Publicidade

Gênesis 37

Indoto za Yosefu

1 Nuko Yakobo aba i Kanani, igihugu se yabayemwo nk’umunyamahanga.

2 Iyi ni yo nkuru y’umuryango wa Yakobo.

Yosefu amaze imyaka icumi n’indwi, yaciye atangura kuja kuragira ibitungwa na bene se, abahungu ba Biluha na Zilupa, abagore b’ihari ba se, maze akama abwira se ibibi bakora.

3 Isirayeli yarakunda Yosefu kuruta abandi bahungu biwe bose kuko yamuvyaye ageze mu zabukuru; kandi yari yaramukoreye ikanzu ndende y’amabara menshi. 4 Bene se babonye ko se amukunda kuruta uko abakunda, baca baramwanka ku buryo batashobora kumuvugisha n’umutima mwiza.

5 Ijoro rimwe Yosefu ararota, ariko abwiye bene se ivyo yarose, baca barushiriza kumwanka. 6 Yababwiye ati: "Umviriza indoto nagize. 7 Twari mu mirima turiko turatekera imikama y’ingano, nja mbona umuganda wanje urahagurutse, maze imiganda yanyu ica irawukikuza, yunama imbere yawo."

8 Bene se baramubwira bati: "Ushatse kuvuga ko uzoba umwami wacu canke ko uzotubera umutware?" Nuko indoto ziwe n’amajambo yavuga bituma barushiriza kumwanka.

9 Mu nyuma Yosefu yongera kurota, aca abwira bene se ivyo yarose, ati: "Nimunyumvirize, nasubiye kurota. Nabonye izuba, ukwezi n’inyenyeri icumi n’imwe vyunama imbere yanje."

10 Iyo ndoto yongera ayibwira na se, na we aramukankamira ati: "Iyo ndoto ni bwoko ki? Wibaza ko nyoko, jewe n’abo muvukana tuzoza tukunama tugashika hasi imbere yawe?" 11 Ariko naho bene se bamugirira inzigo, se we yagumye avyiyumvirako.

Yosefu agurishwa na benewabo

12 Igihe kimwe, bakuru ba Yosefu bari bagiye i Shekemu kuragira imikuku ya se. 13 Umusi umwe, Isirayeli abwira Yosefu ati: "Bakuru bawe baragiye imikuku i Shekemu. Ingo uje kubaraba."

Yosefu arishura ati: "Nditeguye kugenda, data."

14 Se aramubwira ati: "Genda urabe ko bakuru bawe bakomeye, n’uko imikuku imerewe, hanyuma uheze ugaruke umbwire." Nuko amurungikira mu kiyaya ca Heburoni.

Yosefu ashitse i Shekemu, 15 haza umuntu amusanga ayerera mu gahinga, uwo muntu aramubaza ati: "Urondera iki?"

16 Yosefu aramwishura ati: "Ndondera bakuru banje. Woba uzi aho baragiye imikuku?"

17 Wa muntu aramwishura ati: "Egome, bahoze hano ariko barahavuye. Numvise bavuga ko bagiye i Dotani."

Nuko Yosefu akurikira bene se abasanga i Dotani. 18 Bene se bamubonye akiri kure, baramumenya. Atarabashikira, bagira inama yo kumwica.

19 Baravugana bati: "Karosi araje! 20 Nimuze tumwice, duterere ikiziga ciwe mu kinogo. Maze tuzovuga ko igikoko camuriye, duheze turabe ico indoto ziwe zivamwo!"

21 Reyubeni yumvise iyo nama, agerageza gutabara Yosefu. Aravuga ati: "Ntimumwice. 22 Ntimusese amaraso. Ahubwo muterere muri iki kinogo, ariko amaboko yacu ntamukoreko." Reyubeni yashaka kuraba ingene yotabara Yosefu, akamusubiza kwa se.

23 Yosefu ashitse aho bene se bari, baca baramufata bamwambura ya kanzu ndende y’amabara menshi yari yambaye, 24 bamuterera muri ca kinogo. Ico gihe nta mazi yari muri ico kinogo.

25 Hanyuma baca baricara ngo barye. Bunamuye amaso, babona umugwi w’Abishimayeli bari bavuye i Gileyadi baja muri Egiputa. Ingamiya zabo zari zikoreye ibimota neza vyitwa guma, balimu na mira.

26 Yuda abwira bene se ati: "Mbega vyotumarira iki kwica umuvukanyi, tugahisha ko twamwishe? 27 Hako tumugirira nabi, reka tumugurishe kuri barya Bishimayeli. Erega ni umuvukanyi, asangiye amaraso natwe." Nuko abo bavukana baremera.

28 Ba badandaza b’Abamidiyani bahashitse, bakuru ba Yosefu bamukura muri ca kinogo, bamugurisha kuri abo Bishimayeli shekeli mirongo ibiri z’ifeza, na bo bamujana muri Egiputa.

29 Reyubeni agarutse kuri ca kinogo, asanga Yosefu si yo akiri. Yitaburirako impuzu ababaye, 30 agaruka aho bene se bari aravuga ati: "Wa mwana si yo akiri, none ndabigenza gute?"

31 Nuko bafata impene barayibaga, bashira ya kanzu ya Yosefu mu maraso. 32 Maze bafata ya kanzu ndende y’amabara menshi bayishira se, baramubwira bati: "Ehe ico twatoye! Raba ko yoba ari ya kanzu y’umwana wawe."

33 Maze se aca arayimenya ubwo nyene, aravuga ati: "Ni ikanzu y’umwana wanje! Igikoko caramuriye; Yosefu yaratabaguwe n’igikoko."

34 Nuko Yakobo yitaburirako impuzu, yambara impuzu zo kugandara, amara igihe kirekire agandariye umuhungu wiwe. 35 Abahungu biwe n’abakobwa biwe bagerageza kumuhoza, ariko arabankira, avuga ati: "Nzorinda mpfa nkigandariye umwana wanje." Nuko abandanya aririra Yosefu, umwana wiwe.

36 Ba Bamidiyani bagurisha Yosefu muri Egiputa kuri Potifari, umwe mu basoda bakuru ba Farawo, umwami wa Egiputa. Potifari ni we yatwara abasoda barinda ikirimba c’umwami.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-