Publicidade

Gênesis 14

Aburamu atabara Loti

1 Muri ico gihe, haduka intambara muri ako karere. Amurafeli umwami w’i Shinari, Ariyoki umwami w’i Elasari, Kedolawoma umwami w’i Elamu na Tidali umwami w’i Goyimu; 2 bose batera Bera umwami w’i Sodomu, Birusha umwami w’i Gomora, Shinabu umwami w’i Adima, Shemeberi umwami w’i Zeboyimu, n’umwami w’i Bela, ari ho Zowari. 3 Abo bami batanu bagize urunani bashira inguvu zabo hamwe mu kiyaya ca Sidimu, ari co kiyaya c’Ikiyaga c’Umunyu. 4 Bari bamaze imyaka icumi n’ibiri bakorera umwami Kedolawoma, maze mu mwaka ugira icumi na gatatu baramugarariza.

5 Mu mwaka ugira icumi na kane, umwami Kedolawoma azanana n’abami bafatanije na we batera Abarefayimu i Ashiteroti-Karunayimu, n’Abazuzi i Hamu, n’Abamiti i Shave Kiriyatayimu, 6 n’Abahori babaneshereza iwabo ku musozi Seyiri, babashitsa i Eliparani aho ubugaragwa bugarukira. 7 Maze basubira inyuma baja ahitwa Eni-Mishipati, ari ho Kadeshi, bigarurira igihugu cose c’Abamaleki, hamwe n’ic’Abamori baba i Hazazoni-Tamari.

8 Hanyuma umwami w’i Sodomu, uw’i Gomora, uw’i Adima, uw’i Zeboyimu n’uw’i Bela, ari ho i Zowari, barahagaruka baja hamwe bitegurira ingwano mu kiyaya c’i Sidimu 9 bahangana na Kedolawoma umwami w’i Elamu, na Tidali umwami w’i Goyimu, na Amurafeli umwami w’i Shinari na Ariyoki umwami w’i Elasari; abo bami bane bahangana na batanu. 10 Ikiyaya c’i Sidimu cari cuzuye ibinogo vyimbwemwo ikaburimbi, maze ingabo z’abami b’i Sodomu n’i Gomora bariko barahunga, bamwe muri bo bakorokera muri vya binogo, abandi na bo bahungira ku misozi. 11 Nuko ba bami bane baratsinda, begeranya ubutunzi bwose bw’i Sodomu n’i Gomora, n’ivyimburwa vyabo vyose barabijana. 12 Bajana na Loti wa muhungwabo na Aburamu yaba i Sodomu hamwe n’ivyiwe vyose.

13 Umwe mu bari bacitse kw’icumu araza abibwira Aburamu Umuheburayo, yaba hafi y’ibiti binini vya Mamure Umumori, yavukana na Eshikoli na Aneri; kandi abo bari bafatanije na Aburamu. 14 Aburamu yumvise ko umuhungwabo yagizwe imbohe, yegeranya abagabo amajana atatu na cumi n’umunani bavukiye iwe kandi bigishijwe ivyo kugwana, maze akurikira ba bami bane gushika i Dani. 15 Ahashitse agabura abantu biwe mu migwi, abatera mw’ijoro; maze anesha abo bami, arabakurikirana gushika i Hoba mu buraruko bw’i Damasiko. 16 Aburamu yegeranya ibintu vyose vyari vyibwe, agarukana n’umuhungwabo Loti hamwe n’ivyiwe vyose, n’abagore bose hamwe n’abandi bantu.

17 Aburamu atabarutse ahejeje kunesha umwami Kedolawoma n’abami bari bafatanije, umwami w’i Sodomu aza kumusanganira mu kiyaya c’i Shave, ari co bita ikiyaya c’umwami.

18 Maze Melekisedeki umwami w’i Salemu, akaba n’umuherezi w’Imana Musumbavyose amuzanira imikate n’umuvinyu. 19 Ahezagira Aburamu avuga ati:

"Aburamu aragahezagirwa n’Imana Musumbavyose,

yaremye ijuru n’isi.

20 Kandi iragahezagirwa Imana Musumbavyose,

yaguhaye kunesha abansi bawe."

Nuko Aburamu aha Melekisedeki ica cumi c’ivyo yari afise vyose.

21 Umwami w’i Sodomu abwira Aburamu ati: "Ndagusavye umpe abantu, ariko ugumane ibintu wagaruye."

22 Aburamu aramwishura ati: "Ndakurahiye imbere y’Uhoraho, Imana Musumbavyose, yaremye ijuru n’isi, 23 ko ata kintu na kimwe cawe ntwara, n’aho koba akanyuzi canke umugozi w’ikirato, kugira ngo ntuzohave uvuga uti: ‘Ni jewe natungishije Aburamu.’ 24 Jewe nta kintu na kimwe ntwara uretse ivyo abantu banje bariye. Ariko abo dufatanije Aneri, Eshikoli na Mamure barashobora kwakira imigabane yabo."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-