1 Yakobo yumvise ko muri Egiputa hari ingano, abwira abahungu biwe ati: "Ni kuki muguma ngaha murabana mu maso? 2 Narumvise ko hari ingano muri Egiputa. Nimugende mugure ingano zikwiye kugira ngo tube turamaze kabiri, ntidupfe."
3 Nuko bene se ba Yosefu icumi baja muri Egiputa kugura ingano. 4 Ariko Yakobo ntiyarungika Benyamini, murumuna wa Yosefu, kuko yatinya ko hagira ikibi kimushikira. 5 Nuko ba bahungu ba Isirayeli bajana n’abandi muri Egiputa kugura ingano, kuko no mu gihugu c’i Kanani na ho hari amapfa.
6 Yosefu ni we yatwara igihugu ca Egiputa cose, kandi ni na we yari ajejwe kugurisha ingano ku bantu bose. Nuko bene se bashika aho ari, barunama bashika hasi imbere yiwe. 7 Yosefu ababonye aca arabamenya, ariko aca yifata nk’uwutigeze abamenya. Ababazanya amanyama ati: "Muva he?"
Baramwishura bati: "Tuva mu gihugu c’i Kanani, tuje kugura ivyokurya."
8 Naho Yosefu yamenye bene se, bo ntibashoboye kumumenya. 9 Nuko Yosefu yibuka indoto yigeze kugira kuri bo, arababwira ati: "Mwebwe muri abatasi! Muje kuraba aho igihugu cacu gifise intege nke!"
10 Baramwishura bati: "Oya, nyakwubahwa! Twebwe abasavyi bawe twaje kugura ivyokurya gusa. 11 Twese turavukana. Ntituri abatasi nyakwubahwa, turi abantu b’intungane."
12 Ariko arabishura ati: "Oya muri bo! Mwazanywe no kuraba intege nke z’igihugu cacu."
13 Baramwishura bati: "Nyakwubahwa, twese hamwe twavukana turi icumi na babiri. Twebwe abasavyi bawe tuvuka kuri data umwe kandi tuva mu gihugu c’i Kanani. Umuhererezi wacu yasigaranye na data; ariko hariho umwe atakiriho."
14 Ariko Yosefu arababwira ati: "Nk’uko nabivuze, muri abatasi! 15 Uku ni ko ngira ndabageze: ndabarahiye mw’izina rya Farawo ko mudashobora kuva muri Egiputa, mutabanje kuzana umuhererezi wanyu. 16 Umwe muri mwebwe ategerezwa kuja kumuzana. Abasigaye mba ndabashira mw’ibohero kugeza mbonye ko ivyo mwavuze ari ukuri canke ko ari ibinyoma. Ndabarahiye mw’izina rya Farawo, ninasanga ata muhererezi mufise, muzoba muri abatasi." 17 Nuko Yosefu abashira mw’ibohero imisi itatu.
18 Ku musi wa gatatu, Yosefu arababwira ati: "Jewe ndubaha Imana, nimwakora ivyo ndababwiye, nta co muba. 19 Nimba muri abantu b’intungane, nimuhitemwo umwe muri mwebwe aguma mw’ibohero. Hanyuma abasigaye murashobora gutaha mujaniye ingano imiryango yanyu iriko iricwa n’inzara. 20 Ariko mutegerezwa kunzanira umuhererezi wanyu. Ico ni co kizonyemeza ko muvuga ukuri, maze bitume ntabica." Nuko baravyemera.
21 Baravugana bati: "Biragaragara ko turiko turishura ivyo twakoreye umuvukanyi wacu. Twarabonye agahinda yari afise igihe yariko aradusaba adutakambira, ariko ntitwamwumvirije. Ni co gituma ibi vyago bidushikiye."
22 Reyubeni arababwira ati: "Sinabasavye ngo ntimugire ikibi mumukorera, ariko ntimunyumvirize? Ubu rero turiko turishura urupfu rwiwe." 23 Ntibari bazi ko Yosefu yumva ivyo bariko baravugana, kuko yabavugisha akoresheje uwumusigurira.
24 Nuko Yosefu aca yigira hirya ararira. Mu nyuma aragaruka avugana na bo. Nuko afata Simeyoni, avuga ko bamuboha bose babibona.
25 Nuko Yosefu asaba ko buzuza imifuko yabo ingano, kandi ko bashira amahera yabo muri iyo mifuko. Yongera abaha n’ivyo bagenda bararya mu rugendo. 26 Nuko bene se ba Yosefu bashira ya mifuko ku ndogoba zabo baragenda.
27 Bashitse aho barara, umwe muri bo yugurura umufuko wiwe ngo agaburire indogoba, asangamwo amahera yiwe hejuru mu mufuko. 28 Ahamagara bene se arababwira ati: "Ehe raba! Bansubije amahera; ari hano mu mufuko!"
Nuko baca bacika intege kubera ubwoba, babazanya bajugumira bati: "Ibi ni ibiki Imana itugiriye?"
29 Bashitse kwa se Yakobo, i Kanani, bamubwira ivyabashikiye vyose, bati: 30 "Umuntu atwara ico gihugu yatuvugishe adukarira cane, atwagiriza ko tuje gutata igihugu ciwe. 31 Ariko twaramubwiye tuti: ‘Turi abantu b’intungane, ntituri abatasi. 32 Tuvukana turi icumi na babiri, kandi dufise data umwe. Umwe ntakiriho, umuhererezi na we yasigaranye na data mu gihugu c’i Kanani.’
33 Uwo mugabo aganje ico gihugu aratubwira ati: ‘Iki ni co kizonyereka ko muri abantu b’intungane: umwe muri mwebwe ndamusigarana, hanyuma abandi mugende, mushire ingano imiryango yanyu iriko iricwa n’inzara. 34 Ariko mutegerezwa kunzanira umuhererezi wanyu. Ico ni co kizonyereka ko muri abantu b’intungane, ko mutari abatasi. Nanje nzoca ndabasubiza umuvukanyi wanyu, kandi nzoca ndabareka mugire urudandazwa muri iki gihugu.’ "
35 Bariko barapfundurura imifuko yabo, umwe wese asangayo agafuko karimwo amahera yiwe; babonye ayo mahera na se akayabona, bose bagira ubwoba. 36 Nuko Yakobo arababwira ati: "Mushaka kuntwara abana banje bose! Yosefu yarapfuye, Simeyoni aragiye, none ubu na ho mugira muntware Benyamini na we! Ibi vyose ni jewe bibayeko!"
37 Ariko Reyubeni abwira se ati: "Nintakugarukanira Benyamini, uzoce wica abahungu banje babiri. Wewe mumpe gusa, ndakwemereye ko nzomukugarukanira."
38 Ariko Yakobo aramwishura ati: "Umwana wanje ntazosubiranayo namwe. Mukuruwe Yosefu yarapfuye, uwu ni we nsigaranye gusa. Nihagira ikimushikira mu nzira, muzotuma jewe umutama njana agahinda mu mva."