1 Nuko Aburamu ava muri Egiputa asubira i Negebu, ari kumwe n’umugore wiwe Sarayi, n’umuhungwabo Loti, n’ivyo bari batunze vyose. 2 Ico gihe Aburamu yari afise ibitungwa vyinshi, n’ifeza n’inzahabu.
3 Nuko ava ni Negebu, agenda aracumbika, ashika i Beteli, muri ca kibanza cari hagati ya Beteli na Hayi, aho yari yarashinze amahema ubwa mbere. 4 Aho ni ho Aburamu yari yarubatse igicaniro, akahasengera Uhoraho.
5 Loti, umwe yagumye agendana na Aburamu, na we yari afise ibitungwa bininibinini na bitobito hamwe n’amahema. 6 Ariko aho hantu bari ntihashobora kubakwira bari kumwe, kuko ivyo bari batunze vyari vyinshi bituma badashobora kugumana. 7 Nuko haduka impari hagati y’abungere b’imikuku ya Aburamu n’ab’imikuku ya Loti. Muri ico gihe, Abanyakanani n’Abaperizi ni bo baba muri ico gihugu.
8 Aburamu abwira Loti ati: "Ntihakwiye kuba impari hagati y’abungere bawe n’abanje, kuko turi incuti. 9 Igihugu cose kiri imbere yawe. Ndakwinginze tuvane. Niwahitamwo i bubamfu, ndaja i buryo; niwahitamwo i buryo, ndaja i bubamfu."
10 Nuko Loti yunamura amaso araba ikiyaya ca Yorodani yerekeye i Zowari. Ako karere karimwo inzuzi nyinshi, nk’itongo ry’Uhoraho canke nk’igihugu ciza ca Egiputa. Aho hari imbere y’uko Uhoraho arandura ibisagara vya Sodomu na Gomora. 11 Maze Loti yihitiramwo ikiyaya cose ca Yorodani agenda atumbereye mu buseruko. Uko ni ko bavanye. 12 Nuko Aburamu ahitamwo kuba mu gihugu c’i Kanani, Loti na we aja kuba mu bisagara vyo muri ca kiyaya, ashinga amahema yiwe hafi y’i Sodomu. 13 Abantu b’i Sodomu bakora ibibi vyinshi kandi bacumura k’Uhoraho.
14 Loti amaze kugenda, Uhoraho abwira Aburamu ati: "Unamura amaso yawe uhereye aha uri, urabe mu mihingo yose: mu buraruko, mu bumanuko, mu buseruko no mu burengero. 15 Iki gihugu cose ubona nzokiguha wewe n’uruvyaro rwawe kibe icanyu ibihe vyose. 16 Uruvyaro rwawe nzorugwiza nk’umukungugu wo kw’isi ku buryo ata muntu azoshobora kubaharura. 17 Gendagenda mu gihugu cose, kuko ndakikugabiye."
18 Nuko Aburamu yimura amahema yiwe aja kuba i Heburoni hafi y’ibiti binini vya Mamure. Aho na ho ahubakira Uhoraho igicaniro.