1 Uhoraho asubira kwiyereka Aburahamu ku biti binini vya Mamure yicaye mu muryango w’ihema ryiwe. Muri uwo mwanya hari hashushe cane. 2 Aburahamu yunamura amaso araraba, maze abona abagabo batatu bahagaze hafi yiwe. Ababonye ava mu muryango w’ihema yiruka kubasanganira, yikubita hasi imbere yabo yubamye.
3 Aravuga ati: "Ba nyakwubahwa, nimba ngiriwe ubuntu imbere yanyu, ndabasavye mushike iwanje, jewe umusavyi wanyu. 4 Munkundire ndabazanire amazi makeya mwoge ibirenge, hanyuma muruhukire musi y’igiti. 5 Kandi ko mwangiriye ubuntu jewe umusavyi wanyu mugashika iwanje, munkundire ndabazimane, kugira ngo mugire intege zo kubandanya urugendo."
Na bo baramwishura bati: "Bikore nk’uko ubivuze."
6 Nuko Aburahamu yinjira yihuta mw’ihema aho Sara yari ari aramubwira ati: "Nyarutsa ufate ingero seya zitatu z’ifu ya mbere nziza, ugire igikandu hanyuma ukore imikate."
7 Hanyuma Aburahamu yiruka iyo imikuku yari iri afata inyana nini ivyibushe, ayiha umwe mu bakozi biwe, na we yihutira kuyitegura. 8 Maze Aburahamu azana amata y’urubu, ay’ifyufyu n’inyama za ya nyana bateguye, abizimana ba bagabo. Bariko bararya, Aburahamu ahagarara hafi yabo musi y’igiti.
9 Baramubaza bati: "Sara umugore wawe ari he?"
Na we arabishura ati: "Ari aho mw’ihema."
10 Maze umwe muri bo aravuga ati: "Nzogaruka iwawe igihe nk’iki umwaka uza, kandi Sara umugore wawe azoba afise umwana w’umuhungu."
Muri ako kanya, Sara yari mu muryango w’ihema ryari inyuma y’uwariko aravuga yumviriza. 11 Aburahamu na Sara bari bakuze cane, kandi Sara yari yararengeje imyaka yo kuvyara. 12 Nuko Sara aratwenga yivugana ati: "Ko ndi akaheze, n’umwami wanje na we akaba ashaje, mbega ivyo vyoba bikindyohera?"
13 Uhoraho abaza Aburahamu ati: "Ni kuki Sara atwenze akavuga ati: ‘Mbega umutamakazi nkanje noba nkironka umwana?’ 14 Mbega hari ikintu kidashobokera Uhoraho? Aho nzogarukira igihe nk’iki umwaka uza, Sara azoba afise umwana w’umuhungu."
15 Nuko Sara agira ubwoba, arahakana ati: "Sinatwenze."
Ariko Uhoraho aramwishura ati: "Watwenze koko."
16 Hanyuma ba bagabo bava aho, bagenda batumbereye i Sodomu. Aburahamu ajana na bo abaherekeje. 17 Uhoraho aribwira ati: "Mbega noshobora guhisha Aburahamu ico nshaka gukora? 18 Ehe agiye kuba sekuruza w’ihanga rinini kandi amahanga yose yo kw’isi azohezagirwa biciye kuri we. 19 Naramuhisemwo kugira ngo arongore abana biwe n’abo mu nzu yiwe n’abazovuka inyuma yiwe, kugira ngo bagendere mu nzira z’Uhoraho bakore ibigororotse kandi bace imanza ziroranye, kugira ngo nzoshitse kuri Aburahamu ivyo namusezeraniye."
20 Nuko Uhoraho abwira Aburahamu ati: "Urwamo rwagiriza Sodomu na Gomora ni rwinshi cane kandi ivyaha vyabo birateye ubwoba. 21 Manutse kuraba ko ivyo bakoze bijanye n’urwamo rwanshikiriye, biba vyo bitaba vyo, ndabimenya."
22 Ba bagabo barahindukira bagenda batumbereye i Sodomu, ariko Aburahamu aguma ahagaze imbere y’Uhoraho. 23 Aburahamu aramwegera aramubaza ati: "None ugiye kurandurana abagororotsi n’abanyakibi? 24 Hamwe wosanga hariyo abantu mirongo itanu b’abagororotsi muri kirya gisagara, na ho nyene wokirandura; ntiwogihangaza ku bwabo? 25 Oya ntiwokora ikintu gisa n’ico; ntiworandura abagororotsi hamwe n’abanyakibi; ngo umugororotsi afatwe co kimwe n’umunyakibi. Ivyo ntibikabe! Mbega Umucamanza w’isi yose ntakwiye gukora ibigororotse?"
26 Uhoraho aramwishura ati: "Ninasanga hari abagororotsi mirongo itanu i Sodomu, igisagara cose ndagihangaza ku bwabo."
27 Aburahamu arabandanya ati: "Umpangaze, nubahutse kuvugana n’Imana kandi ndi umukungugu n’umunyota. 28 Mbega hamwe wosanga ari mirongo ine na batanu, badashika mirongo itanu, na ho nyene worandura igisagara cose kubera abo batanu babuze?"
Uhoraho arishura ati: "Ninasanga hari abagororotsi mirongo ine na batanu i Sodomu, sindakirandura."
29 Aburahamu yongera kubaza ati: "Hamwe ho wosanga ari mirongo ine gusa?"
Uhoraho arishura ati: "Na ho nyene sindakirandura ku bw’abo mirongo ine."
30 Aburahamu aravuga ati: "Mwami, ndasavye ntunshavurire, umpangaze mvuge. Hamwe ho wosanga ari mirongo itatu?"
Uhoraho arishura ati: "Sindabikora ninasanga ari mirongo itatu."
31 Aburahamu arabandanya ati: "Umpangaze, nubahutse kuvugana n’Imana kandi. Birashoboka ko wosanga ari mirongo ibiri gusa."
Uhoraho aramwishura ati: "Sindakirandura nibaba ari mirongo ibiri."
32 Ubwa nyuma Aburahamu arabaza ati: "Mwami, ndasavye ntunshavurire, umpangaze mvuge rimwe gusa. Hamwe wosanga hari icumi ho?"
Uhoraho aramwishura ati: "Ku bw’abo icumi sindakirandura."
33 Uhoraho ahejeje kuvugana na Aburahamu, abandanya inzira yiwe, Aburahamu na we asubira i muhira iwe.