1 Abantu bamaze kugwira kw’isi bakavyara abakobwa, 2 abana b’Imana babonye ko abo bakobwa b’abantu ari beza, maze barongora abo bihitiyemwo. 3 Uhoraho aravuga ati: "Mpwemu wanje ntazokwama yihanganira abantu, kuko ari imibiri ipfa gusa. Kuva ubu ntibazorenza imyaka ijana na mirongo ibiri."
4 Muri iyo misi, no mu misi yakurikiye, kw’isi haba ibigatanya vy’Abanefilimu. Aho ni igihe abana b’Imana begera abakobwa b’abantu bakavyarana na bo. Abo ni bo bahizi ba kera, abantu ba rurangiranwa.
5 Maze Uhoraho abona ingene ibibi abantu bakora vyabaye vyinshi kw’isi, n’ingene ivyo bakora n’ivyo biyumvira imisi yose ari ibibi gusa. 6 Ivyo bituma Uhoraho yicuza igituma yararemye abantu akabashira kw’isi, umutima wiwe wuzura umubabaro. 7 Uhoraho aravuga ati: "Ngiye kurandura aba bantu bose naremye ndabakure kw’isi. Nzobarandurana n’ibikoko bininibinini na bitobito, ivyikwega hasi n’inyoni zo mu kirere, kuko ndicujije icatumye ndabirema." 8 Ariko Nowa we Uhoraho amugirira ubuntu.
9 Iyi ni yo nkuru ya Nowa n’umuryango wiwe.
Nowa yari umugororotsi, ni we muntu wenyene yaba kw’isi muri ico gihe atagira umugayo kandi yagendana n’Imana. 10 Nowa yari afise abahungu batatu: Shemu, Hamu na Yafeti.
11 Muri ico gihe, isi yari yarononekaye mu maso y’Imana, yuzuyemwo ubugizi bwa nabi. 12 Nuko Imana yihweza ingene isi yononekaye, kuko abantu bose bo kw’isi bakora ibibi, 13 maze ibwira Nowa iti: "Nafashe ingingo yo kurandura abantu bose, kuko isi yuzuye ibibi ku bwabo. Ngiye kubarandurana n’isi! 14 Wewe niwibazire ubwato mu giti citwa goferi. Uze ubushiremwo ivyumba hanyuma ubuhomeshe ikaburimbi imbere n’inyuma. 15 Uku ni ko uzobukora: uburebure buze bube ingero z’igice c’ukuboko amajana atatu, ubwaguke ingero z’igice c’ukuboko mirongo itanu, uburebure bw’igihagararo na bwo ingero z’igice c’ukuboko mirongo itatu. 16 Uze usakare ubwo bwato, ariko usigaze umwanya wuguruye ungana n’ingero y’igice c’ukuboko imwe musi y’igisakazo. Uze kandi ushire umuryango mu mbavu, hanyuma wubake ibisenge bitatu, ico hasi, ico hagati n’ico hejuru. 17 Ngiye guteza umwuzure kw’isi uzorandura ikintu cose kizima musi y’ijuru. Ikintu cose kiri kw’isi kizopfa. 18 Ariko nzogirana isezerano nawe. Uze winjire mu bwato, wewe n’umugore wawe, n’abahungu bawe n’abagore babo. 19 Uze winjirane mu bwato bibiribibiri mu bifise ubuzima vyose, ikigabo n’ikigore mu bwoko bwose bw’ibikoko, kugira ngo bikirane nawe. 20 Inyoni zibirizibiri mu bwoko bwose bw’inyoni, ibikoko bibiribibiri vyo mu bwoko bwose bw’ibikoko bininibinini, n’ivyikwega hasi; vyose bizoza aho uri kugira ngo bikirane nawe. 21 Kandi uze wibuke kujana ivyokurya bikwiye umuryango wawe n’ibikoko vyose."
22 Nuko Nowa akora vyose nk’uko Imana yabimutegetse.