1 Nuko Adamu aryamana na Eva umugore wiwe, na we asama inda, avyara umwana bamwita Kayini. Aravuga ati: "Navyaye umuntu ndabifashijwemwo n’Uhoraho!" 2 Mu nyuma avyara uwundi mwana w’umuhungu, bamwita Abeli.
Bamaze gukura, Abeli aba umwungere w’intama, Kayini na we aba umurimyi. 3 Igihe kimwe, Kayini azana bimwe mu vyimburwa vyiwe abitanga nk’ishikanwa imbere y’Uhoraho. 4 Abeli na we azana intama zavutse ubwa mbere, arazibaga, atanga inyama zazo zinuze nk’ishikanwa. Nuko Uhoraho ashima ishikanwa rya Abeli, 5 ariko ntiyashima Kayini n’ishikanwa ryiwe. Maze ivyo bituma Kayini ashavura cane, ariraburanirwa.
6 Uhoraho abaza Kayini ati: "Ni kuki ushavuye utyo? Ni kuki wiraburaniwe? 7 Niwakora ibitunganye, uzoshimwa. Ariko niwakora ibidatunganye, icaha kibunze ku muryango kandi gishaka kukuganza, ariko ukwiye kukinesha."
8 Umusi umwe Kayini abwira murumunawe Abeli ati: "Ingo tujane mu mirima." Bashitseyo, Kayini ahindukirira murumunawe Abeli, aramwica.
9 Hanyuma Uhoraho abaza Kayini ati: "Murumunawe Abeli ari hehe?"
Na we arishura ati: "Sindabizi. None ni jewe njejwe kuragira murumunanje?"
10 Uhoraho aravuga ati: "Ivyo wakoze ni ibiki? Amaraso ya murumunawe ariko arasemerera ampamagara avugira mw’ivu! 11 Ubu rero uravumwe kandi urirukanywe kuri iyi si yasamye ikamira amaraso ya murumunawe. 12 Niwarima, nta co uzokwimbura. Uzoba inyererezi igendagenda kw’isi."
13 Kayini yishura Uhoraho ati: "Igihano ndonse kiraremereye kandi kirandengeye. 14 Unyirukanye muri kino gihugu kandi unyirukanye imbere yawe. Ungize inyererezi itagira aho iba kw’isi kandi umuntu wese azombona ashobora kunyica."
15 Uhoraho aramwishura ati: "Oya, si ko bizogenda. Umuntu azokwica Kayini azobihanirwa incuro indwi." Nuko Uhoraho ashira kuri Kayini ikimenyetso co kugabisha kugira ngo uwuzomubona ntazomwice. 16 Nuko Kayini ava imbere y’Uhoraho, aja kuba mu gihugu c’i Nodi, mu buseruko bwa Edeni.
17 Maze Kayini aryamana n’umugore wiwe, na we asama inda avyara umwana bamwita Enoki. Kayini yubaka igisagara, acita Enoki, acitiriye umuhungu wiwe. 18 Enoki avyara umwana amwita Iradi; Iradi na we avyara Mehuyayeli; Mehuyayeli na we avyara Metushayeli; Metushayeli na we avyara Lameki.
19 Lameki arongora abagore babiri, umwe yitwa Ada uwundi Zila. 20 Ada avyara Jabali, maze Jabali aba sekuruza w’ababa mu mahema kandi b’aborozi. 21 Murumunawe yitwa Jubali. Uwo na we yabaye sekuruza w’abavuza inanga n’imyironge. 22 Zila na we avyara umwana amwita Tubali-Kayini. Na we yabaye umuhinga mu gucura ibikoresho mu mwakaka no mu vyuma. Tubali-Kayini yari afise mushikiwe yitwa Nama.
23 Umusi umwe Lameki abwira abagore biwe ati:
"Ada na Zila, nimunyumvirize,
bapfasoni banje, nimwumve amajambo yanje.
Narishe umuntu kuko yankomerekeje,
nica n’umusore kuko yankubise.
24 Nimba uwishe Kayini abihanirwa incuro indwi,
uwishe Lameki we azobihanirwa incuro mirongo indwi n’indwi."
25 Adamu yongera kuryamana n’umugore wiwe, na we avyara umuhungu amwita Seti, kuko yavuga ati: "Imana impaye uwundi mwana mu kibanza ca Abeli, uwo Kayini yishe." 26 Seti na we avyara umuhungu, amwita Enoshi.
Muri ico gihe abantu ni ho batangura kwambaza izina ry’Uhoraho.