugu co mu buseruko kugira ngo abatandukanye na Isaka umuhungu wiwe.
7 Aburahamu yapfuye amaze imyaka ijana na mirongo indwi n’itanu. 8 Nuko aracikana, apfa yisaziye neza, ageze mu zabukuru; ahamvya ba sekuruza. 9 Abahungu biwe Isaka na Ishimayeli bamuhamba mw’isenga ry’i Makapela hafi y’i Mamure, mw’itongo rya Efuroni mwene Zohari Umuheti. 10 Iryo tongo Aburahamu yari yariguriye Abaheti. Aho ni ho Aburahamu yahambwe hamwe na Sara umugore wiwe. 11 Aburahamu amaze gupfa, Imana ihezagira Isaka umuhungu wiwe, kandi yaba hafi y’iriba rya Beyeri-Lahayi-Royi.
12 Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Ishimayeli umuhungu Aburahamu yavyaye kuri Hagari, incoreke ya Sara y’Umunyegiputakazi.
13 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Ishimayeli, nk’uko bakurikirana:
imfura yiwe ni Nebayoti,
hagakurikira Kedari, Adibeyeli, Mibusamu,
14 Mishima, Duma, Masa,
15 Hadadi, Tema, Yeturi,
Nafishi na Kedema.
16 Aba ni bo bahungu icumi na babiri ba Ishimayeli. Umwe wese yabaye umukuru w’umuryango witirirwa izina ryiwe kandi aho babaye n’aho bacumbitse hitirirwa amazina yabo.
17 Ishimayeli yamaze imyaka ijana na mirongo itatu n’indwi, hanyuma aracikana ahamvya ba sekuruza. 18 Abakomotse kuri Ishimayeli babaye mu karere kava i Havila gushika i Shuri, mu buseruko bwa Egiputa utumbereye ahitwa Ashuri. Kandi babana nabi n’incuti zabo.
19 Uru ni rwo rukurikirane rw’abakomoka kuri Isaka, umuhungu wa Aburahamu.
Aburahamu yavyaye Isaka. 20 Isaka amaze imyaka mirongo ine, arongora Rebeka, umukobwa wa Betuweli Umwaramu w’i Padani-Aramu, akaba na mushiki wa Labani Umwaramu.
21 Nuko Isaka asenga Uhoraho ku bw’umugore wiwe, kuko yari ingumba. Imana yishura isengesho rya Isaka, maze Rebeka asama inda y’amahasa. 22 Kubera ko abo bana baguma bagwanira mu nda yiwe, Rebeka aja kubaza Uhoraho ati: "Ni kuki ibi binshikiye?"
23 Uhoraho aramubwira ati:
"Mu nda yawe hari amahanga abiri,
uzovyara ubwoko bubiri bwankana;
bumwe buzoba ubukomeye kurusha ubundi,
kandi bukuru azokorera butoyi."
24 Hageze kuvyara, Rebeka asanga afise inda y’amahasa. 25 Uwavutse ubwa mbere yaratukura kandi umubiri wiwe wari wuzuye ubwoya nk’impuzu y’ubwoya, baca bamwita Esawu. 26 Uwa kabiri yavutse ikiganza ciwe gifashe igitsintsiri ca Esawu; na we bamwita Yakobo. Igihe bavuka, Isaka yari amaze imyaka mirongo itandatu.
27 Abo bahungu bamaze gukura, Esawu aba umuhigi w’umuhinga kandi yakunda kugendagenda mu gahinga. Ariko Yakobo yari umuntu atekereje yakunda kuguma i muhira mu mahema. 28 Isaka yakunda Esawu kuko yakunda inyama yamuzanira avuye guhiga, ariko Rebeka yakunda Yakobo.
29 Umusi umwe, Yakobo yariko arateka isupu, hanyuma Esawu ashika i muhira avuye mu gahinga, arushe cane kandi ashonje. 30 Esawu abwira Yakobo ati: "Ndakwinginze umpe kuri iyo supu yawe itukura, kuko ngira mpfe n’inzara!" Ni co gituma Esawu yiswe Edomu, bisigura "gutukura".
31 Yakobo aramubwira ati: "Banza umpebere uburenganzira bwawe bwo kuba samuragwa."
32 Esawu ati: "None ko ngira mpfe, ukwo kuba samuragwa kumariye iki ubu?"
33 Yakobo ati: "Banza undahire." Nuko Esawu arahira Yakobo ko amuhebeye uburenganzira kwo kuba samuragwa.
34 Nuko Yakobo aha Esawu umukate na ya supu y’inkore, na we ararya arongera aranywa, hanyuma arahaguruka arigira.
Uko ni ko Esawu yahaye agaciro gato uburenganzira bwo kuba samuragwa.